لَمْ يَكُنِ الَّذِينَ كَفَرُوا مِنْ أَهْلِ الْكِتَابِ وَالْمُشْرِكِينَ مُنفَكِّينَ حَتَّىٰ تَأْتِيَهُمُ الْبَيِّنَةُ (1) Bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu gitagatifu, hamwe nabagereranya Imana n’ibindi bintu, ntibazoreka kugira ivyo basanganywe bagira, kugeza aho bazoshikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro |
رَسُولٌ مِّنَ اللَّهِ يَتْلُو صُحُفًا مُّطَهَّرَةً (2) Intumwa yavuye ku Mana ibasomera impapuro zisukuye |
فِيهَا كُتُبٌ قَيِّمَةٌ (3) Muri izo harimwo amategeko akoma komeye |
وَمَا تَفَرَّقَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ إِلَّا مِن بَعْدِ مَا جَاءَتْهُمُ الْبَيِّنَةُ (4) Kandi abo bantu ntibacanyemwo mubahawe igitabu c’Imana gitagatifu atari uko munyuma bashikiwe n’ivyemezo bashaka |
وَمَا أُمِرُوا إِلَّا لِيَعْبُدُوا اللَّهَ مُخْلِصِينَ لَهُ الدِّينَ حُنَفَاءَ وَيُقِيمُوا الصَّلَاةَ وَيُؤْتُوا الزَّكَاةَ ۚ وَذَٰلِكَ دِينُ الْقَيِّمَةِ (5) Kandi ntibategetswe kugira icarico cose atari ugusenga Imana yonyene gusa, mugusukura idini ryiwe, n’ukureka gusenga amadini y’ubuzimire, hanyuma bace bahagarika amasengesho n’ugutanga imperezwa, iyo rero niyo dini ihagaze neza y’ukuri |
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا مِنْ أَهْلِ الْكِتَابِ وَالْمُشْرِكِينَ فِي نَارِ جَهَنَّمَ خَالِدِينَ فِيهَا ۚ أُولَٰئِكَ هُمْ شَرُّ الْبَرِيَّةِ (6) Ntankeka bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri mu bantu bahawe igitabu c’Imana c’ukuri, hamwe n’abagereranya Imana n’ibindi bintu, bazo kwinjira mu muriro udahera witiriwe Jahannamu bawicare mwo mu buzima bwabo bwose, kuko abo nibo biremwa bibi cane |
إِنَّ الَّذِينَ آمَنُوا وَعَمِلُوا الصَّالِحَاتِ أُولَٰئِكَ هُمْ خَيْرُ الْبَرِيَّةِ (7) Mu vy’ukuri bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bantu beranda mubiremwa vy’Imana |
جَزَاؤُهُمْ عِندَ رَبِّهِمْ جَنَّاتُ عَدْنٍ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ خَالِدِينَ فِيهَا أَبَدًا ۖ رَّضِيَ اللَّهُ عَنْهُمْ وَرَضُوا عَنْهُ ۚ ذَٰلِكَ لِمَنْ خَشِيَ رَبَّهُ (8) Impembo yabo iri ku Muremyi wabo, n’imirima y’ubuzima bwabo bwose budahera, kuko muriyo haca imbere yabo imyonga, baze babeyo mu buzima bwabo bwose, kuko Imana yarabemereye nabo barashima, iyo mpembo ni kuri urya muntu atinya Umuremyi wiwe |