وَاللَّيْلِ إِذَا يَغْشَىٰ (1) Ndarahiye kw’Ijoro ripfuka ibintu vyose |
وَالنَّهَارِ إِذَا تَجَلَّىٰ (2) No k’Umutaga utanga umuco wayo |
وَمَا خَلَقَ الذَّكَرَ وَالْأُنثَىٰ (3) No kuwaremye ikigabo n’ikigore |
إِنَّ سَعْيَكُمْ لَشَتَّىٰ (4) Yuko ibikorwa vyanyu bitandukanye |
فَأَمَّا مَنْ أَعْطَىٰ وَاتَّقَىٰ (5) Umwe atanga nugutinya Imana yiwe |
وَصَدَّقَ بِالْحُسْنَىٰ (6) N’ukwemera ijambo ryiza |
فَسَنُيَسِّرُهُ لِلْيُسْرَىٰ (7) Tuzo mworohereza inzira yukuja mw’ijuru |
وَأَمَّا مَن بَخِلَ وَاسْتَغْنَىٰ (8) N’uwigira ingumyi ntiyiteho kubindi biremwa nkawe |
وَكَذَّبَ بِالْحُسْنَىٰ (9) N’uguhakana ibintu vyiza |
فَسَنُيَسِّرُهُ لِلْعُسْرَىٰ (10) Tuzo mworohereza inzira y’ukuja muriro udahera |
وَمَا يُغْنِي عَنْهُ مَالُهُ إِذَا تَرَدَّىٰ (11) N’amatungo yiwe ntaco azomumarira mugihe azoba ariko aranyikira mu muriro udahera |
إِنَّ عَلَيْنَا لَلْهُدَىٰ (12) Mu vy’ukuri nikuri twebwe kuba menyesha ibiremwa vyose inzira nziza hamwe n’inzira y’ishari |
وَإِنَّ لَنَا لَلْآخِرَةَ وَالْأُولَىٰ (13) Mu vy’ukuri twebwe turafise Ijuru n’Isi |
فَأَنذَرْتُكُمْ نَارًا تَلَظَّىٰ (14) Rero nimugabe n’umuriro udahera waka n’inguvu nyinshi cane |
لَا يَصْلَاهَا إِلَّا الْأَشْقَى (15) Ntawuzo winjira mwo atari umuntu mubi |
الَّذِي كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ (16) Ariwe ahakana n’ukuyiha umugongo iyi dini y’ukuri |
وَسَيُجَنَّبُهَا الْأَتْقَى (17) Nuwu gamburukira Imana yiwe y’ukuri azokingirwa nuwo muriro udahera |
الَّذِي يُؤْتِي مَالَهُ يَتَزَكَّىٰ (18) Uwutanga amatungo yiwe kugira ngo yisukure |
وَمَا لِأَحَدٍ عِندَهُ مِن نِّعْمَةٍ تُجْزَىٰ (19) Mugihe ata n’umwe yamugiriye ineza kugira ngo abe aramuriha iyo neza |
إِلَّا ابْتِغَاءَ وَجْهِ رَبِّهِ الْأَعْلَىٰ (20) Atari ukurondera impuhwe z’Umuremyi wiwe mutagatifu |
وَلَسَوْفَ يَرْضَىٰ (21) Rero azoronka ikizo muhumuriza |