×

Surah Al-Mursalat in Rundi

Quran Rundi ⮕ Surah Mursalat

Translation of the Meanings of Surah Mursalat in Rundi - الكيروندية

The Quran in Rundi - Surah Mursalat translated into Rundi, Surah Al-Mursalat in Rundi. We provide accurate translation of Surah Mursalat in Rundi - الكيروندية, Verses 50 - Surah Number 77 - Page 580.

بسم الله الرحمن الرحيم

وَالْمُرْسَلَاتِ عُرْفًا (1)
Ndarahiye kumiyaga izanwa buhoro buhoro
فَالْعَاصِفَاتِ عَصْفًا (2)
No kumiyaga ihinda kunguvu nyinshi cane
وَالنَّاشِرَاتِ نَشْرًا (3)
No kumiyaga igurura ibicu, ikabigurura nkuko Imana ibishaka
فَالْفَارِقَاتِ فَرْقًا (4)
Iga tandukanisha kure na kure ivyo bicu
فَالْمُلْقِيَاتِ ذِكْرًا (5)
Ndarahiye kuba Marayika bashikiriza ubutumwa bw’Imana ku ntumwa z’Imana
عُذْرًا أَوْ نُذْرًا (6)
Mugukura impamvu kanaka canke gutuza
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَاقِعٌ (7)
Mu vy’ukuri ibi mwemerewe ntankeka bizoshika
فَإِذَا النُّجُومُ طُمِسَتْ (8)
Mugihe inyenyeri zizo hanagurwa imico yazo
وَإِذَا السَّمَاءُ فُرِجَتْ (9)
N’amajuru igihe azo manyagurika
وَإِذَا الْجِبَالُ نُسِفَتْ (10)
N’imisozi igihe izo vungagurika
وَإِذَا الرُّسُلُ أُقِّتَتْ (11)
N’intumwa z’Imana igihe zizo kwegeranywa
لِأَيِّ يَوْمٍ أُجِّلَتْ (12)
Ni k’umusi uwuhe bagenewe ico gihe
لِيَوْمِ الْفَصْلِ (13)
N’umusi w’intahe y’ukuri
وَمَا أَدْرَاكَ مَا يَوْمُ الْفَصْلِ (14)
None n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’intahe y’ukuri
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (15)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
أَلَمْ نُهْلِكِ الْأَوَّلِينَ (16)
Mbega ntitwahoneje abantu ba kera burundu
ثُمَّ نُتْبِعُهُمُ الْآخِرِينَ (17)
Hanyuma dukurikiza ko abandi bantu
كَذَٰلِكَ نَفْعَلُ بِالْمُجْرِمِينَ (18)
Uko niko tuzobagira abandi bazoba bari mumakosa
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (19)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
أَلَمْ نَخْلُقكُّم مِّن مَّاءٍ مَّهِينٍ (20)
Mbega ntitwabaremye mumazi ahoya hoya
فَجَعَلْنَاهُ فِي قَرَارٍ مَّكِينٍ (21)
Hanyuma tuyashira ahantu haturuye
إِلَىٰ قَدَرٍ مَّعْلُومٍ (22)
Kugeza kukiringo kizwi
فَقَدَرْنَا فَنِعْمَ الْقَادِرُونَ (23)
Natwe tugereranya umwanya w’ukuboneka kw’ikibondo, natwe ni beza mukugereranya
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (24)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
أَلَمْ نَجْعَلِ الْأَرْضَ كِفَاتًا (25)
Mbega twebwe ntitwagize iy’Isi kugira ngo twegeranye abantu bose
أَحْيَاءً وَأَمْوَاتًا (26)
Mubiri bizima hamwe n’ivyapfuye
وَجَعَلْنَا فِيهَا رَوَاسِيَ شَامِخَاتٍ وَأَسْقَيْنَاكُم مَّاءً فُرَاتًا (27)
No muriyo duhashira mwo imisozi mire mire itsimbataye neza hasi n’ukubanywesha amazi meza y’umusarara
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (28)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
انطَلِقُوا إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِ تُكَذِّبُونَ (29)
Ni mugende kuri vya bihano mwahora muhakana
انطَلِقُوا إِلَىٰ ظِلٍّ ذِي ثَلَاثِ شُعَبٍ (30)
Ni mugende muri ca gitutu c’umuriro gifise impande zitatu
لَّا ظَلِيلٍ وَلَا يُغْنِي مِنَ اللَّهَبِ (31)
Ntikibapfuka ico gitutu canke ntikibahengeshanya n’ukwaka kuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu
إِنَّهَا تَرْمِي بِشَرَرٍ كَالْقَصْرِ (32)
Mu vy’ukuri uwo muriro udahera utanga imishwarara yawo ingana nk’amazu
كَأَنَّهُ جِمَالَتٌ صُفْرٌ (33)
Nkuko womengo n’ingamiya ifise ibara ry’umuhondo
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (34)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
هَٰذَا يَوْمُ لَا يَنطِقُونَ (35)
Uno musi n’umusi waho ata nakimwe bavuga
وَلَا يُؤْذَنُ لَهُمْ فَيَعْتَذِرُونَ (36)
Kandi ntibazo habwa uruhusha kugira ngo bisigure
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (37)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
هَٰذَا يَوْمُ الْفَصْلِ ۖ جَمَعْنَاكُمْ وَالْأَوَّلِينَ (38)
Uwu n’umusi w’intahe y’ukuri, twabegeranije mwese hamwe n’ababayeho imbere yanyu
فَإِن كَانَ لَكُمْ كَيْدٌ فَكِيدُونِ (39)
Ni mwaba mufise izindi ngeso ni muzigire hejuru yanje
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (40)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
إِنَّ الْمُتَّقِينَ فِي ظِلَالٍ وَعُيُونٍ (41)
Ntankeka aba ninahaza Imana yabo y’ukuri bazoba bari mu bitutu n’imyonga
وَفَوَاكِهَ مِمَّا يَشْتَهُونَ (42)
N’ivyamwa bakunda
كُلُوا وَاشْرَبُوا هَنِيئًا بِمَا كُنتُمْ تَعْمَلُونَ (43)
Ni mufungure kandi munywe n’akanya muneza ntangere, kubera ivyo mwahora mugira
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجْزِي الْمُحْسِنِينَ (44)
Uku rero niko duhemba abagira ineza
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (45)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
كُلُوا وَتَمَتَّعُوا قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجْرِمُونَ (46)
Ni mufungure kandi mwinezereze gatoyi gusa, mu vy’ukuri mwebwe muri abononyi
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (47)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ارْكَعُوا لَا يَرْكَعُونَ (48)
Babwiwe bati :- ni mupfukame, ntibigera bapfukama namba
وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (49)
N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
فَبِأَيِّ حَدِيثٍ بَعْدَهُ يُؤْمِنُونَ (50)
Mbega n’ibiganiro nyabaki inyuma yibi biganiro vy’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani bazo kwemera
❮ Previous Next ❯

