×

Surah Al-Anfal in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Anfal

Translation of the Meanings of Surah Anfal in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Anfal translated into Rundi, Surah Al-Anfal in Rundi. We provide accurate translation of Surah Anfal in Rundi - الكيروندية, Verses 75 - Surah Number 8 - Page 177.

بسم الله الرحمن الرحيم

يَسْأَلُونَكَ عَنِ الْأَنفَالِ ۖ قُلِ الْأَنفَالُ لِلَّهِ وَالرَّسُولِ ۖ فَاتَّقُوا اللَّهَ وَأَصْلِحُوا ذَاتَ بَيْنِكُمْ ۖ وَأَطِيعُوا اللَّهَ وَرَسُولَهُ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ (1)
Barakubaza kubera amatungo yaronkewe mungwano, wewe n’uvuge uti:- amatungo yaronkewe mungwano na y’Imana hamwe n’intumwa yayo, rero nimutinye Imana hamwe n’intumwa yayo nimwaba mwebwe muri mubemera Imana y’ukuri
إِنَّمَا الْمُؤْمِنُونَ الَّذِينَ إِذَا ذُكِرَ اللَّهُ وَجِلَتْ قُلُوبُهُمْ وَإِذَا تُلِيَتْ عَلَيْهِمْ آيَاتُهُ زَادَتْهُمْ إِيمَانًا وَعَلَىٰ رَبِّهِمْ يَتَوَكَّلُونَ (2)
Mu vy’ukuri abemera bimwe vy’ukuri nibarya mugihe havuzwe Imana imitima yabo ica yuzuramwo ubwoba, basomewe amajambo yayo baca bongereza ukwemera kwabo n’ukwizera Umuremyi wabo gusa
الَّذِينَ يُقِيمُونَ الصَّلَاةَ وَمِمَّا رَزَقْنَاهُمْ يُنفِقُونَ (3)
Abahagarika amasengesho yabo n’ugutanga muvyo twabahaye
أُولَٰئِكَ هُمُ الْمُؤْمِنُونَ حَقًّا ۚ لَّهُمْ دَرَجَاتٌ عِندَ رَبِّهِمْ وَمَغْفِرَةٌ وَرِزْقٌ كَرِيمٌ (4)
Abo nibo bemera bimwe bivuye k’umutima, kandi nibo bafise ubutegetsi ku Muremyi wabo n’ikigongwe hamwe n’imigisha myiza
كَمَا أَخْرَجَكَ رَبُّكَ مِن بَيْتِكَ بِالْحَقِّ وَإِنَّ فَرِيقًا مِّنَ الْمُؤْمِنِينَ لَكَارِهُونَ (5)
Nkuko Umuremyi wawe yagusohoye munzu yawe munzira y’ukuri n’umurwi umwe w’abemeye Imana yabo y’ukuri utagomba yuko usohoka
يُجَادِلُونَكَ فِي الْحَقِّ بَعْدَمَا تَبَيَّنَ كَأَنَّمَا يُسَاقُونَ إِلَى الْمَوْتِ وَهُمْ يَنظُرُونَ (6)
Barahaririye na wewe mubijanye n’ukuri munyuma yaho kwakuri kwaja ahabona nkuko basunitswe bajanwa murupfu nabo bibonera
وَإِذْ يَعِدُكُمُ اللَّهُ إِحْدَى الطَّائِفَتَيْنِ أَنَّهَا لَكُمْ وَتَوَدُّونَ أَنَّ غَيْرَ ذَاتِ الشَّوْكَةِ تَكُونُ لَكُمْ وَيُرِيدُ اللَّهُ أَن يُحِقَّ الْحَقَّ بِكَلِمَاتِهِ وَيَقْطَعَ دَابِرَ الْكَافِرِينَ (7)
N’igihe Imana y’abemerera kimwe mubisagara bibiri yuko ari rwanyu, namwe muca mwipfuza kuronka kimwe muri ivyo bisagara bitishoboye n’Imana nayo ikunda gutsimbataza ukuri kumajambo yayo n’uguca imizi y’abatemera Imana y’ukuri
لِيُحِقَّ الْحَقَّ وَيُبْطِلَ الْبَاطِلَ وَلَوْ كَرِهَ الْمُجْرِمُونَ (8)
Kugira ngo hemerwe ukuri n’ugukura ibitemewe n’amategeko naho boshavura abantu babi
إِذْ تَسْتَغِيثُونَ رَبَّكُمْ فَاسْتَجَابَ لَكُمْ أَنِّي مُمِدُّكُم بِأَلْفٍ مِّنَ الْمَلَائِكَةِ مُرْدِفِينَ (9)
Mugihe mwasaba imfashanyo ku Muremyi wanyu, nayo irabishura yuko mu vy’ukuri jewe nzoba fashisha abamarayika igihumbi bazokurikirana n’abandi batavanako
وَمَا جَعَلَهُ اللَّهُ إِلَّا بُشْرَىٰ وَلِتَطْمَئِنَّ بِهِ قُلُوبُكُمْ ۚ وَمَا النَّصْرُ إِلَّا مِنْ عِندِ اللَّهِ ۚ إِنَّ اللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ (10)
N’Imana ntiyagize ibi vyose atari uko coba ari ikimenyetso n’akamwemwe, kugira ngo imitima yanyu igire ihumure kuriyo, kandi ntamfashanyo atari iyivuye kumana, nayo mu vy’ukuri niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
إِذْ يُغَشِّيكُمُ النُّعَاسَ أَمَنَةً مِّنْهُ وَيُنَزِّلُ عَلَيْكُم مِّنَ السَّمَاءِ مَاءً لِّيُطَهِّرَكُم بِهِ وَيُذْهِبَ عَنكُمْ رِجْزَ الشَّيْطَانِ وَلِيَرْبِطَ عَلَىٰ قُلُوبِكُمْ وَيُثَبِّتَ بِهِ الْأَقْدَامَ (11)
Mugihe yabaryamika itiro ry’amahoro rivuye kuriwe nukuba manurira amadahurwa avuye mu bicu kugira ngo ibasukure kuriyo nukuba kurira umwanda wa Shetani hamwe n’uguha imitima yanyu inguvu nugutsimbataza amaguru yanyu hasi
إِذْ يُوحِي رَبُّكَ إِلَى الْمَلَائِكَةِ أَنِّي مَعَكُمْ فَثَبِّتُوا الَّذِينَ آمَنُوا ۚ سَأُلْقِي فِي قُلُوبِ الَّذِينَ كَفَرُوا الرُّعْبَ فَاضْرِبُوا فَوْقَ الْأَعْنَاقِ وَاضْرِبُوا مِنْهُمْ كُلَّ بَنَانٍ (12)
Umuremyi wawe igihe yereka abamarayika nukuba bwira iti:- mu vy’ukuri jewe ndi kumwe namwe rero nimubatere intege bamwe bemera nanje nanje nzobatera ubwoba mumitima y’abatemera Imana yabo y’ukuri, rero ni mubakubite hejuru y’amazosi yabo, kandi muce amasonga y’intoke zabo
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ شَاقُّوا اللَّهَ وَرَسُولَهُ ۚ وَمَن يُشَاقِقِ اللَّهَ وَرَسُولَهُ فَإِنَّ اللَّهَ شَدِيدُ الْعِقَابِ (13)
Ivyo vyose nuko biyonkoye ku Mana hamwe n’intumwa yayo, rero uwiyonkoye ku Mana hamwe n’intumwa yayo, burya Imana irakaze cane muguhana
ذَٰلِكُمْ فَذُوقُوهُ وَأَنَّ لِلْكَافِرِينَ عَذَابَ النَّارِ (14)
Rero nimuyihonje kandi ntankeka abahakanyi b’Imana y’ukuri barafise ibihano vy’umuriro udahera
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِذَا لَقِيتُمُ الَّذِينَ كَفَرُوا زَحْفًا فَلَا تُوَلُّوهُمُ الْأَدْبَارَ (15)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni mwahura n’abatemera Imana yabo y’ukuri mungwano ntimuba hindukirize imigongo yanyu mwiruka
وَمَن يُوَلِّهِمْ يَوْمَئِذٍ دُبُرَهُ إِلَّا مُتَحَرِّفًا لِّقِتَالٍ أَوْ مُتَحَيِّزًا إِلَىٰ فِئَةٍ فَقَدْ بَاءَ بِغَضَبٍ مِّنَ اللَّهِ وَمَأْوَاهُ جَهَنَّمُ ۖ وَبِئْسَ الْمَصِيرُ (16)
Nuwuzoba hindukiriza umugongo wiwe kuri uwo musi, kiretse uwahindukiye atewe n’umwansi canke ahindukiye agiye kwiyunga kurundi ruhande rw’ingabo zaba Isilamu, nihataba uko naho uyo muntu niwe akwiye kuronka ishavu ry’Imana, n’ubwicaro bwiwe n’ubwo muriro udahera witiriwe Jahannamu, naho n’ahantu habi cane hato subizwayo umuntu
فَلَمْ تَقْتُلُوهُمْ وَلَٰكِنَّ اللَّهَ قَتَلَهُمْ ۚ وَمَا رَمَيْتَ إِذْ رَمَيْتَ وَلَٰكِنَّ اللَّهَ رَمَىٰ ۚ وَلِيُبْلِيَ الْمُؤْمِنِينَ مِنْهُ بَلَاءً حَسَنًا ۚ إِنَّ اللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٌ (17)
Mwebwe ntimwashoye kubica, mugabo Imana niyo yabishe, kandi nawewe aho wateye mugabo Imana niyo yawuteye, Imana niyo yabigize ibi vyose kugira ngo ibahe abayemeye akaganuke keza kavuye kuriyo, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
ذَٰلِكُمْ وَأَنَّ اللَّهَ مُوهِنُ كَيْدِ الْكَافِرِينَ (18)
Rero ibi vyose mu vy’ukuri Imana izoca imvutu z’abahakanyi batemera Imana yabo y’ukuri
إِن تَسْتَفْتِحُوا فَقَدْ جَاءَكُمُ الْفَتْحُ ۖ وَإِن تَنتَهُوا فَهُوَ خَيْرٌ لَّكُمْ ۖ وَإِن تَعُودُوا نَعُدْ وَلَن تُغْنِيَ عَنكُمْ فِئَتُكُمْ شَيْئًا وَلَوْ كَثُرَتْ وَأَنَّ اللَّهَ مَعَ الْمُؤْمِنِينَ (19)
Nimwaba mushaka urubanza, urwo rubanza ruramaze kubashikira, rero nimwihangana bizoba ari vyiza kuri mwebwe, hanyuma nimwasubira kurwana nabo natwe tuzosubira kurwana nabo, n’abantu banyu ntanakimwe bazobafasha naho boba ari benshi gute, n’Imana iri kumwe n’abayemera
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا أَطِيعُوا اللَّهَ وَرَسُولَهُ وَلَا تَوَلَّوْا عَنْهُ وَأَنتُمْ تَسْمَعُونَ (20)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo, ntimwiyonkore kuriyo mugihe namwe mwumva
وَلَا تَكُونُوا كَالَّذِينَ قَالُوا سَمِعْنَا وَهُمْ لَا يَسْمَعُونَ (21)
Kandi ntimube nkabamwe bavuga bati:- turumvise mugabo nabo batumvise icarico cose
۞ إِنَّ شَرَّ الدَّوَابِّ عِندَ اللَّهِ الصُّمُّ الْبُكْمُ الَّذِينَ لَا يَعْقِلُونَ (22)
Mu vy’ukuri ibikoko bibi imbere y’Imana nivyahawe ukutumva, n’abihaye kuba ari ibiragi, n’ukutabishira mubwenge bwabo
وَلَوْ عَلِمَ اللَّهُ فِيهِمْ خَيْرًا لَّأَسْمَعَهُمْ ۖ وَلَوْ أَسْمَعَهُمْ لَتَوَلَّوا وَّهُم مُّعْرِضُونَ (23)
Iyo Imana imenya ineza iyariyo yose kuribo, yari kubumvisha naho yari kubumvisha bari guhinduka nukutavyitaho
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا اسْتَجِيبُوا لِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ إِذَا دَعَاكُمْ لِمَا يُحْيِيكُمْ ۖ وَاعْلَمُوا أَنَّ اللَّهَ يَحُولُ بَيْنَ الْمَرْءِ وَقَلْبِهِ وَأَنَّهُ إِلَيْهِ تُحْشَرُونَ (24)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwitabe Imana hamwe n’intumwa yayo mugihe ibahamagariye kubintu vyobaha ubuzima bwiza, kandi mumenye yuko Imana y’injira hagati y’umuntu n’umutima wiwe nukubaho kwiwe, niwe niho muzokwegeranywa mwese
وَاتَّقُوا فِتْنَةً لَّا تُصِيبَنَّ الَّذِينَ ظَلَمُوا مِنكُمْ خَاصَّةً ۖ وَاعْلَمُوا أَنَّ اللَّهَ شَدِيدُ الْعِقَابِ (25)
Kandi mutinye ibihano vy’Imana vy’aha kw’Isi bitazobashikira bonyene mubahemukiye imitima yabo muri mwebwe, kandi mumenye yuko Imana ikaze cane muguhana
وَاذْكُرُوا إِذْ أَنتُمْ قَلِيلٌ مُّسْتَضْعَفُونَ فِي الْأَرْضِ تَخَافُونَ أَن يَتَخَطَّفَكُمُ النَّاسُ فَآوَاكُمْ وَأَيَّدَكُم بِنَصْرِهِ وَرَزَقَكُم مِّنَ الطَّيِّبَاتِ لَعَلَّكُمْ تَشْكُرُونَ (26)
Mwibuke mugihe mwari inkehwa muboneka yuko mugoyagoya kuri iy’Isi, mutinya abantu kugira ngo ntimufatwe, mugabo Imana iha ahantu heza hukubaho, n’ukubaha ishaka ry’uburokoke bwayo, n’ukubaha imigisha myiza kugira ngo mushobore gukenguruka
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا لَا تَخُونُوا اللَّهَ وَالرَّسُولَ وَتَخُونُوا أَمَانَاتِكُمْ وَأَنتُمْ تَعْلَمُونَ (27)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimuhemukire Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa y’ayo, kandi ntimuhemukire amaziganyo yanyu namwe mubizi
وَاعْلَمُوا أَنَّمَا أَمْوَالُكُمْ وَأَوْلَادُكُمْ فِتْنَةٌ وَأَنَّ اللَّهَ عِندَهُ أَجْرٌ عَظِيمٌ (28)
Mumenye yuko amatungo yanyu hamwe n’ibibondo vyanyu ari ibibazo kuri mwebwe, kandi mumenye yuko ku Mana hariho impembo niniya cane
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِن تَتَّقُوا اللَّهَ يَجْعَل لَّكُمْ فُرْقَانًا وَيُكَفِّرْ عَنكُمْ سَيِّئَاتِكُمْ وَيَغْفِرْ لَكُمْ ۗ وَاللَّهُ ذُو الْفَضْلِ الْعَظِيمِ (29)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwagamburukira Imana yanyu y’ukuri izobaha itandukanyo ry’ugutandukanya ibiri hagati y’ukuri n’ikinyoma, kandi izoba hanagurira amakosa yanyu n’ukubagirira ikigongwe, n’Imana niyo nyene imigisha mininiya cane
وَإِذْ يَمْكُرُ بِكَ الَّذِينَ كَفَرُوا لِيُثْبِتُوكَ أَوْ يَقْتُلُوكَ أَوْ يُخْرِجُوكَ ۚ وَيَمْكُرُونَ وَيَمْكُرُ اللَّهُ ۖ وَاللَّهُ خَيْرُ الْمَاكِرِينَ (30)
No mugihe bakugirira imigambi bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri kugira ngo bakubohe canke bakugandagure canke bagukure mugisagara cawe, baca bagira imigambi iboneka, n’Imana ica ibahindurira iyo migambi yabo, n’Imana niyo nziza y’uguhindura imigambi y’abantu babi
وَإِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِمْ آيَاتُنَا قَالُوا قَدْ سَمِعْنَا لَوْ نَشَاءُ لَقُلْنَا مِثْلَ هَٰذَا ۙ إِنْ هَٰذَا إِلَّا أَسَاطِيرُ الْأَوَّلِينَ (31)
Mugihe basomewe amajambo yacu matagatifu baca bavuga bati:- turamaze kuyumva kuva kera, rero iyo dushaka twari kuvuga nk’aya majambo, ibi rero ntanakimwe birimwo ahubwo n’imigani yaba kera
وَإِذْ قَالُوا اللَّهُمَّ إِن كَانَ هَٰذَا هُوَ الْحَقَّ مِنْ عِندِكَ فَأَمْطِرْ عَلَيْنَا حِجَارَةً مِّنَ السَّمَاءِ أَوِ ائْتِنَا بِعَذَابٍ أَلِيمٍ (32)
No mugihe bavuga bati:- ewe Mana yacu nivyaba ibi ari ivy’ukuri bivuye kuri wewe n’udushungurire imvura y’isegenya ivuye mw’ijuru kandi utuzanire ibindi bihano bibabaza gusumba ivyo
وَمَا كَانَ اللَّهُ لِيُعَذِّبَهُمْ وَأَنتَ فِيهِمْ ۚ وَمَا كَانَ اللَّهُ مُعَذِّبَهُمْ وَهُمْ يَسْتَغْفِرُونَ (33)
Mugabo Imana ntiyari kubahana mugihe wewe wari kumwe nabo, canke n’Imana ntiyari kubahana mugihe nabo bariko barasaba ikigongwe
وَمَا لَهُمْ أَلَّا يُعَذِّبَهُمُ اللَّهُ وَهُمْ يَصُدُّونَ عَنِ الْمَسْجِدِ الْحَرَامِ وَمَا كَانُوا أَوْلِيَاءَهُ ۚ إِنْ أَوْلِيَاؤُهُ إِلَّا الْمُتَّقُونَ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَهُمْ لَا يَعْلَمُونَ (34)
Mugabo bafise ijambo nyabaki kugeza naho Imana itobahana mugihe bazitira abantu n’iryo sengero ritagatifu, nabo batari abaricungera, ntibari abaricungera atari abagamburukira Imana bonyene gusa, mugabo benshi muribo ntanakimwe bazi
وَمَا كَانَ صَلَاتُهُمْ عِندَ الْبَيْتِ إِلَّا مُكَاءً وَتَصْدِيَةً ۚ فَذُوقُوا الْعَذَابَ بِمَا كُنتُمْ تَكْفُرُونَ (35)
Kandi ntiyari kuba amasengesho yabo muri iryo sengero ritagatifu atari ukuvuza uruhwa hamwe n’ugukoma amashi, rero ni muhonje ibihano kubera ubuhakanyi bwanyu
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا يُنفِقُونَ أَمْوَالَهُمْ لِيَصُدُّوا عَن سَبِيلِ اللَّهِ ۚ فَسَيُنفِقُونَهَا ثُمَّ تَكُونُ عَلَيْهِمْ حَسْرَةً ثُمَّ يُغْلَبُونَ ۗ وَالَّذِينَ كَفَرُوا إِلَىٰ جَهَنَّمَ يُحْشَرُونَ (36)
Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, bahora batanga amatungo yabo kugira ngo bazitire inzira y’Imana rero bazoyatanga ayo matungo yabo munyuma yaho hazoba ari umwidogo kuribo hanyuma bazotsindwa, nabamwe bagumye mubuhakanyi bwabo bazokwegeranywa mu muriro udahera witiriwe Jahannamu
لِيَمِيزَ اللَّهُ الْخَبِيثَ مِنَ الطَّيِّبِ وَيَجْعَلَ الْخَبِيثَ بَعْضَهُ عَلَىٰ بَعْضٍ فَيَرْكُمَهُ جَمِيعًا فَيَجْعَلَهُ فِي جَهَنَّمَ ۚ أُولَٰئِكَ هُمُ الْخَاسِرُونَ (37)
Kugira ngo Imana ibatandukanye abantu babi hamwe n’abantu beza, n’ugushira abantu babi hejuru y’abandi bantu babi hamwe nukubegeranya bose hamwe nukubata mu muriro udahera witiriwe Jahannamu, abo bantu nibo bari muruhombo
قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُوا إِن يَنتَهُوا يُغْفَرْ لَهُم مَّا قَدْ سَلَفَ وَإِن يَعُودُوا فَقَدْ مَضَتْ سُنَّتُ الْأَوَّلِينَ (38)
N’ubwire abo bahakanyi b’Imana y’ukuri nibareka kugira amabi, bazogirirwa ikigongwe n’ivy’akahise kuribo, mugabo nibasubira kuribo uburorero nk’ubwo buzoba bwaraheze bw’abantu baho hambere
وَقَاتِلُوهُمْ حَتَّىٰ لَا تَكُونَ فِتْنَةٌ وَيَكُونَ الدِّينُ كُلُّهُ لِلَّهِ ۚ فَإِنِ انتَهَوْا فَإِنَّ اللَّهَ بِمَا يَعْمَلُونَ بَصِيرٌ (39)
Nimurwane nabo kugeza aho hatazoba ibihano, hanyuma idini ibeho kubera Imana, mugabo nibareka bamenye yuko Imana ibona ivyo bagira vyose
وَإِن تَوَلَّوْا فَاعْلَمُوا أَنَّ اللَّهَ مَوْلَاكُمْ ۚ نِعْمَ الْمَوْلَىٰ وَنِعْمَ النَّصِيرُ (40)
Nibahindukira muce mumenya yuko Imana ariyo Muremyi wanyu, kandi ariwe Muremyi mwiza n’umufasha mwiza
۞ وَاعْلَمُوا أَنَّمَا غَنِمْتُم مِّن شَيْءٍ فَأَنَّ لِلَّهِ خُمُسَهُ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي الْقُرْبَىٰ وَالْيَتَامَىٰ وَالْمَسَاكِينِ وَابْنِ السَّبِيلِ إِن كُنتُمْ آمَنتُم بِاللَّهِ وَمَا أَنزَلْنَا عَلَىٰ عَبْدِنَا يَوْمَ الْفُرْقَانِ يَوْمَ الْتَقَى الْجَمْعَانِ ۗ وَاللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (41)
Mumenye yuko icarico cose muzoronkera mungwano, ica gatanu murivyo bintu nic’Imana, hamwe n’intumwa yayo, hamwe n’incuti z’intumwa y’Imana, hamwe n’impfuvyi n’aboro, hamwe nabari mungendo zabo, nimwaba mwemera Imana yanyu y’ukuri hamwe n’ivyo twamanuye kuntumwa yacu k’umusi w’itandukanirizo ariwo musi hatana mumitwe ingabo zose uko ari zibiri, n’Imana niyo nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
إِذْ أَنتُم بِالْعُدْوَةِ الدُّنْيَا وَهُم بِالْعُدْوَةِ الْقُصْوَىٰ وَالرَّكْبُ أَسْفَلَ مِنكُمْ ۚ وَلَوْ تَوَاعَدتُّمْ لَاخْتَلَفْتُمْ فِي الْمِيعَادِ ۙ وَلَٰكِن لِّيَقْضِيَ اللَّهُ أَمْرًا كَانَ مَفْعُولًا لِّيَهْلِكَ مَنْ هَلَكَ عَن بَيِّنَةٍ وَيَحْيَىٰ مَنْ حَيَّ عَن بَيِّنَةٍ ۗ وَإِنَّ اللَّهَ لَسَمِيعٌ عَلِيمٌ (42)
Mugihe mwari k’uruhande rw’umwaba wari hafi yanyu, nabo bari k’urundi ruhande rw’umwaba uri kure n’abari murugendo wari munsi yanyu, rero iyo mwari guhana isango mwari gucanamwo mugabo kugira ngo Imana itange ijambo ryari kuba ngombwa ngo rishirwe mungiro nukubera yuko uwuhonywa ahonywa afise ivyemezo biri k’umugaragaro, n’uwukurikira idini rya Isilamu narikurikire afise ivyemezo biri k’umugaragaro, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije
إِذْ يُرِيكَهُمُ اللَّهُ فِي مَنَامِكَ قَلِيلًا ۖ وَلَوْ أَرَاكَهُمْ كَثِيرًا لَّفَشِلْتُمْ وَلَتَنَازَعْتُمْ فِي الْأَمْرِ وَلَٰكِنَّ اللَّهَ سَلَّمَ ۗ إِنَّهُ عَلِيمٌ بِذَاتِ الصُّدُورِ (43)
Mugihe Imana yakwereka uri mw’itiro ryawe navyo biba gakeyi cane, mugabo iyo ikwereka yuko aribo benshi kubasumba mwari gucika imvutu hanyuma mwari gutongana kuri iryo jambo, mugabo Imana yarabakingiye n’ivyo vyose, ntankeka Imana niyo ifise ubumenyi w’ibiri mubikiriza vyanyu
وَإِذْ يُرِيكُمُوهُمْ إِذِ الْتَقَيْتُمْ فِي أَعْيُنِكُمْ قَلِيلًا وَيُقَلِّلُكُمْ فِي أَعْيُنِهِمْ لِيَقْضِيَ اللَّهُ أَمْرًا كَانَ مَفْعُولًا ۗ وَإِلَى اللَّهِ تُرْجَعُ الْأُمُورُ (44)
Mugihe yabereka mu maso yanyu n’igihe mwahura yuko aribo bakeyi n’ukubagira mwebwe kuba bakeyi imbere y’amaso yabo, kugira ngo ikwize ijambo ryayo yategetse ngo rije mungiro n’ibintu vyose vyama bisubizwa ku Mana
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِذَا لَقِيتُمْ فِئَةً فَاثْبُتُوا وَاذْكُرُوا اللَّهَ كَثِيرًا لَّعَلَّكُمْ تُفْلِحُونَ (45)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, muhuye n’ingabo z’abansi b’Imana nimwigumye bimwe biboneka, hanyuma mwibuke Imana kubwinshi kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
وَأَطِيعُوا اللَّهَ وَرَسُولَهُ وَلَا تَنَازَعُوا فَتَفْشَلُوا وَتَذْهَبَ رِيحُكُمْ ۖ وَاصْبِرُوا ۚ إِنَّ اللَّهَ مَعَ الصَّابِرِينَ (46)
Kandi mugamburukire Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa y’ayo, kandi ntimutongane ngo muze mwononekerwe hamwe nugutakaza inguvu zanyu, kandi mw’ihangane ntankeka Imana iri kumwe n’abihangana
وَلَا تَكُونُوا كَالَّذِينَ خَرَجُوا مِن دِيَارِهِم بَطَرًا وَرِئَاءَ النَّاسِ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ اللَّهِ ۚ وَاللَّهُ بِمَا يَعْمَلُونَ مُحِيطٌ (47)
Kandi ntimube nkabamwe basohoka bava mumazu yabo bishima n’ukwiyereka ku bantu n’ukuzitira inzira y’Imana, n’Imana niyo ikikuje ivyo bagira vyose
وَإِذْ زَيَّنَ لَهُمُ الشَّيْطَانُ أَعْمَالَهُمْ وَقَالَ لَا غَالِبَ لَكُمُ الْيَوْمَ مِنَ النَّاسِ وَإِنِّي جَارٌ لَّكُمْ ۖ فَلَمَّا تَرَاءَتِ الْفِئَتَانِ نَكَصَ عَلَىٰ عَقِبَيْهِ وَقَالَ إِنِّي بَرِيءٌ مِّنكُمْ إِنِّي أَرَىٰ مَا لَا تَرَوْنَ إِنِّي أَخَافُ اللَّهَ ۚ وَاللَّهُ شَدِيدُ الْعِقَابِ (48)
Na Shetani mugihe yabasharizira ibikorwa vyabo nukuvuga iti:- uno musi nta bantu bazoba tsinda, nanje ndi mubazoba kingira, mugabo mugihe izo ngabo zatana mumitwe uko ari zibiri, Shetani yaciye isubira inyuma ivuga iti:- jewe sindi kumwe namwe kuko jewe ndabona ivyo mwebwe mutabona, jewe ndatinya Imana kuko Imana irakaze cane muguhana
إِذْ يَقُولُ الْمُنَافِقُونَ وَالَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ غَرَّ هَٰؤُلَاءِ دِينُهُمْ ۗ وَمَن يَتَوَكَّلْ عَلَى اللَّهِ فَإِنَّ اللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ (49)
Mugihe bavuga ababeshi hamwe na bamwe bafise ingwara mu mitima yabo bati:- aba bantu idini ryabo ryarabahenze, n’uwizera ku Mana yiwe mu vy’ukuri niwe nyene intsinzi n’ubuhizi buhagije
وَلَوْ تَرَىٰ إِذْ يَتَوَفَّى الَّذِينَ كَفَرُوا ۙ الْمَلَائِكَةُ يَضْرِبُونَ وُجُوهَهُمْ وَأَدْبَارَهُمْ وَذُوقُوا عَذَابَ الْحَرِيقِ (50)
Iyo wobonye Abamarayika bakura ubuzima bw’abahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, n’ukubakubita mumaso yabo no mumigongo yabo nukuba bwira bati:- nimuhonje ibihano vyo mumuriro udahera
ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتْ أَيْدِيكُمْ وَأَنَّ اللَّهَ لَيْسَ بِظَلَّامٍ لِّلْعَبِيدِ (51)
Ibi vyose n’ukubera ibicumuro vyakozwe n’amaboko yanyu, mu vy’ukuri Imana s’iyo izo hemukira abantu bayo
كَدَأْبِ آلِ فِرْعَوْنَ ۙ وَالَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ ۚ كَفَرُوا بِآيَاتِ اللَّهِ فَأَخَذَهُمُ اللَّهُ بِذُنُوبِهِمْ ۗ إِنَّ اللَّهَ قَوِيٌّ شَدِيدُ الْعِقَابِ (52)
Ni nk’abantu ba Fir’auni hamwe nabamyeho imbere yabo, barahakanye amajambo y’Imana matagatifu, kuri ivyo Imana irabahana kubera ibicumuro vyabo, ntankeka Imana niyo ifise ubushobozi, kandi ikaze cane muguhana
ذَٰلِكَ بِأَنَّ اللَّهَ لَمْ يَكُ مُغَيِّرًا نِّعْمَةً أَنْعَمَهَا عَلَىٰ قَوْمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُوا مَا بِأَنفُسِهِمْ ۙ وَأَنَّ اللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٌ (53)
Ivyo vyose nukubera yuko Imana idahindura imigisha yahaye abantu bayo naho bokwihindurira kubwabo mubiri mumitima yabo, mu vy’ukuri Imana niyo yumva kandi niyo ibifitiye ubumenyi
كَدَأْبِ آلِ فِرْعَوْنَ ۙ وَالَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ ۚ كَذَّبُوا بِآيَاتِ رَبِّهِمْ فَأَهْلَكْنَاهُم بِذُنُوبِهِمْ وَأَغْرَقْنَا آلَ فِرْعَوْنَ ۚ وَكُلٌّ كَانُوا ظَالِمِينَ (54)
Ni nk’abantu bokwa Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yabo, bahakanye amajambo y’Imana matagatifu, kuri ivyo twarabahoneje kubera ibicumuro vyabo hamwe n’ukwibiza abantu bokwa Fir’auni mukiyaga nabose bari mu bantu bahemukiye imitima yabo
إِنَّ شَرَّ الدَّوَابِّ عِندَ اللَّهِ الَّذِينَ كَفَرُوا فَهُمْ لَا يُؤْمِنُونَ (55)
Ibikoko bibi cane imbere y’Imana, nibarya bahakana amajambo y’Imana y’ukuri, nabo ntibazo kwemera nagatoyi
الَّذِينَ عَاهَدتَّ مِنْهُمْ ثُمَّ يَنقُضُونَ عَهْدَهُمْ فِي كُلِّ مَرَّةٍ وَهُمْ لَا يَتَّقُونَ (56)
Mubo mwahanye indagano hanyuma bakiyonkora kurizo umwanya uwariwo wose kandi badatinya
فَإِمَّا تَثْقَفَنَّهُمْ فِي الْحَرْبِ فَشَرِّدْ بِهِم مَّنْ خَلْفَهُمْ لَعَلَّهُمْ يَذَّكَّرُونَ (57)
Rero ubasanze kurugamba nubirukane abari inyuma yabo kugira ngo bikebuke
وَإِمَّا تَخَافَنَّ مِن قَوْمٍ خِيَانَةً فَانبِذْ إِلَيْهِمْ عَلَىٰ سَوَاءٍ ۚ إِنَّ اللَّهَ لَا يُحِبُّ الْخَائِنِينَ (58)
Niwatinya muri abo bantu biyonjorora, nubasubize ayo masezerano yabo kubungane bwayo, n’Imana ntikunda abiyonjorora
وَلَا يَحْسَبَنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا سَبَقُوا ۚ إِنَّهُمْ لَا يُعْجِزُونَ (59)
Canke bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri ntibibaze yuko bamaze gutera intambwe iri imbere, oya! Nibamenye yuko batazotsinda Imana
وَأَعِدُّوا لَهُم مَّا اسْتَطَعْتُم مِّن قُوَّةٍ وَمِن رِّبَاطِ الْخَيْلِ تُرْهِبُونَ بِهِ عَدُوَّ اللَّهِ وَعَدُوَّكُمْ وَآخَرِينَ مِن دُونِهِمْ لَا تَعْلَمُونَهُمُ اللَّهُ يَعْلَمُهُمْ ۚ وَمَا تُنفِقُوا مِن شَيْءٍ فِي سَبِيلِ اللَّهِ يُوَفَّ إِلَيْكُمْ وَأَنتُمْ لَا تُظْلَمُونَ (60)
Rero nimubitegurire n’ubushobozi mufise hamwe n’amafarasi yaboshwe kandi yateguwe neza, kugira ngo mubatere ubwoba abo bansi b’Imana hamwe n’abansi banyu, hamwe nabatari abo mutazi mwebwe, n’Imana irabazi n’ivyo muzotanga munzira y’Imana muzo bisubizwa bikwiye vyose, kandi ntimuzo hemukirwa
۞ وَإِن جَنَحُوا لِلسَّلْمِ فَاجْنَحْ لَهَا وَتَوَكَّلْ عَلَى اللَّهِ ۚ إِنَّهُ هُوَ السَّمِيعُ الْعَلِيمُ (61)
Nibatumbera munzira y’amahoro nawewe nuyitumbere, kandi wizere Imana yawe kuko niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
وَإِن يُرِيدُوا أَن يَخْدَعُوكَ فَإِنَّ حَسْبَكَ اللَّهُ ۚ هُوَ الَّذِي أَيَّدَكَ بِنَصْرِهِ وَبِالْمُؤْمِنِينَ (62)
Niba bashaka kuguhenda Imana izo gukingira, kuko niyo yagufashije kubushobozi bwayo no kubayemeye bose
وَأَلَّفَ بَيْنَ قُلُوبِهِمْ ۚ لَوْ أَنفَقْتَ مَا فِي الْأَرْضِ جَمِيعًا مَّا أَلَّفْتَ بَيْنَ قُلُوبِهِمْ وَلَٰكِنَّ اللَّهَ أَلَّفَ بَيْنَهُمْ ۚ إِنَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٌ (63)
Niyo yahujije imitima yabo, naho wari gutanga ibiri kw’Isi vyose ntiwari gushobora guhuza imitima yabo, mugabo Imana niyo yabahujije, mu vy’ukuri niyo nziza kandi niyo nyene ubuhizi buhagije
يَا أَيُّهَا النَّبِيُّ حَسْبُكَ اللَّهُ وَمَنِ اتَّبَعَكَ مِنَ الْمُؤْمِنِينَ (64)
Ewe ntumwa y’Imana, Imana yawe irahagije kuri wewe hamwe n’aba gukurikiye mu bemeye Imana y’abo y’ukuri
يَا أَيُّهَا النَّبِيُّ حَرِّضِ الْمُؤْمِنِينَ عَلَى الْقِتَالِ ۚ إِن يَكُن مِّنكُمْ عِشْرُونَ صَابِرُونَ يَغْلِبُوا مِائَتَيْنِ ۚ وَإِن يَكُن مِّنكُم مِّائَةٌ يَغْلِبُوا أَلْفًا مِّنَ الَّذِينَ كَفَرُوا بِأَنَّهُمْ قَوْمٌ لَّا يَفْقَهُونَ (65)
Ewe ntumwa y’Imana, nuhimirize abemeye Imana yabo y’ukuri bagende mungwano, nihaboneka muribo abarwanyi mirongo ibiri bigumya bazotsinda abansi amajana abiri, niba bazoba abarwanyi ijana muri mwebwe bazotsinda abansi igihumbi muri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, kuko n’abantu badategera namba
الْآنَ خَفَّفَ اللَّهُ عَنكُمْ وَعَلِمَ أَنَّ فِيكُمْ ضَعْفًا ۚ فَإِن يَكُن مِّنكُم مِّائَةٌ صَابِرَةٌ يَغْلِبُوا مِائَتَيْنِ ۚ وَإِن يَكُن مِّنكُمْ أَلْفٌ يَغْلِبُوا أَلْفَيْنِ بِإِذْنِ اللَّهِ ۗ وَاللَّهُ مَعَ الصَّابِرِينَ (66)
Ubu rero Imana yabagabanirije kuko ifise ubumenyi yuko harimwo abantu batishoboye muri mwebwe, kuko nihaba ingabo z’abantu ijana zigumya bazotsinda abansi amajana abiri muri abo bansi, niba bazoba bari igihumbi muri mwebwe niba batsinde abo bansi ibihumbi bibiri kw’itegeko ry’Imana. Nayo iri kumwe n’abigumya
مَا كَانَ لِنَبِيٍّ أَن يَكُونَ لَهُ أَسْرَىٰ حَتَّىٰ يُثْخِنَ فِي الْأَرْضِ ۚ تُرِيدُونَ عَرَضَ الدُّنْيَا وَاللَّهُ يُرِيدُ الْآخِرَةَ ۗ وَاللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٌ (67)
Ntibishoboka kuntumwa y’Imana ngo ibe ifise imbohe kugeza naho ironka intsinzi muri ico gisagara, none mushaka ibintu vyo ng’aha kw’Isi mugihe Imana ibashakira ibintu vyo mw’ijuru! N’Imana niyo ifise ubushobozi hamwe n’ubuhizi buhagije
لَّوْلَا كِتَابٌ مِّنَ اللَّهِ سَبَقَ لَمَسَّكُمْ فِيمَا أَخَذْتُمْ عَذَابٌ عَظِيمٌ (68)
Iyo hataba itegeko ryabanje kubaho rivuye ku Mana, ntankeka mwari gushikirwa n’ibihano bininiya kubijanye nivyo mwakoze
فَكُلُوا مِمَّا غَنِمْتُمْ حَلَالًا طَيِّبًا ۚ وَاتَّقُوا اللَّهَ ۚ إِنَّ اللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (69)
Rero nimufungure muvyo mwaronkeye mungwano, kandi murabifitiyeko uburenga nzira kandi vyiza, mugabo mutinye Imana yanyu mu vy’ukuri Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
يَا أَيُّهَا النَّبِيُّ قُل لِّمَن فِي أَيْدِيكُم مِّنَ الْأَسْرَىٰ إِن يَعْلَمِ اللَّهُ فِي قُلُوبِكُمْ خَيْرًا يُؤْتِكُمْ خَيْرًا مِّمَّا أُخِذَ مِنكُمْ وَيَغْفِرْ لَكُمْ ۗ وَاللَّهُ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (70)
Wewe ntumwa y’Imana, n’ubwire zambohe ziri muminwe yanyu yuko Imana niyabona ineza mumitima yanyu, izobaha ivyiza gusumba ivyatwawe mubintu vyanyu, kandi izobagirira imbabazi, n’Imana niyo ifise ikigongwe cinshi n’impuhwe zihagije
وَإِن يُرِيدُوا خِيَانَتَكَ فَقَدْ خَانُوا اللَّهَ مِن قَبْلُ فَأَمْكَنَ مِنْهُمْ ۗ وَاللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ (71)
Niba bashaka kukugirira ubwiyonkore kuribo baramaze kwiyonjorora ku Mana imbere yibi vyose, mugabo yaraguhaye ingoga urabatsinda, n’Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
إِنَّ الَّذِينَ آمَنُوا وَهَاجَرُوا وَجَاهَدُوا بِأَمْوَالِهِمْ وَأَنفُسِهِمْ فِي سَبِيلِ اللَّهِ وَالَّذِينَ آوَوا وَّنَصَرُوا أُولَٰئِكَ بَعْضُهُمْ أَوْلِيَاءُ بَعْضٍ ۚ وَالَّذِينَ آمَنُوا وَلَمْ يُهَاجِرُوا مَا لَكُم مِّن وَلَايَتِهِم مِّن شَيْءٍ حَتَّىٰ يُهَاجِرُوا ۚ وَإِنِ اسْتَنصَرُوكُمْ فِي الدِّينِ فَعَلَيْكُمُ النَّصْرُ إِلَّا عَلَىٰ قَوْمٍ بَيْنَكُمْ وَبَيْنَهُم مِّيثَاقٌ ۗ وَاللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ بَصِيرٌ (72)
Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri, bakimuka nukurwanira idini ry’Imana bakoresheje amatungo yabo n’imitima yabo, nabamwe baha abahungutse aho baba nugukiza idini ry’Imana, abo nibo bagenzi kubandi bagenzi, nayo bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri mugabo batimutse ntaburenga nzira mufise bwukugiriranira ibisigi nabo namba, kugeza aho bazokwimuka bava mugihugu c’abahakanyi b’Imana baza kubana namwe, mugabo basavye imfashanyo kuri mwebwe kubijanye n’idini, rero nikuri mwebwe kubafasha dukuyemwo abantu mufitaniye amasezerano ari hagati yanyu nabo, n’Imana niyo ibona ivyo mugira vyose
وَالَّذِينَ كَفَرُوا بَعْضُهُمْ أَوْلِيَاءُ بَعْضٍ ۚ إِلَّا تَفْعَلُوهُ تَكُن فِتْنَةٌ فِي الْأَرْضِ وَفَسَادٌ كَبِيرٌ (73)
Nabamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, n’abagenzi kuribo n’abandi bagenzi nkabo, rero nimutagira gutyo hazoba hari indyane ng’aha kw’Isi n’ubwononyi buniniya cane
وَالَّذِينَ آمَنُوا وَهَاجَرُوا وَجَاهَدُوا فِي سَبِيلِ اللَّهِ وَالَّذِينَ آوَوا وَّنَصَرُوا أُولَٰئِكَ هُمُ الْمُؤْمِنُونَ حَقًّا ۚ لَّهُم مَّغْفِرَةٌ وَرِزْقٌ كَرِيمٌ (74)
N’abemeye Imana yabo y’ukuri bakimuka bakarwanira idini ry’Imana hamwe n’ababahaye aho kuba nugukingira idini ry’Imana, hamwe n’intumwa yiwe, abo nibo ba Isilamu b’ukuri bazoronswa ikigongwe nuguhabwa impembo nziza
وَالَّذِينَ آمَنُوا مِن بَعْدُ وَهَاجَرُوا وَجَاهَدُوا مَعَكُمْ فَأُولَٰئِكَ مِنكُمْ ۚ وَأُولُو الْأَرْحَامِ بَعْضُهُمْ أَوْلَىٰ بِبَعْضٍ فِي كِتَابِ اللَّهِ ۗ إِنَّ اللَّهَ بِكُلِّ شَيْءٍ عَلِيمٌ (75)
Nabamwe bazokwemera munyuma yabo bakimukana nabo bakarwana hamwe namwe, rero abo bantu nibo muri kumwe nabo n’abavukanyi muri vyose bakenerana kubandi, uko niko biri mugitabu c’Imana gitagatifu, mu vy’ukuri Imana niyo nyene ifise ubumenyi bw’ibintu vyose. Gifise imirongo
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas