﴿۞ إِنَّ رَبَّكَ يَعۡلَمُ أَنَّكَ تَقُومُ أَدۡنَىٰ مِن ثُلُثَيِ ٱلَّيۡلِ وَنِصۡفَهُۥ وَثُلُثَهُۥ وَطَآئِفَةٞ مِّنَ ٱلَّذِينَ مَعَكَۚ وَٱللَّهُ يُقَدِّرُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَۚ عَلِمَ أَن لَّن تُحۡصُوهُ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِۚ عَلِمَ أَن سَيَكُونُ مِنكُم مَّرۡضَىٰ وَءَاخَرُونَ يَضۡرِبُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ يَبۡتَغُونَ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَءَاخَرُونَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنۡهُۚ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗاۚ وَمَا تُقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُم مِّنۡ خَيۡرٖ تَجِدُوهُ عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٗا وَأَعۡظَمَ أَجۡرٗاۚ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمُۢ ﴾
[المُزمل: 20]
Mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi buhagije yuko wewe uhagarara hafi y’ibice bibiri vy’ica gatatu c’ijoro, canke igice cayo n’uwundi mwanya ugahagarara kugice cica gatatu, na bamwe mu bantu muri kumwe nabo bagira nk’ibi hamwe na wewe, n’Imana niyo itegura neza ukugene uburebure bw’ijoro n’umutaga bungana, kandi niyo ifise ubumenyi buhagije yuko udashobora kugira ivyo, ikaba yarabagiriye ikigongwe kuri ivyo, rero ni musome ibiba yabaye kiborohereye kuri mwebwe mu majambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, kuko irafise ubumenyi yuko bamwe muri mwebwe bazoba bakitswe n’amagara, abandi nabo bazoba bari mu rugendo ngaha kw’Isi barondera imigisha y’Imana, n’abandi nabo barwana mu nzira y’Imana, rero ni musome kubi boroheye muri ico gitabu gitagatifu, c’Imana hanyuma muhagarike amasengesho yanyu n’ugutanga imperezwa zanyu, hanyuma mubegurire Imana ikimanyu ciza, n’ineza iyariyo yose muzo yitanguza kubera imitima yanyu muzoyisanga ku Mana ari nziza cane, kandi ifise imigisha mininiya cane, kandi musabe ikigongwe ku Mana yanyu, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi cane n’impuhwe zihagije
ترجمة: إن ربك يعلم أنك تقوم أدنى من ثلثي الليل ونصفه وثلثه وطائفة, باللغة الكيروندية
﴿إن ربك يعلم أنك تقوم أدنى من ثلثي الليل ونصفه وثلثه وطائفة﴾ [المُزمل: 20]