| حم (1) Ha, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)
 | 
| وَالْكِتَابِ الْمُبِينِ (2) Ndarahiye kuri iki gitabu gitagatifu kigaragaza kubintu vyose vyipfuzwa
 | 
| إِنَّا أَنزَلْنَاهُ فِي لَيْلَةٍ مُّبَارَكَةٍ ۚ إِنَّا كُنَّا مُنذِرِينَ (3) Mu	vy’ukuri	twebwe	twamanuye	iyi	Qur’aani	ntagatifu	mw’ijoro ryahezagiwe, ntankeka rero twebwe turi mu bantu bagabisha
 | 
| فِيهَا يُفْرَقُ كُلُّ أَمْرٍ حَكِيمٍ (4) Muri iri joro niho hagaragazwa ibintu vyose bijanye n’ubuhizi
 | 
| أَمْرًا مِّنْ عِندِنَا ۚ إِنَّا كُنَّا مُرْسِلِينَ (5) Iwacu niho havuye intahe mu vy’ukuri twebwe turi muba rungikwa
 | 
| رَحْمَةً مِّن رَّبِّكَ ۚ إِنَّهُ هُوَ السَّمِيعُ الْعَلِيمُ (6) N’umuhezagiro uvuye ku Muremyi wawe, ntankeka niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
 | 
| رَبِّ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ وَمَا بَيْنَهُمَا ۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ (7) N’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibiri muri ivyo vyose, nimwaba mufise icizero nyakuri
 | 
| لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحْيِي وَيُمِيتُ ۖ رَبُّكُمْ وَرَبُّ آبَائِكُمُ الْأَوَّلِينَ (8) Ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari Imana yonyene gusa, niwe arema nukwica, niwe Muremyi wanyu kandi niwe Muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
 | 
| بَلْ هُمْ فِي شَكٍّ يَلْعَبُونَ (9) Mugabo abo bahakanyi b’Imana y’ukuri barafise amakenga nugu fyinata gusa
 | 
| فَارْتَقِبْ يَوْمَ تَأْتِي السَّمَاءُ بِدُخَانٍ مُّبِينٍ (10) Rero nurorere wamusi Amajuru azozana umwotsi ubonerana neza na neza
 | 
| يَغْشَى النَّاسَ ۖ هَٰذَا عَذَابٌ أَلِيمٌ (11) Uzopfuka abantu baze bavuge bati:- ibi n’ibihano bibabaza
 | 
| رَّبَّنَا اكْشِفْ عَنَّا الْعَذَابَ إِنَّا مُؤْمِنُونَ (12) Muremyi	wacu,	nudukurire	ibi	bihano	mu	vy’ukuri	twebwe	tuzo kwemera
 | 
| أَنَّىٰ لَهُمُ الذِّكْرَىٰ وَقَدْ جَاءَهُمْ رَسُولٌ مُّبِينٌ (13) N’akahe kamaro kukwibuka kwabo mugihe bamaze gushikirwa n’intumwa y’Imana iba garagariza ibintu vyose
 | 
| ثُمَّ تَوَلَّوْا عَنْهُ وَقَالُوا مُعَلَّمٌ مَّجْنُونٌ (14) Baciye	babaha	ibitugu	bavuga	bati:-	uyu	muntu	yarigishijwe,	kandi n’umusazi
 | 
| إِنَّا كَاشِفُو الْعَذَابِ قَلِيلًا ۚ إِنَّكُمْ عَائِدُونَ (15) Mu vy’ukuri twebwe tuzokuraho ibihano bikeyi gusa mugabo turazi neza yuko muzo subira mubikorwa vyanyu vy’ububisha bugaritse
 | 
| يَوْمَ نَبْطِشُ الْبَطْشَةَ الْكُبْرَىٰ إِنَّا مُنتَقِمُونَ (16) Umusi tuzobatera igitero ntamusiga, ntankeka twebwe turi	abahanyi bimwe vy’akarorero
 | 
| ۞ وَلَقَدْ فَتَنَّا قَبْلَهُمْ قَوْمَ فِرْعَوْنَ وَجَاءَهُمْ رَسُولٌ كَرِيمٌ (17) Mu vy’ukuri imbere yabo twebwe twara bagiriye ibibazo abantu bo kwa Fir’auni mugihe bashikirwa n’intumwa y’Imana y’iteka
 | 
| أَنْ أَدُّوا إِلَيَّ عِبَادَ اللَّهِ ۖ إِنِّي لَكُمْ رَسُولٌ أَمِينٌ (18) Ni	mumpe	abantu	beranda	b’Imana,	mu	vy’ukuri	jewe	nd’intumwa y’Imana yizigirwa
