هَلْ أَتَاكَ حَدِيثُ الْغَاشِيَةِ (1) Mbega warashikiwe n’inkuru y’ivyago bizopfuka ibiremwa vyose |
وُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ خَاشِعَةٌ (2) Uwo musi amaso y’abantu azoba afise ibimaramare vyinshi cane |
عَامِلَةٌ نَّاصِبَةٌ (3) N’ukugira imirimo ikoma komeye cane iruhisha |
تَصْلَىٰ نَارًا حَامِيَةً (4) Binjire mu muriro udahera waka cane |
تُسْقَىٰ مِنْ عَيْنٍ آنِيَةٍ (5) Bazonyweshwa muri ayo mariba abira ukuri kwama |
لَّيْسَ لَهُمْ طَعَامٌ إِلَّا مِن ضَرِيعٍ (6) Ntabifungurwa bazoba bafise atari ibifungurwa vy’amahwa gusa |
لَّا يُسْمِنُ وَلَا يُغْنِي مِن جُوعٍ (7) Ntibivyibuhisha canke ngo bikure ikigoyi |
وُجُوهٌ يَوْمَئِذٍ نَّاعِمَةٌ (8) Amaso y’abandi bantu kuri uwo musi w’imperuka azoba asayangana neza |
لِّسَعْيِهَا رَاضِيَةٌ (9) Azoba yashimiwe kubera ibikorwa vyabo bagize |
فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٍ (10) Zizoba ziri mw’ijuru ry’iteka ntangere |
لَّا تَسْمَعُ فِيهَا لَاغِيَةً (11) Ntizizo kwumva muri ayo majuru ibidafise akamaro |
فِيهَا عَيْنٌ جَارِيَةٌ (12) Harimwo amariba y’amazi ashunguruka neza |
فِيهَا سُرُرٌ مَّرْفُوعَةٌ (13) Harimwo n’inyegamo z’iteka zitaramuwe hejuru |
وَأَكْوَابٌ مَّوْضُوعَةٌ (14) N’ibirahuri bishinguwe neza |
وَنَمَارِقُ مَصْفُوفَةٌ (15) N’imisego itondeshejwe kumirongo n’iyindi |
وَزَرَابِيُّ مَبْثُوثَةٌ (16) N’ibirago bishashwe neza biteye igomwe |
أَفَلَا يَنظُرُونَ إِلَى الْإِبِلِ كَيْفَ خُلِقَتْ (17) Mbega ntibitegereza igene Ingamiya yaremwe |
وَإِلَى السَّمَاءِ كَيْفَ رُفِعَتْ (18) N’Amajuru ingene yareruwe |
وَإِلَى الْجِبَالِ كَيْفَ نُصِبَتْ (19) N’Imisozi igene yatsimbatajwe |
وَإِلَى الْأَرْضِ كَيْفَ سُطِحَتْ (20) N’Isi igene twayaguye |
فَذَكِّرْ إِنَّمَا أَنتَ مُذَكِّرٌ (21) Rero niwibutse mu vy’ukuri wewe n’uwibutsa abantu gusa |
لَّسْتَ عَلَيْهِم بِمُصَيْطِرٍ (22) Wewe suwo kubaca imvutu |
إِلَّا مَن تَوَلَّىٰ وَكَفَرَ (23) Mugabo uwusubiye inyuma n’uguhakana Umuremyi wiwe w’ukuri |
فَيُعَذِّبُهُ اللَّهُ الْعَذَابَ الْأَكْبَرَ (24) Imana izo muhana ibihano bininiya cane |
إِنَّ إِلَيْنَا إِيَابَهُمْ (25) Mu vy’ukuri ingaruka yabo niyizoba iwacu |
ثُمَّ إِنَّ عَلَيْنَا حِسَابَهُم (26) Hanyuma ntankeka iharurwa ryabo riri hejuru yacu |