×

Surah Al-Mujadilah in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Mujadilah

Translation of the Meanings of Surah Mujadilah in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Mujadilah translated into Rundi, Surah Al-Mujadilah in Rundi. We provide accurate translation of Surah Mujadilah in Rundi - الكيروندية, Verses 22 - Surah Number 58 - Page 542.

بسم الله الرحمن الرحيم

قَدْ سَمِعَ اللَّهُ قَوْلَ الَّتِي تُجَادِلُكَ فِي زَوْجِهَا وَتَشْتَكِي إِلَى اللَّهِ وَاللَّهُ يَسْمَعُ تَحَاوُرَكُمَا ۚ إِنَّ اللَّهَ سَمِيعٌ بَصِيرٌ (1)
Mu vy’ukuri Imana iramaze kwumva imvugo y’umupfasoni aharira na wewe kubera umunega wiwe, kandi akabirega imbere y’Imana, nayo ikaba yumva ibihari vyanyu, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ibona
الَّذِينَ يُظَاهِرُونَ مِنكُم مِّن نِّسَائِهِم مَّا هُنَّ أُمَّهَاتِهِمْ ۖ إِنْ أُمَّهَاتُهُمْ إِلَّا اللَّائِي وَلَدْنَهُمْ ۚ وَإِنَّهُمْ لَيَقُولُونَ مُنكَرًا مِّنَ الْقَوْلِ وَزُورًا ۚ وَإِنَّ اللَّهَ لَعَفُوٌّ غَفُورٌ (2)
Bamwe muri mwebwe bahamagara aba tambukanyi babo yuko ari banyina babo abo si banyina babo, kuko ntibari kuba banyina babo atari bamwe babavyaye, rero bavuga imvugo mbi niy’ububeshi, n’Imana niyo nyene imbabazi n’ikigongwe gihagije
وَالَّذِينَ يُظَاهِرُونَ مِن نِّسَائِهِمْ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا قَالُوا فَتَحْرِيرُ رَقَبَةٍ مِّن قَبْلِ أَن يَتَمَاسَّا ۚ ذَٰلِكُمْ تُوعَظُونَ بِهِ ۚ وَاللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ خَبِيرٌ (3)
Na bamwe bahamagara abakenyezi babo yuko ari banyina babo, hanyuma bagasubira kuvuga muri yamvugo bavuga, rero nibahe umushumvyi uburenganzira bwiwe bw’ukwidegemvya imbere yuko bahuza nabo ibitsina, murahawe igabisho kuri ibi vyose, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose
فَمَن لَّمْ يَجِدْ فَصِيَامُ شَهْرَيْنِ مُتَتَابِعَيْنِ مِن قَبْلِ أَن يَتَمَاسَّا ۖ فَمَن لَّمْ يَسْتَطِعْ فَإِطْعَامُ سِتِّينَ مِسْكِينًا ۚ ذَٰلِكَ لِتُؤْمِنُوا بِاللَّهِ وَرَسُولِهِ ۚ وَتِلْكَ حُدُودُ اللَّهِ ۗ وَلِلْكَافِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٌ (4)
N’uwutazo ronka uwo mushumvyi ni yisonzeshe amezi abiri akurikirana imbere yuko bahuza ibitsina nuwo mukenyezi wiwe, nuwudashoboye kugira ivyo vyose, narishe abakene mirongo itandatu (60) aha mubwiwe gutyo kugira ngo mwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo, rero izo n’imbibe z’Imana, no kubatemera Imana yabo y’ukuri hariho ibihano bibabaza cane
إِنَّ الَّذِينَ يُحَادُّونَ اللَّهَ وَرَسُولَهُ كُبِتُوا كَمَا كُبِتَ الَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ ۚ وَقَدْ أَنزَلْنَا آيَاتٍ بَيِّنَاتٍ ۚ وَلِلْكَافِرِينَ عَذَابٌ مُّهِينٌ (5)
Mu vy’ukuri bamwe bahiganwa n’Imana hamwe n’intumwa yayo, abo bantu bazo teterezwa nkuko bateterejwe abamyeho imbere yabo, kandi turamaze kumanura amajambo y’Imana matagatifu ari k’umugaragaro, n’abatemera Imana yabo y’ukuri bazoronka ibihano bizoba tetereza
يَوْمَ يَبْعَثُهُمُ اللَّهُ جَمِيعًا فَيُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُوا ۚ أَحْصَاهُ اللَّهُ وَنَسُوهُ ۚ وَاللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ شَهِيدٌ (6)
Umusi Imana izozura abantu bose hanyuma ibabwire ivyo bagize vyose, nayo yabifashe nka nkama, nabo baravyibagiye, n’Imana niyo cabona kubintu vyose
أَلَمْ تَرَ أَنَّ اللَّهَ يَعْلَمُ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَمَا فِي الْأَرْضِ ۖ مَا يَكُونُ مِن نَّجْوَىٰ ثَلَاثَةٍ إِلَّا هُوَ رَابِعُهُمْ وَلَا خَمْسَةٍ إِلَّا هُوَ سَادِسُهُمْ وَلَا أَدْنَىٰ مِن ذَٰلِكَ وَلَا أَكْثَرَ إِلَّا هُوَ مَعَهُمْ أَيْنَ مَا كَانُوا ۖ ثُمَّ يُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُوا يَوْمَ الْقِيَامَةِ ۚ إِنَّ اللَّهَ بِكُلِّ شَيْءٍ عَلِيمٌ (7)
Mbega ntubona yuko Imana ifise ubumenyi bw’ibiri mumajuru yose hamwe n’ibiri kw’Isi? Ntihaboneka ubwongorerano bw’abantu batatu atari uko nayo iba ari iya kane muribo, canke abantu batanu atari uko ari iya gatandatu muribo, na bakeya cane gusumba abo, canke benshi gusumba abo, nuko iba iri kumwe nabo bose aho bari hose, hanyuma k’umusi w’imperuka izobabwira ivyo bagize vyose, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibintu vyose
أَلَمْ تَرَ إِلَى الَّذِينَ نُهُوا عَنِ النَّجْوَىٰ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا نُهُوا عَنْهُ وَيَتَنَاجَوْنَ بِالْإِثْمِ وَالْعُدْوَانِ وَمَعْصِيَتِ الرَّسُولِ وَإِذَا جَاءُوكَ حَيَّوْكَ بِمَا لَمْ يُحَيِّكَ بِهِ اللَّهُ وَيَقُولُونَ فِي أَنفُسِهِمْ لَوْلَا يُعَذِّبُنَا اللَّهُ بِمَا نَقُولُ ۚ حَسْبُهُمْ جَهَنَّمُ يَصْلَوْنَهَا ۖ فَبِئْسَ الْمَصِيرُ (8)
Ntubona bamwe babuzwa kwongorerana hanyuma barasubira kuvyo babujijwe, bakongorerana kubintu vy’ibicumuro hamwe nivy’ubwishime hamwe n’ivyukwiyonkora ku ntumwa y’Imana, n’igihe bashitse iwawe bakuramutsa n’indamutso itari indamutso yategetswe n’Imana mu kuramutswa kuriyo, bagaca bavuga mu mitima yabo bati:- mbega ni kuki Imana itaduhana kuri ibi vyose tuvuga, rero umuriro udahera witiriwe Jahannamu uzoba uhagije kuribo mu kubahana bazowinjira mwo, naho n’ahantu habi cane kubo subizwayo
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِذَا تَنَاجَيْتُمْ فَلَا تَتَنَاجَوْا بِالْإِثْمِ وَالْعُدْوَانِ وَمَعْصِيَتِ الرَّسُولِ وَتَنَاجَوْا بِالْبِرِّ وَالتَّقْوَىٰ ۖ وَاتَّقُوا اللَّهَ الَّذِي إِلَيْهِ تُحْشَرُونَ (9)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mugihe mwongoreranye n’abandi ntimwongorerane kubintu bijanye n’ibicumuro hamwe n’ukwishima n’uguhakana intumwa yayo, ahubwo ni muganire hejuru y’ukugira ineza n’ukutagira amabi, kandi nuku gamburukira Imana kuko kuriyo niho muzo kwegeranywa mwese