 | 
| وَأَن لَّا تَعْلُوا عَلَى اللَّهِ ۖ إِنِّي آتِيكُم بِسُلْطَانٍ مُّبِينٍ (19) Kandi ntimwishime cane imbere y’Imana jewe mu vy’ukuri nzobazanira ivyemezo biri k’umugaragaro
 | 
| وَإِنِّي عُذْتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُمْ أَن تَرْجُمُونِ (20) Nanje	nikinze	k’Umuremyi	wanje	no	k’Umuremyi	wanyu	kugira	ngo ntimu njugunyire ko iminana
 | 
| وَإِن لَّمْ تُؤْمِنُوا لِي فَاعْتَزِلُونِ (21) Nimwaba muta nyemera nimube kure yanje
 | 
| فَدَعَا رَبَّهُ أَنَّ هَٰؤُلَاءِ قَوْمٌ مُّجْرِمُونَ (22) Niho yasaba Umuremyi wiwe yuko ari abantu babi cane
 | 
| فَأَسْرِ بِعِبَادِي لَيْلًا إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ (23) Rero	nugende	hamwe	n’abantu	banje	beranda	mw’ijoro	kuko	mu vy’ukuri mwebwe muzo kurikiranwa atagisivya
 | 
| وَاتْرُكِ الْبَحْرَ رَهْوًا ۖ إِنَّهُمْ جُندٌ مُّغْرَقُونَ (24) Nureke ico kiyaga mu vy’ukuri izo n’ingabo tuzokwibizwa
 | 
| كَمْ تَرَكُوا مِن جَنَّاتٍ وَعُيُونٍ (25) N‘imirima ingahe hamwe n’amasoko angana gute basize
 | 
| وَزُرُوعٍ وَمَقَامٍ كَرِيمٍ (26) N’ibiterwa hamwe n’ahantu heza
 | 
| وَنَعْمَةٍ كَانُوا فِيهَا فَاكِهِينَ (27) N’imigisha mininiya bamye binezereza ko
 | 
| كَذَٰلِكَ ۖ وَأَوْرَثْنَاهَا قَوْمًا آخَرِينَ (28) Uku rero niko twabahaye ibisigi abandi bantu nk’abo
 | 
| فَمَا بَكَتْ عَلَيْهِمُ السَّمَاءُ وَالْأَرْضُ وَمَا كَانُوا مُنظَرِينَ (29) Amajuru n’Isi ntiyarize kuribo, kandi ntibahawe n’umwanya na mutoyi
 | 
| وَلَقَدْ نَجَّيْنَا بَنِي إِسْرَائِيلَ مِنَ الْعَذَابِ الْمُهِينِ (30) Kandi ntankeka twarabarokoye bene Israeri kubihano vy’ukuba tetereza
 | 
| مِن فِرْعَوْنَ ۚ إِنَّهُ كَانَ عَالِيًا مِّنَ الْمُسْرِفِينَ (31) Bivuye kwa Fir’auni mu vy’ukuri niwe yari afise amanyama gusumba abimonogoje mukurenga akarimbi kagenywe n’Imana
 | 
| وَلَقَدِ اخْتَرْنَاهُمْ عَلَىٰ عِلْمٍ عَلَى الْعَالَمِينَ (32) Duca dutora mwo kubera ubumenyi bwacu gusumba abandi bantu
 | 
| وَآتَيْنَاهُم مِّنَ الْآيَاتِ مَا فِيهِ بَلَاءٌ مُّبِينٌ (33) Tubaha mubintu vyacu murivyo harimwo imigisha mininiya kandi iri k’umugaragaro
 | 
| إِنَّ هَٰؤُلَاءِ لَيَقُولُونَ (34) Mu vy’ukuri aba bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, bavuga bati
 | 
| إِنْ هِيَ إِلَّا مَوْتَتُنَا الْأُولَىٰ وَمَا نَحْنُ بِمُنشَرِينَ (35) Ntarupfu	rwamyeho	atari	rwarupfu	rwacu	rwambere,	kandi	twebwe ntituzozurwa
 | 
| فَأْتُوا بِآبَائِنَا إِن كُنتُمْ صَادِقِينَ (36) Rero nimu tugarurire abavyeyi bacu basandavye kuva kera	nimwaba muvugisha ukuri
 | 
| أَهُمْ خَيْرٌ أَمْ قَوْمُ تُبَّعٍ وَالَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ ۚ أَهْلَكْنَاهُمْ ۖ إِنَّهُمْ كَانُوا مُجْرِمِينَ (37) Mbega nibo beza canke abantu bo kwa Tubba’a hamwe n’abari imbere yabo, mu vy’ukuri twebwe twaraba honeje kuko bari mu bantu babi cane
 | 
| وَمَا خَلَقْنَا السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ وَمَا بَيْنَهُمَا لَاعِبِينَ (38) Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose ngo n’ugufyinata
 | 
| مَا خَلَقْنَاهُمَا إِلَّا بِالْحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَهُمْ لَا يَعْلَمُونَ (39) Ntitwabiremye atari uko ari ivy’ukuri, mugabo benshi muribo ntavyo bazi
 | 
| إِنَّ يَوْمَ الْفَصْلِ مِيقَاتُهُمْ أَجْمَعِينَ (40) Mu vy’ukuri umusi w’intahe rukokoma y’ukuri n’umwanya wagenywe kuri bose
 | 
| يَوْمَ لَا يُغْنِي مَوْلًى عَن مَّوْلًى شَيْئًا وَلَا هُمْ يُنصَرُونَ (41) Umusi	waho	incuti	itazofasha	mugenziwe	kukintu	icarico	cose	kandi ntibazorokoka
 | 
| إِلَّا مَن رَّحِمَ اللَّهُ ۚ إِنَّهُ هُوَ الْعَزِيزُ الرَّحِيمُ (42) Dukuyemwo abo Imana izoba yahezagiye kuko ariyo ifise ubushobozi n’imigisha ihagije
 | 
| إِنَّ شَجَرَتَ الزَّقُّومِ (43) Ntankeka hari igiti citiriwe Zaqquum
 | 
| طَعَامُ الْأَثِيمِ (44) N’igifungura abahakanyi b’Imana y’ukuri
 | 
| كَالْمُهْلِ يَغْلِي فِي الْبُطُونِ (45) Ni nk’umujumpu washuhijwe ubirira munda zabo
 | 
| كَغَلْيِ الْحَمِيمِ (46) Ukabira nk’amazi y’amarike
 | 
| خُذُوهُ فَاعْتِلُوهُ إِلَىٰ سَوَاءِ الْجَحِيمِ (47) Nimu mufate kandi mumute mu muriro udahera witiriwe Jahannamu
 | 
| ثُمَّ صُبُّوا فَوْقَ رَأْسِهِ مِنْ عَذَابِ الْحَمِيمِ (48) Hanyuma mumusukire hejuru y’umutwe wiwe y’amazi ashushe y’amarike ahonje ibihano vyayo mazi
 | 
| ذُقْ إِنَّكَ أَنتَ الْعَزِيزُ الْكَرِيمُ (49) Nuhonje, wari mubabtu b’inguvu kandi bafise n’iteka
 | 
| إِنَّ هَٰذَا مَا كُنتُم بِهِ تَمْتَرُونَ (50) Mu vy’ukuri ibi nivya bihano mwahora muharira ko
 | 
| إِنَّ الْمُتَّقِينَ فِي مَقَامٍ أَمِينٍ (51) Ntankeka bamwe batinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mubibanza vy’amahoro
 | 
| فِي جَنَّاتٍ وَعُيُونٍ (52) Bazoba bari mumirima irimwo n’amasoko y’amazi
 | 
| يَلْبَسُونَ مِن سُندُسٍ وَإِسْتَبْرَقٍ مُّتَقَابِلِينَ (53) Bazo kwambara impuzu zihwahutse nizi remereye kandi barabana
 | 
| كَذَٰلِكَ وَزَوَّجْنَاهُم بِحُورٍ عِينٍ (54) Uku niko tuzoha abo bazo kwubakana nabo iyo mw’ijuru
 | 
| يَدْعُونَ فِيهَا بِكُلِّ فَاكِهَةٍ آمِنِينَ (55) Bazoba iyo mw’ijuru baronka ubwoko bwose bw’ivyamwa kandi babeyo mumahoro ntangere
 | 
| لَا يَذُوقُونَ فِيهَا الْمَوْتَ إِلَّا الْمَوْتَةَ الْأُولَىٰ ۖ وَوَقَاهُمْ عَذَابَ الْجَحِيمِ (56) Iyo	mw’ijuru	ntibazo	honjerayo	urupfu	atari	rwarupfu	rwambere, n’Imana izobakingira n’ibihano vyo muriro witiriwe Jahannamu
 | 
| فَضْلًا مِّن رَّبِّكَ ۚ ذَٰلِكَ هُوَ الْفَوْزُ الْعَظِيمُ (57) Kumihezagiro izoba ivuye ku Muremyi wawe	iyo niyo izoba ari itsinzi ikomeye cane
 | 
| فَإِنَّمَا يَسَّرْنَاهُ بِلِسَانِكَ لَعَلَّهُمْ يَتَذَكَّرُونَ (58) Rero twebwe twayoroheje cane iyi Qur’aani ntagatifu kururimi rwawe kugira ngo abantu bibuke
 | 
| فَارْتَقِبْ إِنَّهُم مُّرْتَقِبُونَ (59) Nurindire gusa nabone aho bari bararindiriye
 |