| إِذَا السَّمَاءُ انفَطَرَتْ (1) Igihe amajuru azo satagurika
 | 
| وَإِذَا الْكَوَاكِبُ انتَثَرَتْ (2) N’inyenyeri igihe zizo hunguruka
 | 
| وَإِذَا الْبِحَارُ فُجِّرَتْ (3) N’ibiyaga igihe bizo saturwa
 | 
| وَإِذَا الْقُبُورُ بُعْثِرَتْ (4) N’intatemwa z’abantu igihe zizo zurwa
 | 
| عَلِمَتْ نَفْسٌ مَّا قَدَّمَتْ وَأَخَّرَتْ (5) Umutima	w’umuntu	uzomenya	ico	watanguje	kugira	hamwe	n’ico wasigaje inyuma
 | 
| يَا أَيُّهَا الْإِنسَانُ مَا غَرَّكَ بِرَبِّكَ الْكَرِيمِ (6) Wewe muntu! ni igiki kiguhenda n’Umuremyi wawe mutagatifu
 | 
| الَّذِي خَلَقَكَ فَسَوَّاكَ فَعَدَلَكَ (7) Uwakuremye nuku kugira neza, hanyuma nuku kuringaniza neza
 | 
| فِي أَيِّ صُورَةٍ مَّا شَاءَ رَكَّبَكَ (8) Mw’ishusho iryariryo ryose yishakiye niko yakuringanije
 | 
| كَلَّا بَلْ تُكَذِّبُونَ بِالدِّينِ (9) None si uko, ahubwo mwebwe nimwe muhakana uwo musi w’impembo
 | 
| وَإِنَّ عَلَيْكُمْ لَحَافِظِينَ (10) Mu vy’ukuri hejuru yanyu hari abantu babashigikiye
 | 
| كِرَامًا كَاتِبِينَ (11) Bafise iteka kandi bandika
 | 
| يَعْلَمُونَ مَا تَفْعَلُونَ (12) Bafise ubumenyi bwivyo mugira vyose
 | 
| إِنَّ الْأَبْرَارَ لَفِي نَعِيمٍ (13) Mu vy’ukuri abagira ineza bose bazoba bari mumahirwe
 | 
| وَإِنَّ الْفُجَّارَ لَفِي جَحِيمٍ (14) N’abagizi b’inabi bose bazoba bari mu muriro udahera
 | 
| يَصْلَوْنَهَا يَوْمَ الدِّينِ (15) Bazo kwinjira muriwo k’umusi w’impembo
 | 
| وَمَا هُمْ عَنْهَا بِغَائِبِينَ (16) Kandi ntibazowuva mwo
 | 
| وَمَا أَدْرَاكَ مَا يَوْمُ الدِّينِ (17) N’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo yuko uzoba ari umusi wa ryari
 | 
| ثُمَّ مَا أَدْرَاكَ مَا يَوْمُ الدِّينِ (18) Kandi n’igiki kizo kumenyesha uwo musi w’impembo y’uko uzoba ari umusi wa ryari
 | 
| يَوْمَ لَا تَمْلِكُ نَفْسٌ لِّنَفْسٍ شَيْئًا ۖ وَالْأَمْرُ يَوْمَئِذٍ لِّلَّهِ (19) N’umusi waho umutima w’umuntu utazo shigikira umutima w’uwundi muntu kukintu icarico cose, n’itegeko ryuwo musi rizoba ari iry’Imana gusa
 |