×

Surah Al-Qamar in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Al Qamar

Translation of the Meanings of Surah Al Qamar in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Al Qamar translated into Rundi, Surah Al-Qamar in Rundi. We provide accurate translation of Surah Al Qamar in Rundi - الكيروندية, Verses 55 - Surah Number 54 - Page 528.

بسم الله الرحمن الرحيم

اقْتَرَبَتِ السَّاعَةُ وَانشَقَّ الْقَمَرُ (1)
Umwanya wageze, n’Ukwezi kwamanyutse
وَإِن يَرَوْا آيَةً يُعْرِضُوا وَيَقُولُوا سِحْرٌ مُّسْتَمِرٌّ (2)
Nibabona igitangaro baca bahindukira k’urundi ruhande n’ukuvuga bati:- ubu n’uburozi bwiwe buguma bubandanya
وَكَذَّبُوا وَاتَّبَعُوا أَهْوَاءَهُمْ ۚ وَكُلُّ أَمْرٍ مُّسْتَقِرٌّ (3)
Barahakanye ibi vyose baca bakurikira ivyo imitima yabo yipfuza, n’ibintu vyose vy’Imana n’ibibaho
وَلَقَدْ جَاءَهُم مِّنَ الْأَنبَاءِ مَا فِيهِ مُزْدَجَرٌ (4)
Mu vy’ukuri mwarashikiwe n’inkuru zibuza ibintu bikuru bikuru
حِكْمَةٌ بَالِغَةٌ ۖ فَمَا تُغْنِ النُّذُرُ (5)
Ubuhizi bukwiye mugabo ituza kuribo ntaco rimaze
فَتَوَلَّ عَنْهُمْ ۘ يَوْمَ يَدْعُ الدَّاعِ إِلَىٰ شَيْءٍ نُّكُرٍ (6)
Rero ni wirinde nabo, n’umusi azo hamagara uwuzo hamagara kukintu gihambaye cane
خُشَّعًا أَبْصَارُهُمْ يَخْرُجُونَ مِنَ الْأَجْدَاثِ كَأَنَّهُمْ جَرَادٌ مُّنتَشِرٌ (7)
Amaso yabo azoba yunamye hasi, bavuye muntatemwa zabo nka kumwe kw’inzige zasanzajwe
مُّهْطِعِينَ إِلَى الدَّاعِ ۖ يَقُولُ الْكَافِرُونَ هَٰذَا يَوْمٌ عَسِرٌ (8)
Birukira kuri uwo atuza mugihe bavuga abo batemera Imana yabo y’ukuri bati:- uwu musi uragoye cane
۞ كَذَّبَتْ قَبْلَهُمْ قَوْمُ نُوحٍ فَكَذَّبُوا عَبْدَنَا وَقَالُوا مَجْنُونٌ وَازْدُجِرَ (9)
Imbere yabo, abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone barahakanye bararengwa, mugu hakana intumwa yacu baca bavuga yuko ari umusazi hamwe n’ukubwirwa amajambo akomakomeye
فَدَعَا رَبَّهُ أَنِّي مَغْلُوبٌ فَانتَصِرْ (10)
Niho yatakambira Umuremyi wiwe avuga ati:- mu vy’ukuri jewe nananiwe ahubwo n’undokore
فَفَتَحْنَا أَبْوَابَ السَّمَاءِ بِمَاءٍ مُّنْهَمِرٍ (11)
Mumwanya turugurura imiryango y’amajuru n’amazi ashunguruka n’inguvu nyinshi cane
وَفَجَّرْنَا الْأَرْضَ عُيُونًا فَالْتَقَى الْمَاءُ عَلَىٰ أَمْرٍ قَدْ قُدِرَ (12)
Duca duserura amazi y’amasoko ngaha kw’Isi, n’amazi arahura ku kintu camaze gutegurwa n’Imana
وَحَمَلْنَاهُ عَلَىٰ ذَاتِ أَلْوَاحٍ وَدُسُرٍ (13)
Duca dutwara intumwa y’Imana Nuhu (iii) mu bwato bwakozwe mumbaho n’imisumari
تَجْرِي بِأَعْيُنِنَا جَزَاءً لِّمَن كَانَ كُفِرَ (14)
Bukaba bwagendera imbere y’amaso yacu, iyi n’ingabirano ku wari yaranswe
وَلَقَد تَّرَكْنَاهَا آيَةً فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (15)
Mu vy’ukuri twabusize gutyo nk’ikimenyetso, mugabo hariho uwibuka
فَكَيْفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ (16)
Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje
وَلَقَدْ يَسَّرْنَا الْقُرْآنَ لِلذِّكْرِ فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (17)
