| وَاللَّيْلِ إِذَا يَغْشَىٰ (1) Ndarahiye kw’Ijoro ripfuka ibintu vyose
 | 
| وَالنَّهَارِ إِذَا تَجَلَّىٰ (2) No k’Umutaga utanga umuco wayo
 | 
| وَمَا خَلَقَ الذَّكَرَ وَالْأُنثَىٰ (3) No kuwaremye ikigabo n’ikigore
 | 
| إِنَّ سَعْيَكُمْ لَشَتَّىٰ (4) Yuko ibikorwa vyanyu bitandukanye
 | 
| فَأَمَّا مَنْ أَعْطَىٰ وَاتَّقَىٰ (5) Umwe atanga nugutinya Imana yiwe
 | 
| وَصَدَّقَ بِالْحُسْنَىٰ (6) N’ukwemera ijambo ryiza
 | 
| فَسَنُيَسِّرُهُ لِلْيُسْرَىٰ (7) Tuzo mworohereza inzira yukuja mw’ijuru
 | 
| وَأَمَّا مَن بَخِلَ وَاسْتَغْنَىٰ (8) N’uwigira ingumyi ntiyiteho kubindi biremwa nkawe
 | 
| وَكَذَّبَ بِالْحُسْنَىٰ (9) N’uguhakana ibintu vyiza
 | 
| فَسَنُيَسِّرُهُ لِلْعُسْرَىٰ (10) Tuzo mworohereza inzira y’ukuja muriro udahera
 | 
| وَمَا يُغْنِي عَنْهُ مَالُهُ إِذَا تَرَدَّىٰ (11) N’amatungo yiwe ntaco azomumarira mugihe azoba ariko aranyikira mu muriro udahera
 | 
| إِنَّ عَلَيْنَا لَلْهُدَىٰ (12) Mu vy’ukuri nikuri twebwe kuba menyesha ibiremwa vyose inzira nziza hamwe n’inzira y’ishari
 | 
| وَإِنَّ لَنَا لَلْآخِرَةَ وَالْأُولَىٰ (13) Mu vy’ukuri twebwe turafise Ijuru n’Isi
 | 
| فَأَنذَرْتُكُمْ نَارًا تَلَظَّىٰ (14) Rero nimugabe n’umuriro udahera waka n’inguvu nyinshi cane
 | 
| لَا يَصْلَاهَا إِلَّا الْأَشْقَى (15) Ntawuzo winjira mwo atari umuntu mubi
 | 
| الَّذِي كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ (16) Ariwe ahakana n’ukuyiha umugongo iyi dini y’ukuri
 | 
| وَسَيُجَنَّبُهَا الْأَتْقَى (17) Nuwu	gamburukira	Imana	yiwe	y’ukuri	azokingirwa	nuwo	muriro udahera
 | 
| الَّذِي يُؤْتِي مَالَهُ يَتَزَكَّىٰ (18) Uwutanga amatungo yiwe kugira ngo yisukure
 | 
| وَمَا لِأَحَدٍ عِندَهُ مِن نِّعْمَةٍ تُجْزَىٰ (19) Mugihe ata n’umwe yamugiriye ineza kugira ngo abe aramuriha iyo neza
 | 
| إِلَّا ابْتِغَاءَ وَجْهِ رَبِّهِ الْأَعْلَىٰ (20) Atari ukurondera impuhwe z’Umuremyi wiwe mutagatifu
 | 
| وَلَسَوْفَ يَرْضَىٰ (21) Rero azoronka ikizo muhumuriza
 |