إِنَّمَا النَّجْوَىٰ مِنَ الشَّيْطَانِ لِيَحْزُنَ الَّذِينَ آمَنُوا وَلَيْسَ بِضَارِّهِمْ شَيْئًا إِلَّا بِإِذْنِ اللَّهِ ۚ وَعَلَى اللَّهِ فَلْيَتَوَكَّلِ الْمُؤْمِنُونَ (10)
Mu vy’ukuri ibiganiro bibi bivanye na Shetani kugira ngo ibatetereze bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri, mugabo ntishobora kuba girira inabi ku kintu icarico cose atari Imana yonyene ibishatse, rero aba Isilamu ni bizere Imana yabo gusa
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِذَا قِيلَ لَكُمْ تَفَسَّحُوا فِي الْمَجَالِسِ فَافْسَحُوا يَفْسَحِ اللَّهُ لَكُمْ ۖ وَإِذَا قِيلَ انشُزُوا فَانشُزُوا يَرْفَعِ اللَّهُ الَّذِينَ آمَنُوا مِنكُمْ وَالَّذِينَ أُوتُوا الْعِلْمَ دَرَجَاتٍ ۚ وَاللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ خَبِيرٌ (11)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mugihe mubwiwe gutanga umwanya w’ukwicaramwo ku bagenzi banyu, ni muwutange uwo mwanya, n’Imana izobagirira ikibanza ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, kandi havuzwe hati:- ni muhaguruke nimuce mugenda, Imana izoba rerura bamwe bemeye bimwe vy’ukuri muri mwebwe, hamwe n’abahawe ubumenyi nibo bazohabwa iteka gusumba, n’Imana niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِذَا نَاجَيْتُمُ الرَّسُولَ فَقَدِّمُوا بَيْنَ يَدَيْ نَجْوَاكُمْ صَدَقَةً ۚ ذَٰلِكَ خَيْرٌ لَّكُمْ وَأَطْهَرُ ۚ فَإِن لَّمْ تَجِدُوا فَإِنَّ اللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (12)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, mugihe muvugishije intumwa y’Imana ni mutange imperezwa imbere y’ukumuvugisha, ivyo nivyo vyiza kuri mwebwe nukuba sukura cane, rero ni mutaronka ico mutanga, rero ni kuMana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
أَأَشْفَقْتُمْ أَن تُقَدِّمُوا بَيْنَ يَدَيْ نَجْوَاكُمْ صَدَقَاتٍ ۚ فَإِذْ لَمْ تَفْعَلُوا وَتَابَ اللَّهُ عَلَيْكُمْ فَأَقِيمُوا الصَّلَاةَ وَآتُوا الزَّكَاةَ وَأَطِيعُوا اللَّهَ وَرَسُولَهُ ۚ وَاللَّهُ خَبِيرٌ بِمَا تَعْمَلُونَ (13)
Oh! murabona ingorane z’ugutanguza izo mperezwa imbere y’ukuyivugisha? Ni mwagira gutyo n’Imana izoba girira ikigongwe, rero nimuhagarike amasengesho kandi mutange n’imperezwa nuku gamburukira Imana hamwe n’intumwa yayo, n’Imana irafise inkuru z’ivyo mugira vyose
۞ أَلَمْ تَرَ إِلَى الَّذِينَ تَوَلَّوْا قَوْمًا غَضِبَ اللَّهُ عَلَيْهِم مَّا هُم مِّنكُمْ وَلَا مِنْهُمْ وَيَحْلِفُونَ عَلَى الْكَذِبِ وَهُمْ يَعْلَمُونَ (14)
Ntubabona bamwe bagize ubucuti hamwe n’abantu bashavuriwe n’Imana, abo ntibari kumwe namwe, kandi ntibari kumwe nabo, kandi barahira k’ububeshi mugihe bazi y’uko ari ababeshi
أَعَدَّ اللَّهُ لَهُمْ عَذَابًا شَدِيدًا ۖ إِنَّهُمْ سَاءَ مَا كَانُوا يَعْمَلُونَ (15)
Imana yaraba teguriye ibihano bikaze cane, mu vy’ukuri muvyo bahora bagira n’ibintu bibi cane