Mu vy’ukuri twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hariho uwibuka
كَذَّبَتْ عَادٌ فَكَيْفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ (18)
Barahakanye abo kwa Aadi, mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje
إِنَّا أَرْسَلْنَا عَلَيْهِمْ رِيحًا صَرْصَرًا فِي يَوْمِ نَحْسٍ مُّسْتَمِرٍّ (19)
Mu vy’ukuri twaraba rungikiye Umuyaga w’igihuhusi k’umusi w’umwaku wagumye ubandanya kuribo kugeza uno musi
تَنزِعُ النَّاسَ كَأَنَّهُمْ أَعْجَازُ نَخْلٍ مُّنقَعِرٍ (20)
Uwo muyaga warandura abantu nkakumwe baranduye ibishitsi vy’imitende vyaranduwe
فَكَيْفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ (21)
Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje
وَلَقَدْ يَسَّرْنَا الْقُرْآنَ لِلذِّكْرِ فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (22)
Mu vy’ukuri twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka
كَذَّبَتْ ثَمُودُ بِالنُّذُرِ (23)
Bene Thamudu nabone barahakanye ababa tuza
فَقَالُوا أَبَشَرًا مِّنَّا وَاحِدًا نَّتَّبِعُهُ إِنَّا إِذًا لَّفِي ضَلَالٍ وَسُعُرٍ (24)
Bavuze bati:- yoh! tumukurikire umuntu umwe muri twebwe, mu vy’ukuri tuzoba turi mubazimiye kandi turwaye mumitwe yacu twese
أَأُلْقِيَ الذِّكْرُ عَلَيْهِ مِن بَيْنِنَا بَلْ هُوَ كَذَّابٌ أَشِرٌ (25)
Oya! mbega niwe yamanuriwe gusa icibutso hagati yacu twese, canke niwe mubeshi yibona
سَيَعْلَمُونَ غَدًا مَّنِ الْكَذَّابُ الْأَشِرُ (26)
Ejo niho bazomenya uwuhe mubeshi yibona
إِنَّا مُرْسِلُو النَّاقَةِ فِتْنَةً لَّهُمْ فَارْتَقِبْهُمْ وَاصْطَبِرْ (27)
Tuzobazanira Ingamiya y’inyana kugira ngo tubagerageze gusa, rero wewe n’ubarabe gusa hanyuma wigumye
وَنَبِّئْهُمْ أَنَّ الْمَاءَ قِسْمَةٌ بَيْنَهُمْ ۖ كُلُّ شِرْبٍ مُّحْتَضَرٌ (28)
Hanyuma ubamenyeshe yuko amazi azogaburwa hagati yabo, uruhande rumwe rw’amazi ruzoba rufise umuhagaritsi wayo
فَنَادَوْا صَاحِبَهُمْ فَتَعَاطَىٰ فَعَقَرَ (29)
Rero barahamagara umugenzi wabo, aca afata imbugita abaga ya ngamiya barayifungura
فَكَيْفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ (30)
Mbega ibihano vyanje vyari bimeze gute hamwe n’ugutuza kwanje
إِنَّا أَرْسَلْنَا عَلَيْهِمْ صَيْحَةً وَاحِدَةً فَكَانُوا كَهَشِيمِ الْمُحْتَظِرِ (31)
Mu vy’ukuri twaraba rungikiye isumo rimwe gusa, baca baba nk’imizira y’uwubaka urugo rw’imizira rusenyagurika
وَلَقَدْ يَسَّرْنَا الْقُرْآنَ لِلذِّكْرِ فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (32)
Ntankeka twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka
كَذَّبَتْ قَوْمُ لُوطٍ بِالنُّذُرِ (33)
N’abantu bo kwa Lutwi nabone barahakanye ababatuza
إِنَّا أَرْسَلْنَا عَلَيْهِمْ حَاصِبًا إِلَّا آلَ لُوطٍ ۖ نَّجَّيْنَاهُم بِسَحَرٍ (34)
Mu vy’ukuri twebwe twabarungikiye iminana dukuye mwo abakurikiye intumwa y’Imana Lutwi (iii) nibo twarokoye mubucagu cagu
نِّعْمَةً مِّنْ عِندِنَا ۚ كَذَٰلِكَ نَجْزِي مَن شَكَرَ (35)
Kumihezagiro ivuye iwacu, uko niko duhemba abashima
وَلَقَدْ أَنذَرَهُم بَطْشَتَنَا فَتَمَارَوْا بِالنُّذُرِ (36)
Mu vy’ukuri niwe yabateye ubwoba bw’ibihano vyacu, mugabo kuribo vyarabateye amakenga muvyo twabatujije
وَلَقَدْ رَاوَدُوهُ عَن ضَيْفِهِ فَطَمَسْنَا أَعْيُنَهُمْ فَذُوقُوا عَذَابِي وَنُذُرِ (37)
Bamusavye yuko yobaha abashitsi biwe, natwe duca duhumisha amaso yabo, n’ukuba bwira duti:- ni muhonje ibihano vyanje hamwe n’ituza ryanje
وَلَقَدْ صَبَّحَهُم بُكْرَةً عَذَابٌ مُّسْتَقِرٌّ (38)
Bazindukiwe mugihe co mugitondo n’ibihano vyabandanije kuribo
فَذُوقُوا عَذَابِي وَنُذُرِ (39)
Tubabwira duti:- ni muhonje ibihano vyanje, hamwe n’ituza ryanje
وَلَقَدْ يَسَّرْنَا الْقُرْآنَ لِلذِّكْرِ فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (40)
Ntankeka twebwe twagize iyi Qur’ani ntagatifu ngo iborohere n’ugutegera kuriyo, mbega hari n’umwe yibuka
وَلَقَدْ جَاءَ آلَ فِرْعَوْنَ النُّذُرُ (41)
N’abatuza barashikiwe n’abantu bo kwa Fir’auni nawe nyene arimwo
كَذَّبُوا بِآيَاتِنَا كُلِّهَا فَأَخَذْنَاهُمْ أَخْذَ عَزِيزٍ مُّقْتَدِرٍ (42)
Barahakana ivyemezo vyacu vyose, kuri ivyo twaraba toteje nkuko itoteza nyene inguvu n’ubushobozi
أَكُفَّارُكُمْ خَيْرٌ مِّنْ أُولَٰئِكُمْ أَمْ لَكُم بَرَاءَةٌ فِي الزُّبُرِ (43)
Mbega abahakanyi b’Imana y’ukuri banyu nibo beranda gusumba abo? canke biranditswe mu bitabu yuko mwebwe muzosirwa
أَمْ يَقُولُونَ نَحْنُ جَمِيعٌ مُّنتَصِرٌ (44)
Canke nibo bavuga yuko twebwe turi benshi kandi twishoboje mu kwikingira
سَيُهْزَمُ الْجَمْعُ وَيُوَلُّونَ الدُّبُرَ (45)
Ubwo bwinshi bwabo ubu vuba buzo gendeshwa ningoga na ningoga hanyuma bahindure imigongo yabo birukanga
بَلِ السَّاعَةُ مَوْعِدُهُمْ وَالسَّاعَةُ أَدْهَىٰ وَأَمَرُّ (46)
Mugabo uwo musi w’imperuka niwo mwanya wabo, no kuri iyo saha izoba igoye cane kandi ibabaza cane
إِنَّ الْمُجْرِمِينَ فِي ضَلَالٍ وَسُعُرٍ (47)
Ntankeka izi nkozi z’ikibi bari mu buzimire n’ubusazi
يَوْمَ يُسْحَبُونَ فِي النَّارِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمْ ذُوقُوا مَسَّ سَقَرَ (48)
Umusi bazo kwegwa bajanwa mu muriro udahera bubitse inda zabo hasi babwirwa bati:- ni muhonje agace gatoyi k’umuriro udahera
إِنَّا كُلَّ شَيْءٍ خَلَقْنَاهُ بِقَدَرٍ (49)
Mu vy’ukuri twebwe twaremye ibintu vyose kurugero rukwiye
وَمَا أَمْرُنَا إِلَّا وَاحِدَةٌ كَلَمْحٍ بِالْبَصَرِ (50)
Ntategeko ryariho atari uko ryari rimwe gusa nk’ugukubita urugohe rumwe gusa
وَلَقَدْ أَهْلَكْنَا أَشْيَاعَكُمْ فَهَلْ مِن مُّدَّكِرٍ (51)
Mu vy’ukuri twaramaze guhonya bagenzi banyu, mugabo harimwo abibuka
وَكُلُّ شَيْءٍ فَعَلُوهُ فِي الزُّبُرِ (52)
N’ijambo iryariryo ryose bagize riri mu bitabu vyacu
وَكُلُّ صَغِيرٍ وَكَبِيرٍ مُّسْتَطَرٌ (53)
N’ikintu gitoyi canke kininiya vyose biranditswe
إِنَّ الْمُتَّقِينَ فِي جَنَّاتٍ وَنَهَرٍ (54)
Ntankeka aba gamburukira Imana yabo y’ukuri bazoba bari mumirima n’imyonga
فِي مَقْعَدِ صِدْقٍ عِندَ مَلِيكٍ مُّقْتَدِرٍ (55)
Mu bwicaro bwiza buri mw’Ijuru ry’Imana, Umwami w’ubushobozi bw’ibintu vyose
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas