The Quran in Rundi - Surah Duha translated into Rundi, Surah Ad-Dhuha in Rundi. We provide accurate translation of Surah Duha in Rundi - الكيروندية, Verses 11 - Surah Number 93 - Page 596.
وَالضُّحَىٰ (1) Ndarahiye k’Umutaga |
وَاللَّيْلِ إِذَا سَجَىٰ (2) No kw’Ijoro riba rikwiragiye hose |
مَا وَدَّعَكَ رَبُّكَ وَمَا قَلَىٰ (3) Ntiyagusize Umuremyi wawe, canke ntiyashavuye |
وَلَلْآخِرَةُ خَيْرٌ لَّكَ مِنَ الْأُولَىٰ (4) Ntankeka mugihe kiza kizoba ari ciza kuri wewe gusumba icabaye |
وَلَسَوْفَ يُعْطِيكَ رَبُّكَ فَتَرْضَىٰ (5) N’Umuremyi wawe azoguha vyinshi kugeza aho uzoshima |
أَلَمْ يَجِدْكَ يَتِيمًا فَآوَىٰ (6) Mbega nti yagusanze uri impfuvyi ica iguha uburaro n’uburamuko bwiza |
وَوَجَدَكَ ضَالًّا فَهَدَىٰ (7) Igusanga utazi kurongora inzira nayo irakurongora |
وَوَجَدَكَ عَائِلًا فَأَغْنَىٰ (8) Igusanga uri umukene iguha n’ubutunzi |
فَأَمَّا الْيَتِيمَ فَلَا تَقْهَرْ (9) Rero ntubonere impfuvyi |
وَأَمَّا السَّائِلَ فَلَا تَنْهَرْ (10) Kandi ntukankamire uwukubajije |
وَأَمَّا بِنِعْمَةِ رَبِّكَ فَحَدِّثْ (11) N’imigisha y’Umuremyi wawe uyivuge |