| وَيْلٌ لِّلْمُطَفِّفِينَ (1) Uguhonywa kw’abantu kuzoba shikira kuba zimba abandi
 | 
| الَّذِينَ إِذَا اكْتَالُوا عَلَى النَّاسِ يَسْتَوْفُونَ (2) Mugihe bipimiye ku bantu bakira ibipimo bikwiye
 | 
| وَإِذَا كَالُوهُمْ أَو وَّزَنُوهُمْ يُخْسِرُونَ (3) Mugabo bapimiye abantu kumagemeri canke kuminzani baca	bagabanya ko
 | 
| أَلَا يَظُنُّ أُولَٰئِكَ أَنَّهُم مَّبْعُوثُونَ (4) Mbega ntibiyumvira yuko bazo zurwa
 | 
| لِيَوْمٍ عَظِيمٍ (5) K’umusi uzoba ari umusi mukuru
 | 
| يَوْمَ يَقُومُ النَّاسُ لِرَبِّ الْعَالَمِينَ (6) K’umusi	abantu	bose	bazohagarara	imbere	y’Umuremyi	w’ibiremwa vyose
 | 
| كَلَّا إِنَّ كِتَابَ الْفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٍ (7) None sivyo, mu vy’ukuri inyandiko z’abantu babi ziri mu gitabu citiriwe Sijjini
 | 
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا سِجِّينٌ (8) None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha ico gitabu citiriwe Sijjini	y’uko ari ikintu nyabaki
 | 
| كِتَابٌ مَّرْقُومٌ (9) N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu babi
 | 
| وَيْلٌ يَوْمَئِذٍ لِّلْمُكَذِّبِينَ (10) Kuri uwo musi ibihano bikaze cane bizoshikira ku bantu bahakana
 | 
| الَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوْمِ الدِّينِ (11) Abahakana umusi w’impembo
 | 
| وَمَا يُكَذِّبُ بِهِ إِلَّا كُلُّ مُعْتَدٍ أَثِيمٍ (12) Kandi	ntawuhakana	atari	uwarenze	imbibe	zagenywe	n’Imana,	kandi bafise ibicumuro
 | 
| إِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِ آيَاتُنَا قَالَ أَسَاطِيرُ الْأَوَّلِينَ (13) Asomewe	amajambo	yacu	matagatifu	aca	avuga	ati:-	izo	n’ingeso z’abantu baho hambere
 | 
| كَلَّا ۖ بَلْ ۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُوا يَكْسِبُونَ (14) None sivyo ! Ahubwo bashize ku mitima yabo ingutu kumabi bahora bagira
 | 
| كَلَّا إِنَّهُمْ عَن رَّبِّهِمْ يَوْمَئِذٍ لَّمَحْجُوبُونَ (15) None si uko ! mu vy’ukuri bazo hagarikwa kuri uwo musi w’imperuka n’Umuremyi wabo
 | 
| ثُمَّ إِنَّهُمْ لَصَالُو الْجَحِيمِ (16) Hanyuma bazokwinjira mu muriro udahera
 | 
| ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا الَّذِي كُنتُم بِهِ تُكَذِّبُونَ (17) Hanyuma babwirwe bati :- ibi nivyo mwahora muhakana
 | 
| كَلَّا إِنَّ كِتَابَ الْأَبْرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ (18) None	sivyo !	mu	vy’ukuri	inzandiko	z’abantu	beranda	ziri	mugitabu citiriwe Iliyyiin
 | 
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا عِلِّيُّونَ (19) None n’ijambo nyabaki rizo kumenyesha kugira ngo umenye iyo Iliyyin yuko ari ikintu nyabaki
 | 
| كِتَابٌ مَّرْقُومٌ (20) N’igitabu canditswe mwo ibikorwa vy’abantu beranda
 | 
| يَشْهَدُهُ الْمُقَرَّبُونَ (21) Ababibona ni barya batumire batumiwe n’Imana
 | 
| إِنَّ الْأَبْرَارَ لَفِي نَعِيمٍ (22) Mu vy’ukuri abagira ineza bazoba bari mu migisha myiza ntangere
 | 
| عَلَى الْأَرَائِكِ يَنظُرُونَ (23) Bicare kunyegamo z’iteka barabana
 | 
| تَعْرِفُ فِي وُجُوهِهِمْ نَضْرَةَ النَّعِيمِ (24) Uzobona ibimenyetso vy’imigisha ku maso yabo
 | 
| يُسْقَوْنَ مِن رَّحِيقٍ مَّخْتُومٍ (25) Bazo nyweshwa ibinyobwa vyugawe n’imipfundikizo myiza
 | 
| خِتَامُهُ مِسْكٌ ۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلْيَتَنَافَسِ الْمُتَنَافِسُونَ (26) Mu nyuma yivyo ivyo binyobwa nivyo bizana akamoto kitiriwe Miski, mugabo mu kuronka ibi vyose nibahiganwe abahiganwa bose
 | 
| وَمِزَاجُهُ مِن تَسْنِيمٍ (27) N’ivangwa ryiyo Miski rivanzwe n’amazi yitiriwe Tasniim
 | 
| عَيْنًا يَشْرَبُ بِهَا الْمُقَرَّبُونَ (28) Naryo n’isoko bazonywera mwo abantu begeranywe n’Imana
 | 
| إِنَّ الَّذِينَ أَجْرَمُوا كَانُوا مِنَ الَّذِينَ آمَنُوا يَضْحَكُونَ (29) Mu vy’ukuri bamwe bahora bagira ibicumuro bahora batwenga abemeye Imana yabo y’ukuri
 | 
| وَإِذَا مَرُّوا بِهِمْ يَتَغَامَزُونَ (30) Baciye hambavu yabo, baca bakubitana ingohe babacokora
 | 
| وَإِذَا انقَلَبُوا إِلَىٰ أَهْلِهِمُ انقَلَبُوا فَكِهِينَ (31) Bagarutse ku bantu babo, bagaruka bafise akamwemwe ntangere
 | 
| وَإِذَا رَأَوْهُمْ قَالُوا إِنَّ هَٰؤُلَاءِ لَضَالُّونَ (32) Baba bonye baca bavuga bati:- mu vy’ukuri abo bantu nibo bazimiye aribo ba Isilamu
 | 
| وَمَا أُرْسِلُوا عَلَيْهِمْ حَافِظِينَ (33) Nayo abahakanyi b’Imana y’ukuri ntibarungitswe kuba Isilamu kugira ngo baba cungere
 | 
| فَالْيَوْمَ الَّذِينَ آمَنُوا مِنَ الْكُفَّارِ يَضْحَكُونَ (34) Uno musi abemeye Imana yabo y’ukuri, bazo batwenga aba hakanye Imana yabo y’ukuri
 | 
| عَلَى الْأَرَائِكِ يَنظُرُونَ (35) Bazoba bari hejuru y’inyegamo z’iteka barabana kumigisha yabo
 | 
| هَلْ ثُوِّبَ الْكُفَّارُ مَا كَانُوا يَفْعَلُونَ (36) Mbega abahakanyi b’Imana y’ukuri, barahawe impembo yivyo bahora bagira
 |