| هَلْ أَتَىٰ عَلَى الْإِنسَانِ حِينٌ مِّنَ الدَّهْرِ لَمْ يَكُن شَيْئًا مَّذْكُورًا (1) Mu vy’ukuri ikiremwa muntu carahitiwe n’umwanya muremure w’imyaka myinshi kita raba ikintu na kimwe kivurwa kuri we
 | 
| إِنَّا خَلَقْنَا الْإِنسَانَ مِن نُّطْفَةٍ أَمْشَاجٍ نَّبْتَلِيهِ فَجَعَلْنَاهُ سَمِيعًا بَصِيرًا (2) Mu vy’ukuri twaremye umuntu biturutse kumbuto y’ubuzima ivanzwe ni y’umugabo hamwe ni y’umugore, kugira ngo tumugirire ibibazo, kuri ivyo tumugira uwumva n’ukubona
 | 
| إِنَّا هَدَيْنَاهُ السَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرًا وَإِمَّا كَفُورًا (3) Mu vy’ukuri twebwe twara murongoye mu nzira zose azoba arimwo aba uwushima canke uwuhakana
 | 
| إِنَّا أَعْتَدْنَا لِلْكَافِرِينَ سَلَاسِلَ وَأَغْلَالًا وَسَعِيرًا (4) Mu vy’ukuri twebwe twaraba teguriye abahakanyi b’Imana y’ukuri, iminyororo hamwe n’imigozi y’umuriro ukaze cane
 | 
| إِنَّ الْأَبْرَارَ يَشْرَبُونَ مِن كَأْسٍ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا (5) Mu vy’ukuri abantu beranda bazonywa ibinyobwa bivanzwe mwo n’akamoto kitiriwe Kafuri
 | 
| عَيْنًا يَشْرَبُ بِهَا عِبَادُ اللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفْجِيرًا (6) Iyo	Kafuri	n’umwonga	uzonywa	mwo	abantu	beranda	b’Imana	ukazo shunguruka mwo amazi afise ishunguruka ryiza nkuko bipfuza
 | 
| يُوفُونَ بِالنَّذْرِ وَيَخَافُونَ يَوْمًا كَانَ شَرُّهُ مُسْتَطِيرًا (7) Abo bantu ni bamwe bakwijije ibikenewe vyabo n’ugutinya umusi w’ishari ryawo uzo kwiragira hose
 | 
| وَيُطْعِمُونَ الطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِ مِسْكِينًا وَيَتِيمًا وَأَسِيرًا (8) Naba gaburira ibi fungurwa aboro hamwe n’impfuvyi hamwe n’imbohe, mugihe nabo ku bwabo bakunda ivyo bifungurwa
 | 
| إِنَّمَا نُطْعِمُكُمْ لِوَجْهِ اللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمْ جَزَاءً وَلَا شُكُورًا (9) Mu mitima yabo bavuga bati:- tuba risha ibi bifungurwa kugushaka impuhwe z’Imana gusa, kuko ntidushaka kuri mwebwe impembo iyariyo yose canke yuko mwodushimira
 | 
| إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوْمًا عَبُوسًا قَمْطَرِيرًا (10) Mu vy’ukuri twebwe dutinya ku Muremyi wacu uwo musi w’ingorane n’uburuhe
 | 
| فَوَقَاهُمُ اللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ الْيَوْمِ وَلَقَّاهُمْ نَضْرَةً وَسُرُورًا (11) Mu	vy’ukuri	Imana	izoba	kingira	n’ishari	ryuwo	musi	n’ukuba	huza n’imigisha yayo hamwe n’akanya muneza ntangere
 | 
| وَجَزَاهُم بِمَا صَبَرُوا جَنَّةً وَحَرِيرًا (12) Imana	izo	baha	akaganuke	k’imirima	yo	mw’ijuru	hamwe	n’impuzu zihwahutse kubera ukwigumya kwabo
 | 
| مُّتَّكِئِينَ فِيهَا عَلَى الْأَرَائِكِ ۖ لَا يَرَوْنَ فِيهَا شَمْسًا وَلَا زَمْهَرِيرًا (13) Iyo mw’ijuru bazo kwegamira kunyegamo z’iteka, nti bazobona yo izuba rikaze cane , canke imbeho ikaze cane kuribo
 | 
| وَدَانِيَةً عَلَيْهِمْ ظِلَالُهَا وَذُلِّلَتْ قُطُوفُهَا تَذْلِيلًا (14) N’ibitutu	vyayo	bizoba	biri	hafi	cane	kuri	bo,	hamwe	n’ivyamwa vyegeranye kubindi bishunguruka bigerekeranye kubindi kugera hasi
 | 
| وَيُطَافُ عَلَيْهِم بِآنِيَةٍ مِّن فِضَّةٍ وَأَكْوَابٍ كَانَتْ قَوَارِيرَا (15) Bazo cishirizwa ibikoresho vy’umwakaka hamwe n’ibikombe bibonerana
 | 
| قَوَارِيرَ مِن فِضَّةٍ قَدَّرُوهَا تَقْدِيرًا (16) N’ibirahuri vy’umwakaka vyujujwe kurugero rumwe rukwiye
 | 
| وَيُسْقَوْنَ فِيهَا كَأْسًا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا (17) Iyo	mw’ijuru	bazonyweshwa	ibinyobwa	bivanzwe	mwo	n’ikirungo citiriwe Tangawizi
 | 
| عَيْنًا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلْسَبِيلًا (18) Urwo n’uruzi ruri mw’ijuru rwitiriwe Sal’sabila
 | 
| ۞ وَيَطُوفُ عَلَيْهِمْ وِلْدَانٌ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيْتَهُمْ حَسِبْتَهُمْ لُؤْلُؤًا مَّنثُورًا (19) Bazo kikuzwa n’imisore isharije, ubabonye womengo n’ubutare bwitiriwe Ilulu za sanzajwe
 | 
| وَإِذَا رَأَيْتَ ثَمَّ رَأَيْتَ نَعِيمًا وَمُلْكًا كَبِيرًا (20) Ubonye ibirimwo, uzoca ubona imigisha hamwe n’ubwami bw’Imana bunini cane
 | 
| عَالِيَهُمْ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضْرٌ وَإِسْتَبْرَقٌ ۖ وَحُلُّوا أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٍ وَسَقَاهُمْ رَبُّهُمْ شَرَابًا طَهُورًا (21) Hejuru yabo barafise impuzu zihwahutse z’ibara ry’urwatsi rubisi, hamwe n’izindi zihwahutse ziremereye gatoyi, kandi bazokwambikwa ingori z’umwakaka, n’Umuremyi wabo azoba nywesha ibinyobwa vyiza cane
 | 
| إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمْ جَزَاءً وَكَانَ سَعْيُكُم مَّشْكُورًا (22) Mu vy’ukuri iyi niyo mpembo yanyu yibijanye n’ibikorwa vyanyu vyemewe
 | 
| إِنَّا نَحْنُ نَزَّلْنَا عَلَيْكَ الْقُرْآنَ تَنزِيلًا (23) Mu vy’ukuri twebwe twakumanuriye iyi Qur’ani ntagatifu ibice bice
 | 
| فَاصْبِرْ لِحُكْمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعْ مِنْهُمْ آثِمًا أَوْ كَفُورًا (24) Rero n’urindire intahe y’Umuremyi wawe, kandi ntugamburukire umwe muribo mubagira ibicumuro canke uwuhakana Imana yiwe y’ukuri
 | 
| وَاذْكُرِ اسْمَ رَبِّكَ بُكْرَةً وَأَصِيلًا (25) Ni wibuke izina ry’Umuremyi wawe mu gitondo no ku mugoroba
 | 
| وَمِنَ اللَّيْلِ فَاسْجُدْ لَهُ وَسَبِّحْهُ لَيْلًا طَوِيلًا (26) Mw’ijoro naho uyunamire ushize umutwe wawe hasi, kandi uyi ninahaze mw’ijoro mumwanya muremure
 | 
| إِنَّ هَٰؤُلَاءِ يُحِبُّونَ الْعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَاءَهُمْ يَوْمًا ثَقِيلًا (27) Mu	vy’ukuri	aba	bantu	bikundira	ubuzima	bwo	ngaha	kw’Isi	gusa, n’ugusiga inyuma yabo umusi ugoye cane kuribo
 | 
| نَّحْنُ خَلَقْنَاهُمْ وَشَدَدْنَا أَسْرَهُمْ ۖ وَإِذَا شِئْنَا بَدَّلْنَا أَمْثَالَهُمْ تَبْدِيلًا (28) Twebwe twabaremye n’ugushira mwo ubushobozi mubihimba vy’imibiri yabo, dushatse twoshobora kuzana abandi bantu atari bo bameze nkabo
 | 
| إِنَّ هَٰذِهِ تَذْكِرَةٌ ۖ فَمَن شَاءَ اتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِ سَبِيلًا (29) Mu vy’ukuri iki n’icibutso, rero kuwushaka azofata inzira imushikana ku Muremyi wiwe
 | 
| وَمَا تَشَاءُونَ إِلَّا أَن يَشَاءَ اللَّهُ ۚ إِنَّ اللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمًا (30) Kandi ntimushobora gushaka icarico cose Imana itabishatse, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi n’ubuhizi buhagije
 | 
| يُدْخِلُ مَن يَشَاءُ فِي رَحْمَتِهِ ۚ وَالظَّالِمِينَ أَعَدَّ لَهُمْ عَذَابًا أَلِيمًا (31) Yinjiza uwo yishakiye mu migisha yayo, naba hemukiye imitima yabo yarabateguriye ibihano bibabaza cane
 |