The Quran in Rundi - Surah Qariah translated into Rundi, Surah Al-Qariah in Rundi. We provide accurate translation of Surah Qariah in Rundi - الكيروندية, Verses 11 - Surah Number 101 - Page 600.

| الْقَارِعَةُ (1) Ivyago bikubita kumitima y’abantu ariwo muhero w’Isi |
| مَا الْقَارِعَةُ (2) Ivyo vyago bikubita kumutima y’abantu n’ibihe |
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا الْقَارِعَةُ (3) N’ijambo nyabaki rizo kumenyesha yuko ivyo vyago bikubita kumitima y’abantu nivyahe |
| يَوْمَ يَكُونُ النَّاسُ كَالْفَرَاشِ الْمَبْثُوثِ (4) N’umusi waho abantu bazoba nk’abana b’inzige bashwabagiye hose |
| وَتَكُونُ الْجِبَالُ كَالْعِهْنِ الْمَنفُوشِ (5) N’imisozi izoba nk’isufi zasanzajwe zitumukira hejuru |
| فَأَمَّا مَن ثَقُلَتْ مَوَازِينُهُ (6) Rero uwo k’umunzani wiwe uzoba uremereye |
| فَهُوَ فِي عِيشَةٍ رَّاضِيَةٍ (7) Uyo muntu azoba ari mubuzima bumubereye |
| وَأَمَّا مَنْ خَفَّتْ مَوَازِينُهُ (8) Uwuzoba afise k’umunzani wiwe uhoya hoya |
| فَأُمُّهُ هَاوِيَةٌ (9) Uyo muntu ubwicaro bwiwe buzoba ari ubwo mumuriro udahera witiriwe Hawiyat |
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا هِيَهْ (10) None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha uwo muriro witiriwe Hawiyat |
| نَارٌ حَامِيَةٌ (11) N’umucanwa waka cane |