اتَّخَذُوا أَيْمَانَهُمْ جُنَّةً فَصَدُّوا عَن سَبِيلِ اللَّهِ فَلَهُمْ عَذَابٌ مُّهِينٌ (16)
Bagize indahiro zabo kuba arizo nkinzo zabo n’ukuzitira inzira yagenywe n’Imana, rero kuribo hazoba ibihano biba mara maza
لَّن تُغْنِيَ عَنْهُمْ أَمْوَالُهُمْ وَلَا أَوْلَادُهُم مِّنَ اللَّهِ شَيْئًا ۚ أُولَٰئِكَ أَصْحَابُ النَّارِ ۖ هُمْ فِيهَا خَالِدُونَ (17)
Amatungo yabo hamwe n’ibibondo vyabo ntaco bizoba marira n’ikintu na kimwe imbere y’Imana, abo nibo bantu bo mu muriro udahera, muriwo bazo wuba mwo mubuzima bwabo bwose
يَوْمَ يَبْعَثُهُمُ اللَّهُ جَمِيعًا فَيَحْلِفُونَ لَهُ كَمَا يَحْلِفُونَ لَكُمْ ۖ وَيَحْسَبُونَ أَنَّهُمْ عَلَىٰ شَيْءٍ ۚ أَلَا إِنَّهُمْ هُمُ الْكَاذِبُونَ (18)
Umusi Imana izozura abantu bose hanyuma barahire nkuko barahira iwanyu, bazo kwikeka yuko baronse ikintu c’ububeshi, mu vy’ukuri abo nibo babeshi nyakuri
اسْتَحْوَذَ عَلَيْهِمُ الشَّيْطَانُ فَأَنسَاهُمْ ذِكْرَ اللَّهِ ۚ أُولَٰئِكَ حِزْبُ الشَّيْطَانِ ۚ أَلَا إِنَّ حِزْبَ الشَّيْطَانِ هُمُ الْخَاسِرُونَ (19)
Shetani yarabicariye mukubibagiza kwibuka Imana yabo y’ukuri, uwo niwo murwi wa Shetani, kandi ni mutegere neza mu vy’ukuri umurwi wa Shetani niwo ufise uruhombo
إِنَّ الَّذِينَ يُحَادُّونَ اللَّهَ وَرَسُولَهُ أُولَٰئِكَ فِي الْأَذَلِّينَ (20)
Mu vy’ukuri bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo abo ni muri bamwe bazoteterwa
كَتَبَ اللَّهُ لَأَغْلِبَنَّ أَنَا وَرُسُلِي ۚ إِنَّ اللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٌ (21)
Imana iramaze kwandika, yuko atankeka jewe nzotsinda hamwe n’intumwa zanje zose, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi n’intsinzi ihagije
لَّا تَجِدُ قَوْمًا يُؤْمِنُونَ بِاللَّهِ وَالْيَوْمِ الْآخِرِ يُوَادُّونَ مَنْ حَادَّ اللَّهَ وَرَسُولَهُ وَلَوْ كَانُوا آبَاءَهُمْ أَوْ أَبْنَاءَهُمْ أَوْ إِخْوَانَهُمْ أَوْ عَشِيرَتَهُمْ ۚ أُولَٰئِكَ كَتَبَ فِي قُلُوبِهِمُ الْإِيمَانَ وَأَيَّدَهُم بِرُوحٍ مِّنْهُ ۖ وَيُدْخِلُهُمْ جَنَّاتٍ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ خَالِدِينَ فِيهَا ۚ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُمْ وَرَضُوا عَنْهُ ۚ أُولَٰئِكَ حِزْبُ اللَّهِ ۚ أَلَا إِنَّ حِزْبَ اللَّهِ هُمُ الْمُفْلِحُونَ (22)
Nturonka abantu bemera Imana yabo y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka yuko baba kunda bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo, naho boba ari abavyeyi babo, canke ibibondo vyabo, canke bene wabo, canke incuti zabo, abo nibo banditswe mu mitima yabo n’ukwemera kwabo n’ukubashiramwo ubushobozi k’umutima uvuye iwe, kandi izobinjiza mu mirima icamwo inzuzi imbere yabo, iyo niyo bazobayo mu buzima bwabo bwose, n’Imana yarabemereye kuribo, nabo barayemereye
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas