| هَلْ أَتَاكَ حَدِيثُ الْغَاشِيَةِ (1) Mbega warashikiwe n’inkuru y’ivyago bizopfuka ibiremwa vyose
 | 
| وُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ خَاشِعَةٌ (2) Uwo musi amaso y’abantu azoba afise ibimaramare vyinshi cane
 | 
| عَامِلَةٌ نَّاصِبَةٌ (3) N’ukugira imirimo ikoma komeye cane iruhisha
 | 
| تَصْلَىٰ نَارًا حَامِيَةً (4) Binjire mu muriro udahera waka cane
 | 
| تُسْقَىٰ مِنْ عَيْنٍ آنِيَةٍ (5) Bazonyweshwa muri ayo mariba abira ukuri kwama
 | 
| لَّيْسَ لَهُمْ طَعَامٌ إِلَّا مِن ضَرِيعٍ (6) Ntabifungurwa bazoba bafise atari ibifungurwa vy’amahwa gusa
 | 
| لَّا يُسْمِنُ وَلَا يُغْنِي مِن جُوعٍ (7) Ntibivyibuhisha canke ngo bikure ikigoyi
 | 
| وُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ نَّاعِمَةٌ (8) Amaso y’abandi bantu kuri uwo musi w’imperuka azoba asayangana neza
 | 
| لِّسَعْيِهَا رَاضِيَةٌ (9) Azoba yashimiwe kubera ibikorwa vyabo bagize
 | 
| فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٍ (10) Zizoba ziri mw’ijuru ry’iteka ntangere
 | 
| لَّا تَسْمَعُ فِيهَا لَاغِيَةً (11) Ntizizo kwumva muri ayo majuru ibidafise akamaro
 | 
| فِيهَا عَيْنٌ جَارِيَةٌ (12) Harimwo amariba y’amazi ashunguruka neza
 | 
| فِيهَا سُرُرٌ مَّرْفُوعَةٌ (13) Harimwo n’inyegamo z’iteka zitaramuwe hejuru
 | 
| وَأَكْوَابٌ مَّوْضُوعَةٌ (14) N’ibirahuri bishinguwe neza
 | 
| وَنَمَارِقُ مَصْفُوفَةٌ (15) N’imisego itondeshejwe kumirongo n’iyindi
 | 
| وَزَرَابِيُّ مَبْثُوثَةٌ (16) N’ibirago bishashwe neza biteye igomwe
 | 
| أَفَلَا يَنظُرُونَ إِلَى الْإِبِلِ كَيْفَ خُلِقَتْ (17) Mbega ntibitegereza igene Ingamiya yaremwe
 | 
| وَإِلَى السَّمَاءِ كَيْفَ رُفِعَتْ (18) N’Amajuru ingene yareruwe
 | 
| وَإِلَى الْجِبَالِ كَيْفَ نُصِبَتْ (19) N’Imisozi igene yatsimbatajwe
 | 
| وَإِلَى الْأَرْضِ كَيْفَ سُطِحَتْ (20) N’Isi igene twayaguye
 | 
| فَذَكِّرْ إِنَّمَا أَنتَ مُذَكِّرٌ (21) Rero niwibutse mu vy’ukuri wewe n’uwibutsa abantu gusa
 | 
| لَّسْتَ عَلَيْهِم بِمُصَيْطِرٍ (22) Wewe suwo kubaca imvutu
 | 
| إِلَّا مَن تَوَلَّىٰ وَكَفَرَ (23) Mugabo uwusubiye inyuma n’uguhakana Umuremyi wiwe w’ukuri
 | 
| فَيُعَذِّبُهُ اللَّهُ الْعَذَابَ الْأَكْبَرَ (24) Imana izo muhana ibihano bininiya cane
 | 
| إِنَّ إِلَيْنَا إِيَابَهُمْ (25) Mu vy’ukuri ingaruka yabo niyizoba iwacu
 | 
| ثُمَّ إِنَّ عَلَيْنَا حِسَابَهُم (26) Hanyuma ntankeka iharurwa ryabo riri hejuru yacu
 |