| عَبَسَ وَتَوَلَّىٰ (1) Yarazinze mumaso yiwe n’uguhindukiza amaso yiwe
 | 
| أَن جَاءَهُ الْأَعْمَىٰ (2) Kubera yuko yashikiwe n’impumyi
 | 
| وَمَا يُدْرِيكَ لَعَلَّهُ يَزَّكَّىٰ (3) None n’igiki cakumenyesheje nkumbure azo kwisukura
 | 
| أَوْ يَذَّكَّرُ فَتَنفَعَهُ الذِّكْرَىٰ (4) Canke azo kwibuka ico cibutso gishobore kumufasha
 | 
| أَمَّا مَنِ اسْتَغْنَىٰ (5) Nayo uwuzo bona yuko ataco akeneye mw’idini arimwo
 | 
| فَأَنتَ لَهُ تَصَدَّىٰ (6) Ari wewe umwitaho gusumba
 | 
| وَمَا عَلَيْكَ أَلَّا يَزَّكَّىٰ (7) Kandi sikuri wewe natasukuka
 | 
| وَأَمَّا مَن جَاءَكَ يَسْعَىٰ (8) Mugabo uwukwituye
 | 
| وَهُوَ يَخْشَىٰ (9) Nawe atinya
 | 
| فَأَنتَ عَنْهُ تَلَهَّىٰ (10) Na wewe nt’umwiteho
 | 
| كَلَّا إِنَّهَا تَذْكِرَةٌ (11) Oya sivyo, mu vy’ukuri iyi Qur’ani n’impanuro
 | 
| فَمَن شَاءَ ذَكَرَهُ (12) Kuwukunda uwariwe wese azonyurwa
 | 
| فِي صُحُفٍ مُّكَرَّمَةٍ (13) Kumpapuro z’iteka
 | 
| مَّرْفُوعَةٍ مُّطَهَّرَةٍ (14) Zatewe iteka kandi zisukuwe
 | 
| بِأَيْدِي سَفَرَةٍ (15) Ziri muminwe y’abanditsi b’Imana
 | 
| كِرَامٍ بَرَرَةٍ (16) Bafise iteka kandi baninahaza Imana yabo y’ukuri
 | 
| قُتِلَ الْإِنسَانُ مَا أَكْفَرَهُ (17) Umuntu yaratakaye mukubandanya n’ubuhakanyi bwiwe
 | 
| مِنْ أَيِّ شَيْءٍ خَلَقَهُ (18) Niku kintu nyabaki yamuremye mwo
 | 
| مِن نُّطْفَةٍ خَلَقَهُ فَقَدَّرَهُ (19) Kw’ima	ry’intanga	niryo	yamuremye	mwo	n’ukumuha	ububasha bukwiye
 | 
| ثُمَّ السَّبِيلَ يَسَّرَهُ (20) Hanyuma imworohereza inzira yoroshe
 | 
| ثُمَّ أَمَاتَهُ فَأَقْبَرَهُ (21) Hanyuma iramwica nukumushira mu ntatemwa yiwe
 | 
| ثُمَّ إِذَا شَاءَ أَنشَرَهُ (22) Hanyuma mugihe izoshakira izo muzura
 | 
| كَلَّا لَمَّا يَقْضِ مَا أَمَرَهُ (23) Oya! ntaraheza ivyo yamutegetse Umuremyi wiwe
 | 
| فَلْيَنظُرِ الْإِنسَانُ إِلَىٰ طَعَامِهِ (24) Umuntu niyitegereze ibifungurwa vyiwe
 | 
| أَنَّا صَبَبْنَا الْمَاءَ صَبًّا (25) Mu vy’ukuri twebwe twasukiye amazi kunguvu tuyakuye mubicu
 | 
| ثُمَّ شَقَقْنَا الْأَرْضَ شَقًّا (26) N’ukumanyagura Isi ibimanyu manyu
 | 
| فَأَنبَتْنَا فِيهَا حَبًّا (27) Muriyo tunagisha ibifungurwa bitandukanye vy’intete
 | 
| وَعِنَبًا وَقَضْبًا (28) N’imizabibu hamwe n’ivyakatsi biribwa
 | 
| وَزَيْتُونًا وَنَخْلًا (29) N’imizayituni hamwe n’imitende
 | 
| وَحَدَائِقَ غُلْبًا (30) N’imirima irimwo ibiti vyegeranyeko n’ibindi
 | 
| وَفَاكِهَةً وَأَبًّا (31) N’ivyamwa hamwe n’ivyatsi vy’ibitungwa
 | 
| مَّتَاعًا لَّكُمْ وَلِأَنْعَامِكُمْ (32) Mukuba nezereza mwebwe bantu hamwe n’ibikoko vyanyu
 | 
| فَإِذَا جَاءَتِ الصَّاخَّةُ (33) Mugihe hazoshika ijwi rikaze cane ribabaza amatwi
 | 
| يَوْمَ يَفِرُّ الْمَرْءُ مِنْ أَخِيهِ (34) N’umusi waho umuntu azohunga mwene wabo
 | 
| وَأُمِّهِ وَأَبِيهِ (35) Na nyina wiwe hamwe na Se wiwe
 | 
| وَصَاحِبَتِهِ وَبَنِيهِ (36) N’umutambukanyi wiwe hamwe n’ibibondo vyiwe
 | 
| لِكُلِّ امْرِئٍ مِّنْهُمْ يَوْمَئِذٍ شَأْنٌ يُغْنِيهِ (37) Umuntu wese muribo kuri uwo musi azoba afise ibimuhagije wenyene
 | 
| وُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ مُّسْفِرَةٌ (38) Kuri uwo musi ayandi maso y’abantu azoba asayangana
 | 
| ضَاحِكَةٌ مُّسْتَبْشِرَةٌ (39) Azo twenga asusurutse neza
 | 
| وَوُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ عَلَيْهَا غَبَرَةٌ (40) N’ayandi maso kuri uwo musi, azoba afise inkungugu kuriyo
 | 
| تَرْهَقُهَا قَتَرَةٌ (41) Umwijima ukaze cane uzoba ubapfutse
 | 
| أُولَٰئِكَ هُمُ الْكَفَرَةُ الْفَجَرَةُ (42) Abo nibo bahakanyi b’Imana y’ukuri b’inkozi z’ibibi
 |