| اقْرَأْ بِاسْمِ رَبِّكَ الَّذِي خَلَقَ (1) N’usome kw’izina ry’Umuremyi wawe yaremye
 | 
| خَلَقَ الْإِنسَانَ مِنْ عَلَقٍ (2) Yaremye umuntu kukimanyu c’amaraso
 | 
| اقْرَأْ وَرَبُّكَ الْأَكْرَمُ (3) N’usome, n’Umuremyi wawe n’umugira neza cane
 | 
| الَّذِي عَلَّمَ بِالْقَلَمِ (4) Niyo yigishije umuntu ikoresheje ikaramu
 | 
| عَلَّمَ الْإِنسَانَ مَا لَمْ يَعْلَمْ (5) Yigishije umuntu ibintu atari abifitiye ubumenyi
 | 
| كَلَّا إِنَّ الْإِنسَانَ لَيَطْغَىٰ (6) None s’ibi, mu vy’ukuri umuntu yama yishima
 | 
| أَن رَّآهُ اسْتَغْنَىٰ (7) Akishima yuko yaronse ubutunzi
 | 
| إِنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ الرُّجْعَىٰ (8) Ntankeka ingaruka ya bose iri ku Muremyi wawe gusa
 | 
| أَرَأَيْتَ الَّذِي يَنْهَىٰ (9) Mbega wabonye umwe amubuza
 | 
| عَبْدًا إِذَا صَلَّىٰ (10) Umuntu mweranda ariko arasenga
 | 
| أَرَأَيْتَ إِن كَانَ عَلَى الْهُدَىٰ (11) Mbega wabonye yuko ari hejuru y’uburongozi
 | 
| أَوْ أَمَرَ بِالتَّقْوَىٰ (12) Canke ategeka kugira ibikorwa vyiza
 | 
| أَرَأَيْتَ إِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ (13) Mbega ubona gute ko yoba ari umuhakanyi w’Imana y’ukuri nugusubira inyuma
 | 
| أَلَمْ يَعْلَم بِأَنَّ اللَّهَ يَرَىٰ (14) Mbega ntabumenyi afise yuko Imana imubona
 | 
| كَلَّا لَئِن لَّمْ يَنتَهِ لَنَسْفَعًا بِالنَّاصِيَةِ (15) None s’ibi, nata reka kugira ivyo agira, twebwe tuzomukwega kumishatsi yiwe yo kuga hori hori k’umutwe wiwe
 | 
| نَاصِيَةٍ كَاذِبَةٍ خَاطِئَةٍ (16) Aga hori hori k’umubeshi gafise ibicumuro
 | 
| فَلْيَدْعُ نَادِيَهُ (17) N’ahamagare basoma mbike biwe bamufashe
 | 
| سَنَدْعُ الزَّبَانِيَةَ (18) Natwe tuzohamagara aba Marayika bo mu muriro udahera bamuhane
 | 
| كَلَّا لَا تُطِعْهُ وَاسْجُدْ وَاقْتَرِب ۩ (19) None	s’ibi,	ntumugamburukire,	ahubwo	n’upfukame	ushire	umutwe wawe hasi ube hafi cane y’Umuremyi wawe
 |