×

Surah Al-Maarij in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Maarij

Translation of the Meanings of Surah Maarij in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Maarij translated into Rundi, Surah Al-Maarij in Rundi. We provide accurate translation of Surah Maarij in Rundi - الكيروندية, Verses 44 - Surah Number 70 - Page 568.

بسم الله الرحمن الرحيم

سَأَلَ سَائِلٌ بِعَذَابٍ وَاقِعٍ (1)
Uwabajije abaza kubijanye n’ibihano bizoba
لِّلْكَافِرِينَ لَيْسَ لَهُ دَافِعٌ (2)
Kubera abahakanyi b’Imana y’ukuri bada shobora kuwu hagarika uwo musi
مِّنَ اللَّهِ ذِي الْمَعَارِجِ (3)
Bivuye ku Mana nyene iteka rikuru cane
تَعْرُجُ الْمَلَائِكَةُ وَالرُّوحُ إِلَيْهِ فِي يَوْمٍ كَانَ مِقْدَارُهُ خَمْسِينَ أَلْفَ سَنَةٍ (4)
Abamarayika hamwe n’imitima y’abantu bose yama iduga iwe k’umusi waho ikiringo cayo ari imyaka ibihumbi mirongo itanu
فَاصْبِرْ صَبْرًا جَمِيلًا (5)
Rero ni wigumye kuwigumya neza
إِنَّهُمْ يَرَوْنَهُ بَعِيدًا (6)
Mu vy’ukuri uwo musi w’umuhero w’isi bo bawubona yuko uri kure cane
وَنَرَاهُ قَرِيبًا (7)
Natwe tuwubona yuko uri hafi cane
يَوْمَ تَكُونُ السَّمَاءُ كَالْمُهْلِ (8)
Umusi amajuru azoba nk’ubutare bw’umujumpu bwashaye cane
وَتَكُونُ الْجِبَالُ كَالْعِهْنِ (9)
N’Imisozi ikazoba nk’isufi zaguruwe ziri mukirere
وَلَا يَسْأَلُ حَمِيمٌ حَمِيمًا (10)
N’umugenzi ntazo baza mugenzi wiwe
يُبَصَّرُونَهُمْ ۚ يَوَدُّ الْمُجْرِمُ لَوْ يَفْتَدِي مِنْ عَذَابِ يَوْمِئِذٍ بِبَنِيهِ (11)
Naho bogirwa ngo babonane nuwuri mumakosa azokwipfuza yuko yo kwikombora n’ibihano vy’uwo musi w’umuhero w’Isi mu gutanga ibibondo vyiwe
وَصَاحِبَتِهِ وَأَخِيهِ (12)
N’umukenyezi wiwe hamwe na bene wabo
وَفَصِيلَتِهِ الَّتِي تُؤْوِيهِ (13)
N’abagenzi biwe bamukikuje kumpande zose
وَمَن فِي الْأَرْضِ جَمِيعًا ثُمَّ يُنجِيهِ (14)
N’ibiri kw’isi vyose hanyuma arokoke
كَلَّا ۖ إِنَّهَا لَظَىٰ (15)
Mugabo sivyo, mu vy’ukuri uwo n’umuriro waka neza cane
نَزَّاعَةً لِّلشَّوَىٰ (16)
Ubabura urukoba rw’umubiri rimwe na rimwe
تَدْعُو مَنْ أَدْبَرَ وَتَوَلَّىٰ (17)
Uzo hamagara kuwahindukije umugongo wiwe nuguhindukira mu kutitaho inyigisho z’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani
وَجَمَعَ فَأَوْعَىٰ (18)
N’uwegeranije amatungo yiwe hanyuma akayaziganya
۞ إِنَّ الْإِنسَانَ خُلِقَ هَلُوعًا (19)
Mu vy’ukuri umuntu yaremwe n’igihababu cinshi
إِذَا مَسَّهُ الشَّرُّ جَزُوعًا (20)
Mugihe ashikiwe n’ishari niho aca asimbwa n’umutima
وَإِذَا مَسَّهُ الْخَيْرُ مَنُوعًا (21)
Ashikiwe n’amahirwe aca yigungira ko
إِلَّا الْمُصَلِّينَ (22)
Dukuye mwo abasenga Imana yabo y’ukuri
الَّذِينَ هُمْ عَلَىٰ صَلَاتِهِمْ دَائِمُونَ (23)
N’abatsimbataza amasengesho yabo
وَالَّذِينَ فِي أَمْوَالِهِمْ حَقٌّ مَّعْلُومٌ (24)
