| وَالْمُرْسَلَاتِ عُرْفًا (1) Ndarahiye kumiyaga izanwa buhoro buhoro
 | 
| فَالْعَاصِفَاتِ عَصْفًا (2) No kumiyaga ihinda kunguvu nyinshi cane
 | 
| وَالنَّاشِرَاتِ نَشْرًا (3) No kumiyaga igurura ibicu, ikabigurura nkuko Imana ibishaka
 | 
| فَالْفَارِقَاتِ فَرْقًا (4) Iga tandukanisha kure na kure ivyo bicu
 | 
| فَالْمُلْقِيَاتِ ذِكْرًا (5) Ndarahiye kuba Marayika bashikiriza ubutumwa bw’Imana ku ntumwa z’Imana
 | 
| عُذْرًا أَوْ نُذْرًا (6) Mugukura impamvu kanaka canke gutuza
 | 
| إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَاقِعٌ (7) Mu vy’ukuri ibi mwemerewe ntankeka bizoshika
 | 
| فَإِذَا النُّجُومُ طُمِسَتْ (8) Mugihe inyenyeri zizo hanagurwa imico yazo
 | 
| وَإِذَا السَّمَاءُ فُرِجَتْ (9) N’amajuru igihe azo manyagurika
 | 
| وَإِذَا الْجِبَالُ نُسِفَتْ (10) N’imisozi igihe izo vungagurika
 | 
| وَإِذَا الرُّسُلُ أُقِّتَتْ (11) N’intumwa z’Imana igihe zizo kwegeranywa
 | 
| لِأَيِّ يَوْمٍ أُجِّلَتْ (12) Ni k’umusi uwuhe bagenewe ico gihe
 | 
| لِيَوْمِ الْفَصْلِ (13) N’umusi w’intahe y’ukuri
 | 
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا يَوْمُ الْفَصْلِ (14) None n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’intahe y’ukuri
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (15) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| أَلَمْ نُهْلِكِ الْأَوَّلِينَ (16) Mbega ntitwahoneje abantu ba kera burundu
 | 
| ثُمَّ نُتْبِعُهُمُ الْآخِرِينَ (17) Hanyuma dukurikiza ko abandi bantu
 | 
| كَذَٰلِكَ نَفْعَلُ بِالْمُجْرِمِينَ (18) Uko niko tuzobagira abandi bazoba bari mumakosa
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (19) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| أَلَمْ نَخْلُقكُّم مِّن مَّاءٍ مَّهِينٍ (20) Mbega ntitwabaremye mumazi ahoya hoya
 | 
| فَجَعَلْنَاهُ فِي قَرَارٍ مَّكِينٍ (21) Hanyuma tuyashira ahantu haturuye
 | 
| إِلَىٰ قَدَرٍ مَّعْلُومٍ (22) Kugeza kukiringo kizwi
 | 
| فَقَدَرْنَا فَنِعْمَ الْقَادِرُونَ (23) Natwe tugereranya umwanya w’ukuboneka kw’ikibondo, natwe ni beza mukugereranya
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (24) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| أَلَمْ نَجْعَلِ الْأَرْضَ كِفَاتًا (25) Mbega twebwe ntitwagize iy’Isi kugira ngo twegeranye abantu bose
 | 
| أَحْيَاءً وَأَمْوَاتًا (26) Mubiri bizima hamwe n’ivyapfuye
 | 
| وَجَعَلْنَا فِيهَا رَوَاسِيَ شَامِخَاتٍ وَأَسْقَيْنَاكُم مَّاءً فُرَاتًا (27) No	muriyo	duhashira	mwo	imisozi	mire	mire	itsimbataye	neza	hasi n’ukubanywesha amazi meza y’umusarara
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (28) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| انطَلِقُوا إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِ تُكَذِّبُونَ (29) Ni mugende kuri vya bihano mwahora muhakana
 | 
| انطَلِقُوا إِلَىٰ ظِلٍّ ذِي ثَلَاثِ شُعَبٍ (30) Ni mugende muri ca gitutu c’umuriro gifise impande zitatu
 | 
| لَّا ظَلِيلٍ وَلَا يُغْنِي مِنَ اللَّهَبِ (31) Ntikibapfuka	ico	gitutu	canke	ntikibahengeshanya	n’ukwaka	kuwo muriro udahera witiriwe Jahannamu
 | 
| إِنَّهَا تَرْمِي بِشَرَرٍ كَالْقَصْرِ (32) Mu	vy’ukuri	uwo	muriro	udahera	utanga	imishwarara	yawo	ingana nk’amazu
 | 
| كَأَنَّهُ جِمَالَتٌ صُفْرٌ (33) Nkuko womengo n’ingamiya ifise ibara ry’umuhondo
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (34) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| هَٰذَا يَوْمُ لَا يَنطِقُونَ (35) Uno musi n’umusi waho ata nakimwe bavuga
 | 
| وَلَا يُؤْذَنُ لَهُمْ فَيَعْتَذِرُونَ (36) Kandi ntibazo habwa uruhusha kugira ngo bisigure
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (37) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| هَٰذَا يَوْمُ الْفَصْلِ ۖ جَمَعْنَاكُمْ وَالْأَوَّلِينَ (38) Uwu	n’umusi	w’intahe	y’ukuri,	twabegeranije	mwese	hamwe n’ababayeho imbere yanyu
 | 
| فَإِن كَانَ لَكُمْ كَيْدٌ فَكِيدُونِ (39) Ni mwaba mufise izindi ngeso ni muzigire hejuru yanje
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (40) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| إِنَّ الْمُتَّقِينَ فِي ظِلَالٍ وَعُيُونٍ (41) Ntankeka	aba	ninahaza	Imana	yabo	y’ukuri	bazoba	bari	mu	bitutu n’imyonga
 | 
| وَفَوَاكِهَ مِمَّا يَشْتَهُونَ (42) N’ivyamwa bakunda
 | 
| كُلُوا وَاشْرَبُوا هَنِيئًا بِمَا كُنتُمْ تَعْمَلُونَ (43) Ni mufungure kandi munywe n’akanya muneza ntangere, kubera ivyo mwahora mugira
 | 
| إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجْزِي الْمُحْسِنِينَ (44) Uku rero niko duhemba abagira ineza
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (45) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| كُلُوا وَتَمَتَّعُوا قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجْرِمُونَ (46) Ni mufungure kandi mwinezereze gatoyi gusa, mu vy’ukuri mwebwe muri abononyi
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (47) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ارْكَعُوا لَا يَرْكَعُونَ (48) Babwiwe bati :- ni mupfukame, ntibigera bapfukama namba
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (49) N’uruhombo kuri uwo musi ku bantu bahakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| فَبِأَيِّ حَدِيثٍ بَعْدَهُ يُؤْمِنُونَ (50) Mbega n’ibiganiro nyabaki inyuma yibi biganiro vy’amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani bazo kwemera
 |