Surahs from Quran :

1- Fatiha2- Baqarah
3- Al Imran4- Nisa
5- Maidah6- Anam
7- Araf8- Anfal
9- Tawbah10- Yunus
11- Hud12- Yusuf
13- Raad14- Ibrahim
15- Hijr16- Nahl
17- Al Isra18- Kahf
19- Maryam20- TaHa
21- Anbiya22- Hajj
23- Muminun24- An Nur
25- Furqan26- Shuara
27- Naml28- Qasas
29- Ankabut30- Rum
31- Luqman32- Sajdah
33- Ahzab34- Saba
35- Fatir36- Yasin
37- Assaaffat38- Sad
39- Zumar40- Ghafir
41- Fussilat42- shura
43- Zukhruf44- Ad Dukhaan
45- Jathiyah46- Ahqaf
47- Muhammad48- Al Fath
49- Hujurat50- Qaf
51- zariyat52- Tur
53- Najm54- Al Qamar
55- Rahman56- Waqiah
57- Hadid58- Mujadilah
59- Al Hashr60- Mumtahina
61- Saff62- Jumuah
63- Munafiqun64- Taghabun
65- Talaq66- Tahrim
67- Mulk68- Qalam
69- Al-Haqqah70- Maarij
71- Nuh72- Jinn
73- Muzammil74- Muddathir
75- Qiyamah76- Insan
77- Mursalat78- An Naba
79- Naziat80- Abasa
81- Takwir82- Infitar
83- Mutaffifin84- Inshiqaq
85- Buruj86- Tariq
87- Al Ala88- Ghashiya
89- Fajr90- Al Balad
91- Shams92- Lail
93- Duha94- Sharh
95- Tin96- Al Alaq
97- Qadr98- Bayyinah
99- Zalzalah100- Adiyat
101- Qariah102- Takathur
103- Al Asr104- Humazah
105- Al Fil106- Quraysh
107- Maun108- Kawthar
109- Kafirun110- Nasr
111- Masad112- Ikhlas
113- Falaq114- An Nas