N’abafise mu matungo yabo harimwo igice cabo kizwi neza
لِّلسَّائِلِ وَالْمَحْرُومِ (25)
Kubera uwasavye n’uwigumya mu kudasega
وَالَّذِينَ يُصَدِّقُونَ بِيَوْمِ الدِّينِ (26)
N’abemera umusi w’impembo
وَالَّذِينَ هُم مِّنْ عَذَابِ رَبِّهِم مُّشْفِقُونَ (27)
N’abatinya ibihano vy’Umuremyi wabo
إِنَّ عَذَابَ رَبِّهِمْ غَيْرُ مَأْمُونٍ (28)
Mu vy’ukuri ibihano vy’Umuremyi wabo si ivyu kurokoka kw’umuntu w’umunyavyaha
وَالَّذِينَ هُمْ لِفُرُوجِهِمْ حَافِظُونَ (29)
N’abapfuka ibitsina vyabo
إِلَّا عَلَىٰ أَزْوَاجِهِمْ أَوْ مَا مَلَكَتْ أَيْمَانُهُمْ فَإِنَّهُمْ غَيْرُ مَلُومِينَ (30)
Dukuye mwo abakenyezi babo canke bamwe batunzwe bari mu minwe yabo y’iburyo, abo nibo badatabwako umwikomo
فَمَنِ ابْتَغَىٰ وَرَاءَ ذَٰلِكَ فَأُولَٰئِكَ هُمُ الْعَادُونَ (31)
Mugabo abipfuza kuronka ibitari ibi, abo nibo barenga imbibe zagenywe n’Imana
وَالَّذِينَ هُمْ لِأَمَانَاتِهِمْ وَعَهْدِهِمْ رَاعُونَ (32)
Naba ziganya ivyabo hamwe n’amasezerano yabo
وَالَّذِينَ هُم بِشَهَادَاتِهِمْ قَائِمُونَ (33)
Naba hagaze neza mukuba ivyabona vyabo
وَالَّذِينَ هُمْ عَلَىٰ صَلَاتِهِمْ يُحَافِظُونَ (34)
Naba bunga bunga amasengesho yabo
أُولَٰئِكَ فِي جَنَّاتٍ مُّكْرَمُونَ (35)
Abo nibo bazoba bari mu mirima bafise urupfasoni ntangere
فَمَالِ الَّذِينَ كَفَرُوا قِبَلَكَ مُهْطِعِينَ (36)
Bafise iki bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mugihe bagukanuriye amaso yabo gusa
عَنِ الْيَمِينِ وَعَنِ الشِّمَالِ عِزِينَ (37)
Imirwi y’abantu n’iyindi izoba iri k’uruhande rw’iburyo n’ibubamfu
أَيَطْمَعُ كُلُّ امْرِئٍ مِّنْهُمْ أَن يُدْخَلَ جَنَّةَ نَعِيمٍ (38)
Mbega umwe wese muribo yizeye yuko azo kwinjizwa muri iryo juru ry’imigisha
كَلَّا ۖ إِنَّا خَلَقْنَاهُم مِّمَّا يَعْلَمُونَ (39)
Oya! Sivyo, mu vy’ukuri twebwe twabaremye muvyo bazi
فَلَا أُقْسِمُ بِرَبِّ الْمَشَارِقِ وَالْمَغَارِبِ إِنَّا لَقَادِرُونَ (40)
Rero ndarahiye ku Muremyi wo m’ubuseruko bwose no mu burengero bwose yuko twebwe tubishoboye
عَلَىٰ أَن نُّبَدِّلَ خَيْرًا مِّنْهُمْ وَمَا نَحْنُ بِمَسْبُوقِينَ (41)
Kubahindura abari intungane gusumba abahahora, natwe ntitunaniwe
فَذَرْهُمْ يَخُوضُوا وَيَلْعَبُوا حَتَّىٰ يُلَاقُوا يَوْمَهُمُ الَّذِي يُوعَدُونَ (42)
Rero nimubareke biyagire ayamuhe bateko bafyinate, kugeza naho bazobona umusi wabo bemerewe
يَوْمَ يَخْرُجُونَ مِنَ الْأَجْدَاثِ سِرَاعًا كَأَنَّهُمْ إِلَىٰ نُصُبٍ يُوفِضُونَ (43)
Umusi bazova mu ntatemwa zabo ningoga na ningoga nkuko birukira aho basiganirwa ho
خَاشِعَةً أَبْصَارُهُمْ تَرْهَقُهُمْ ذِلَّةٌ ۚ ذَٰلِكَ الْيَوْمُ الَّذِي كَانُوا يُوعَدُونَ (44)
Amaso yabo azoba yunamye apfutswe n’ibimaramare, uwo niwo musi bahora bemererwa
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas