×

Surah Al-Jinn in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Jinn

Translation of the Meanings of Surah Jinn in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Jinn translated into Rundi, Surah Al-Jinn in Rundi. We provide accurate translation of Surah Jinn in Rundi - الكيروندية, Verses 28 - Surah Number 72 - Page 572.

بسم الله الرحمن الرحيم

قُلْ أُوحِيَ إِلَيَّ أَنَّهُ اسْتَمَعَ نَفَرٌ مِّنَ الْجِنِّ فَقَالُوا إِنَّا سَمِعْنَا قُرْآنًا عَجَبًا (1)
Vuga uti:- naramenyeshejwe kuri jewe yuko umurwi umwe w’ibisigo wumvise amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani uca uvuga uti:- mu vy’ukuri twumvise amajambo ya Qur’ani y’igitangaza
يَهْدِي إِلَى الرُّشْدِ فَآمَنَّا بِهِ ۖ وَلَن نُّشْرِكَ بِرَبِّنَا أَحَدًا (2)
Irongora k’uburongozi, kuri ivyo natwe turayemeye kandi ntituzo kwigera tugereranya Imana n’ikindi kintu hamwe n’Umuremyi wacu
وَأَنَّهُ تَعَالَىٰ جَدُّ رَبِّنَا مَا اتَّخَذَ صَاحِبَةً وَلَا وَلَدًا (3)
Kandi mu vy’ukuri iteka ry’Umuremyi wacu riratewe iteka rihagije cane kuko itigeze yigirira umukenyezi canke ikibondo
وَأَنَّهُ كَانَ يَقُولُ سَفِيهُنَا عَلَى اللَّهِ شَطَطًا (4)
Mu vy’ukuri abadafise ubwenge muri twebwe bamye bavuga amajambo yarengeje urugero hejuru y’Imana
وَأَنَّا ظَنَنَّا أَن لَّن تَقُولَ الْإِنسُ وَالْجِنُّ عَلَى اللَّهِ كَذِبًا (5)
Natwe twamye twiyumvira yuko abantu hamwe n’ibisigo batazo besha hejuru y’Imana
وَأَنَّهُ كَانَ رِجَالٌ مِّنَ الْإِنسِ يَعُوذُونَ بِرِجَالٍ مِّنَ الْجِنِّ فَزَادُوهُمْ رَهَقًا (6)
Mu vy’ukuri hari abagabo mubiremwa vy’Imana bikingira kubagabo b’ibisigo, kuri ivyo babongereza ingorane zidasanzwe
وَأَنَّهُمْ ظَنُّوا كَمَا ظَنَنتُمْ أَن لَّن يَبْعَثَ اللَّهُ أَحَدًا (7)
Mu vy’ukuri biketse nkuko mwiketse mwebwe yuko Imana itazo zana iyindi ntumwa y’Imana iyariyo yose
وَأَنَّا لَمَسْنَا السَّمَاءَ فَوَجَدْنَاهَا مُلِئَتْ حَرَسًا شَدِيدًا وَشُهُبًا (8)
Natwe twarakoze kumajuru tuyabona acungerewe n’abafise inguvu hamwe n’inyenyeri zisa yangana
وَأَنَّا كُنَّا نَقْعُدُ مِنْهَا مَقَاعِدَ لِلسَّمْعِ ۖ فَمَن يَسْتَمِعِ الْآنَ يَجِدْ لَهُ شِهَابًا رَّصَدًا (9)
Mu vy’ukuri twahora twicara mu nyubakwa kugira ngo twumvirize mugabo uwashaka kwumviriza ubwo nyene yahasanga ibishirira vy’umucanwa bimu rorereye
وَأَنَّا لَا نَدْرِي أَشَرٌّ أُرِيدَ بِمَن فِي الْأَرْضِ أَمْ أَرَادَ بِهِمْ رَبُّهُمْ رَشَدًا (10)
Natwe ntavyo twari tuzi yuko bashakirwa ishari bamwe baba ngaha kw’isi, canke Umuremyi wabo abashakira uburokoke
وَأَنَّا مِنَّا الصَّالِحُونَ وَمِنَّا دُونَ ذَٰلِكَ ۖ كُنَّا طَرَائِقَ قِدَدًا (11)
Mu vy’ukuri muri twebwe harimwo abantu beza n’abandi muri twebwe bateye ukundi, rero turi mu nzira zitandukanye
وَأَنَّا ظَنَنَّا أَن لَّن نُّعْجِزَ اللَّهَ فِي الْأَرْضِ وَلَن نُّعْجِزَهُ هَرَبًا (12)
Natwe twari tuzi yuko tudashobora gutsinda Imana kuri iy’Isi kandi tudashobora kumwiyaka ngo twiruke
وَأَنَّا لَمَّا سَمِعْنَا الْهُدَىٰ آمَنَّا بِهِ ۖ فَمَن يُؤْمِن بِرَبِّهِ فَلَا يَخَافُ بَخْسًا وَلَا رَهَقًا (13)
Natwe mugihe twumva ubwo burokoke twaciye tubwemera rero uwemeye Umuremyi wiwe ntazotinya kuzimbwa canke kwegekwako ibicumuro vy’uwundi muntu
وَأَنَّا مِنَّا الْمُسْلِمُونَ وَمِنَّا الْقَاسِطُونَ ۖ فَمَنْ أَسْلَمَ فَأُولَٰئِكَ تَحَرَّوْا رَشَدًا (14)
Natwe harimwo bamwe muri twebwe bemeye kuba aba Isilamu hakaba n’abandi muri twebwe baguma bajuragirika bamaze kuba aba Isilamu abo nibo barondeye uburokoke
وَأَمَّا الْقَاسِطُونَ فَكَانُوا لِجَهَنَّمَ حَطَبًا (15)
N’abajuragirika abo bazoba ari inkwi zo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu
وَأَن لَّوِ اسْتَقَامُوا عَلَى الطَّرِيقَةِ لَأَسْقَيْنَاهُم مَّاءً غَدَقًا (16)
Iyo bafata nka nkama inzira igororotse twari kuba nywesha amazi menshi
لِّنَفْتِنَهُمْ فِيهِ ۚ وَمَن يُعْرِضْ عَن ذِكْرِ رَبِّهِ يَسْلُكْهُ عَذَابًا صَعَدًا (17)
Kugira ngo tubagerageze kuri ivyo vyose n’uwutitaho mu kwibuka Umuremyi wiwe, izomu sunika mubihano bigoye cane
وَأَنَّ الْمَسَاجِدَ لِلَّهِ فَلَا تَدْعُوا مَعَ اللَّهِ أَحَدًا (18)
Mu vy’ukuri amasengero yose nay’Imana, rero ntimusenge uwariwe wese hamwe n’Imana y’ukuri
وَأَنَّهُ لَمَّا قَامَ عَبْدُ اللَّهِ يَدْعُوهُ كَادُوا يَكُونُونَ عَلَيْهِ لِبَدًا (19)
Mu vy’ukuri umushumvyi w’Imana Muhammadi (aui) igihe yahagarara asaba Umuremyi wiwe bari hafi yukumurwako
قُلْ إِنَّمَا أَدْعُو رَبِّي وَلَا أُشْرِكُ بِهِ أَحَدًا (20)
Vuga uti:- Jewe nsenga Umuremyi wanje gusa, kandi sinda mugereranya n’ibindi bintu
قُلْ إِنِّي لَا أَمْلِكُ لَكُمْ ضَرًّا وَلَا رَشَدًا (21)
Vuga uti:- jewe sindabaganza kugira ngo ndabagirire inabi, canke kubarongora
قُلْ إِنِّي لَن يُجِيرَنِي مِنَ اللَّهِ أَحَدٌ وَلَنْ أَجِدَ مِن دُونِهِ مُلْتَحَدًا (22)
Vuga uti:- ntankeka ntan’umwe ashobora kunkingira n’Imana, kandi sinzoronka ibwicaro bw’amahoro atari kuriyo yonyene gusa
إِلَّا بَلَاغًا مِّنَ اللَّهِ وَرِسَالَاتِهِ ۚ وَمَن يَعْصِ اللَّهَ وَرَسُولَهُ فَإِنَّ لَهُ نَارَ جَهَنَّمَ خَالِدِينَ فِيهَا أَبَدًا (23)
Mugabo mugushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana hamwe n’amategeko yayo, hamwe n’abazokwiyonjorora ku Mana yabo y’ukuri hamwe n’intumwa yayo ntankeka bazoronswa umuriro udahera witiriwe Jahannamu bazowubamwo mu buzima bwabo bwose
حَتَّىٰ إِذَا رَأَوْا مَا يُوعَدُونَ فَسَيَعْلَمُونَ مَنْ أَضْعَفُ نَاصِرًا وَأَقَلُّ عَدَدًا (24)
Kugeza aho bazobonera ivyo bemerewe, niho bazotahura uwariwe afise umufasha uhoya hoya n’uwufise igitigiri gitoyi
قُلْ إِنْ أَدْرِي أَقَرِيبٌ مَّا تُوعَدُونَ أَمْ يَجْعَلُ لَهُ رَبِّي أَمَدًا (25)
Vuga uti:- sindabizi yuko ivyo mwemerewe biri hafi canke Umuremyi wanje azo biha ikiringo kirekire
عَالِمُ الْغَيْبِ فَلَا يُظْهِرُ عَلَىٰ غَيْبِهِ أَحَدًا (26)
Niyo nyene ubumenyi bw’amabanga yose, kandi ntiyereka uwariwe wese amabanga yayo
إِلَّا مَنِ ارْتَضَىٰ مِن رَّسُولٍ فَإِنَّهُ يَسْلُكُ مِن بَيْنِ يَدَيْهِ وَمِنْ خَلْفِهِ رَصَدًا (27)
Dukuye mwo intumwa yayo yemereye, uyo niyo yashiriye ho abamu kingira bari imbere yiwe n’inyuma yiwe
لِّيَعْلَمَ أَن قَدْ أَبْلَغُوا رِسَالَاتِ رَبِّهِمْ وَأَحَاطَ بِمَا لَدَيْهِمْ وَأَحْصَىٰ كُلَّ شَيْءٍ عَدَدًا (28)
Kugira ngo atahure yuko bashikanye ubutumwa bw’umuremyi wabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bafise vyose, kandi niyo yafashe nka nkama igitigiri c’ibintu vyose
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas