| إِذَا السَّمَاءُ انشَقَّتْ (1) Igihe Amajuru azo satagurika
 | 
| وَأَذِنَتْ لِرَبِّهَا وَحُقَّتْ (2) Nigihe azo tega amatwi arekuriwe n’Umuremyi wayo
 | 
| وَإِذَا الْأَرْضُ مُدَّتْ (3) N’Isi nayo mugihe izo sanzazwa
 | 
| وَأَلْقَتْ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتْ (4) N’ugukura ivyari muriyo igasigara igaragara
 | 
| وَأَذِنَتْ لِرَبِّهَا وَحُقَّتْ (5) Igatega amatwi ku Muremyi wayo n’ukwemererwa
 | 
| يَا أَيُّهَا الْإِنسَانُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدْحًا فَمُلَاقِيهِ (6) Wa muntu we ! mu vy’ukuri wewe urita kurutare kugeza aho muzohura n’Umuremyi wawe, rero ivyo bikorwa vyawe uzobisanga iwe
 | 
| فَأَمَّا مَنْ أُوتِيَ كِتَابَهُ بِيَمِينِهِ (7) Nayo uwuzo habwa igitabu ciwe m’ukuboko kwiwe kw’iburyo
 | 
| فَسَوْفَ يُحَاسَبُ حِسَابًا يَسِيرًا (8) Rero uyo muntu azo harurwa n’ibiharuro vyoroshe cane
 | 
| وَيَنقَلِبُ إِلَىٰ أَهْلِهِ مَسْرُورًا (9) Kandi	azosubira	ku	bantu	biwe	mugihe	azoba	afise	akanya	kuneza ntangere
 | 
| وَأَمَّا مَنْ أُوتِيَ كِتَابَهُ وَرَاءَ ظَهْرِهِ (10) Mugabo uwuzo habwa igitabu ciwe imugongo
 | 
| فَسَوْفَ يَدْعُو ثُبُورًا (11) Uyo muntu azo saba urupfu
 | 
| وَيَصْلَىٰ سَعِيرًا (12) Kandi azo kwinjira mu muriro udahera
 | 
| إِنَّهُ كَانَ فِي أَهْلِهِ مَسْرُورًا (13) Kuko yari afise akanya muneza hamwe n’abiwe
 | 
| إِنَّهُ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ (14) Yiketse yuko atazo garuka ku Mana yiwe
 | 
| بَلَىٰ إِنَّ رَبَّهُ كَانَ بِهِ بَصِيرًا (15) N’ukubera iki atagarukira Umuremyi wiwe yamye amubona
 | 
| فَلَا أُقْسِمُ بِالشَّفَقِ (16) Rero ndarahiye k’ugutukura kw’izuba bugorovye
 | 
| وَاللَّيْلِ وَمَا وَسَقَ (17) No kw’Ijoro hamwe nivyo ryegeranye
 | 
| وَالْقَمَرِ إِذَا اتَّسَقَ (18) No k’Ukwezi mugihe gukwijije imisi yakwo
 | 
| لَتَرْكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٍ (19) Muzo hura n’ivyabaye hamwe n’ibindi
 | 
| فَمَا لَهُمْ لَا يُؤْمِنُونَ (20) None bafise iki ko batemera
 | 
| وَإِذَا قُرِئَ عَلَيْهِمُ الْقُرْآنُ لَا يَسْجُدُونَ ۩ (21) Mugihe basomewe iyi Qur’ani ntagatifu ntibayi gamburukira
 | 
| بَلِ الَّذِينَ كَفَرُوا يُكَذِّبُونَ (22) Mugabo bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baguma bahakana gusa
 | 
| وَاللَّهُ أَعْلَمُ بِمَا يُوعُونَ (23) N’Imana niyo ifise ubumenyi bwivyo begeranya
 | 
| فَبَشِّرْهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ (24) Rero n’ubabwire ibihano bibabaza cane
 | 
| إِلَّا الَّذِينَ آمَنُوا وَعَمِلُوا الصَّالِحَاتِ لَهُمْ أَجْرٌ غَيْرُ مَمْنُونٍ (25) Dukuyemwo abemeye Imana bimwe bivuye k’umitima yabo n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoba bafise impembo idahera
 |