×

Surah Al-Muddaththir in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Muddathir

Translation of the Meanings of Surah Muddathir in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Muddathir translated into Rundi, Surah Al-Muddaththir in Rundi. We provide accurate translation of Surah Muddathir in Rundi - الكيروندية, Verses 56 - Surah Number 74 - Page 575.

بسم الله الرحمن الرحيم

يَا أَيُّهَا الْمُدَّثِّرُ (1)
Wewe wipfutse amahuzu
قُمْ فَأَنذِرْ (2)
Haguruka utuze abantu
وَرَبَّكَ فَكَبِّرْ (3)
Uninahaze Umuremyi wawe
وَثِيَابَكَ فَطَهِّرْ (4)
Usukure n’impuzu zawe
وَالرُّجْزَ فَاهْجُرْ (5)
N’amabi yose ntuyiteho
وَلَا تَمْنُن تَسْتَكْثِرُ (6)
Kandi ntugire ineza kubiremwa kugira ngo uronke umusesekara w’amaronko ngaha kw’isi
وَلِرَبِّكَ فَاصْبِرْ (7)
Kubera Umuremyi wawe, wewe niwigumye gusa
فَإِذَا نُقِرَ فِي النَّاقُورِ (8)
Niha vuzwa inzamba y’umuhero w’isi
فَذَٰلِكَ يَوْمَئِذٍ يَوْمٌ عَسِيرٌ (9)
Kuri uwo musi uzoba ari umusi uhambaye cane
عَلَى الْكَافِرِينَ غَيْرُ يَسِيرٍ (10)
Kubahakanyi b’Imana y’ukuri, uwo musi ntuzoba woroshe kuribo namba
ذَرْنِي وَمَنْ خَلَقْتُ وَحِيدًا (11)
Jewe n’undeke hamwe nuwo niremeye jewe nyene
وَجَعَلْتُ لَهُ مَالًا مَّمْدُودًا (12)
Ndamuhezagire aronke amatungo menshi
وَبَنِينَ شُهُودًا (13)
N’ibibondo biboneka ahariho hose
وَمَهَّدتُّ لَهُ تَمْهِيدًا (14)
Ndamugirira ibintu vyiwe neza cane
ثُمَّ يَطْمَعُ أَنْ أَزِيدَ (15)
Hanyuma yizera yuko nzomwongereza
كَلَّا ۖ إِنَّهُ كَانَ لِآيَاتِنَا عَنِيدًا (16)
Oya! Mu vy’ukuri yahora ahakana amajambo yacu meranda
سَأُرْهِقُهُ صَعُودًا (17)
Rero nzo muhana n’ibihano bininiya cane
إِنَّهُ فَكَّرَ وَقَدَّرَ (18)
Mu vy’ukuri yariyumviriye n’ugupima
فَقُتِلَ كَيْفَ قَدَّرَ (19)
Arahonywa, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani
ثُمَّ قُتِلَ كَيْفَ قَدَّرَ (20)
Kandi yarahonejwe, none ni gute yateguye mugutyoza iyi Qur’ani
ثُمَّ نَظَرَ (21)
Hanyuma yaritegereje
ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ (22)
Hanyuma arazinga mumaso yiwe kugeza naho haboneka iminkanyari
ثُمَّ أَدْبَرَ وَاسْتَكْبَرَ (23)
Hanyuma ukuri aguha umugongo wiwe n’ukwishima cane
فَقَالَ إِنْ هَٰذَا إِلَّا سِحْرٌ يُؤْثَرُ (24)
N’ukuvuga ati:- ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari uburozi bwabuwe
إِنْ هَٰذَا إِلَّا قَوْلُ الْبَشَرِ (25)
Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amajambo y’umuntu asanzwe
سَأُصْلِيهِ سَقَرَ (26)
Ubu vuba nzomuta mu muriro udahera
وَمَا أَدْرَاكَ مَا سَقَرُ (27)
None n’igiki kizo kumenyesha uwo muriro udahera
لَا تُبْقِي وَلَا تَذَرُ (28)
Udasigaza nico usigaza
لَوَّاحَةٌ لِّلْبَشَرِ (29)
Uwo muriro nuwu babura urukoba rimwe na rimwe
عَلَيْهَا تِسْعَةَ عَشَرَ (30)
Hejuru yuwo muriro udahera hariho abawucungera bashika kw’icumi n’icenda
وَمَا جَعَلْنَا أَصْحَابَ النَّارِ إِلَّا مَلَائِكَةً ۙ وَمَا جَعَلْنَا عِدَّتَهُمْ إِلَّا فِتْنَةً لِّلَّذِينَ كَفَرُوا لِيَسْتَيْقِنَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ وَيَزْدَادَ الَّذِينَ آمَنُوا إِيمَانًا ۙ وَلَا يَرْتَابَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ وَالْمُؤْمِنُونَ ۙ وَلِيَقُولَ الَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ وَالْكَافِرُونَ مَاذَا أَرَادَ اللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلًا ۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ اللَّهُ مَن يَشَاءُ وَيَهْدِي مَن يَشَاءُ ۚ وَمَا يَعْلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَ ۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكْرَىٰ لِلْبَشَرِ (31)
Ntitwashizeho abacungera uwo muriro udahera atari abamarayika, kandi ntitwagize igitigiri cabo cumi n’icenda atari uko ari ikibazo kuri barya bahakanye Imana yabo y’ukuri kugira ngo bashirwe n’abahawe ibitabu imbere yanyu, n’abemeye Imana yabo y’ukuri bagumane ukwemera kwabo, kandi ntibagire amakenga bamwe bahawe igitabu imbere yanyu canke aba Isilamu n’abazoba bafise indwara mu mitima yabo hamwe n’abahakanye Imana yabo y’ukuri baze bavuge bati:- Imana yashatse kugira iki kuri kano karorero? Uku rero niko Imana ireka umuntu akazimira kuwo yishakiye n’ukurongora uwo yishakiye, kandi nta numwe afise ubumenyi bw’ukumenya ingabo z’Umuremyi wawe atariyo yonyene gusa, kandi ntivyari kuba atari ikimenyetso kubiremwa vyose
كَلَّا وَالْقَمَرِ (32)
Sivyo none ? Ndarahiye k’ukwezi
وَاللَّيْلِ إِذْ أَدْبَرَ (33)
N’Ijoro rikeye
وَالصُّبْحِ إِذَا أَسْفَرَ (34)
No mugitondo hakeye
إِنَّهَا لَإِحْدَى الْكُبَرِ (35)
Mu vy’ukuri uwo muriro udahera n’umwe mungorane niniya zihambaye cane
نَذِيرًا لِّلْبَشَرِ (36)
N’igabisho ku bantu
لِمَن شَاءَ مِنكُمْ أَن يَتَقَدَّمَ أَوْ يَتَأَخَّرَ (37)
K’uwushaka muri mwebwe n’atanguze kuja imbere canke aje inyuma
كُلُّ نَفْسٍ بِمَا كَسَبَتْ رَهِينَةٌ (38)
Umutima w’umwumwe wese uzo kwugaranirwa mu muriro udahera kubera ibikorwa bibi wakoze
إِلَّا أَصْحَابَ الْيَمِينِ (39)
Dukuye mwo abantu b’iburyo
فِي جَنَّاتٍ يَتَسَاءَلُونَ (40)
Abo bantu bazoba mu mirima babazanya
عَنِ الْمُجْرِمِينَ (41)
Kubera abantu babi
مَا سَلَكَكُمْ فِي سَقَرَ (42)
N’ikintu nyabaki cabatwaye mu muriro udahera
قَالُوا لَمْ نَكُ مِنَ الْمُصَلِّينَ (43)
Bazo vuga bati:- ntitwari mu bantu bahora basenga
وَلَمْ نَكُ نُطْعِمُ الْمِسْكِينَ (44)
Kandi ntitwahora duha abakene ibifungugwa
وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ الْخَائِضِينَ (45)
Kandi twahora twibira mu bicumuro hamwe n’abahora bibira
وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوْمِ الدِّينِ (46)
Kandi twahora duhakana yuko ata musi w’uguciribwa imanza
حَتَّىٰ أَتَانَا الْيَقِينُ (47)
Kugeza n’aho dushikirwa n’urupfu
فَمَا تَنفَعُهُمْ شَفَاعَةُ الشَّافِعِينَ (48)
Ntaco bizofasha uko gusaba kw’abasabira abaribo bose
فَمَا لَهُمْ عَنِ التَّذْكِرَةِ مُعْرِضِينَ (49)
Mbega bafise iki ? Ntibitaho kuri rino tuza
كَأَنَّهُمْ حُمُرٌ مُّسْتَنفِرَةٌ (50)
Nkuko umengo n’indogobwe zigenda ningoga na ningoga
فَرَّتْ مِن قَسْوَرَةٍ (51)
Ziruka nk’intare
بَلْ يُرِيدُ كُلُّ امْرِئٍ مِّنْهُمْ أَن يُؤْتَىٰ صُحُفًا مُّنَشَّرَةً (52)
Umwe wese muribo agomba yuko ahabwa impapuro zizoba zanditswe ko
كَلَّا ۖ بَل لَّا يَخَافُونَ الْآخِرَةَ (53)
Oya! kuri bo ntibatinya umuhero w’Isi
كَلَّا إِنَّهُ تَذْكِرَةٌ (54)
Oya ! Si uko, mu vy’ukuri ubwo n’ubwibutso
فَمَن شَاءَ ذَكَرَهُ (55)
Rero uwushaka azokwibuka
وَمَا يَذْكُرُونَ إِلَّا أَن يَشَاءَ اللَّهُ ۚ هُوَ أَهْلُ التَّقْوَىٰ وَأَهْلُ الْمَغْفِرَةِ (56)
Ntibazo kwibuka atari uko Imana yabishatse, kuko niyo ikwiwe gutinywa n’ukugira imbabazi
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas