×

سورة فاطر باللغة الكيروندية

ترجمات القرآنباللغة الكيروندية ⬅ سورة فاطر

ترجمة معاني سورة فاطر باللغة الكيروندية - Rundi

القرآن باللغة الكيروندية - سورة فاطر مترجمة إلى اللغة الكيروندية، Surah Fatir in Rundi. نوفر ترجمة دقيقة سورة فاطر باللغة الكيروندية - Rundi, الآيات 45 - رقم السورة 35 - الصفحة 434.

بسم الله الرحمن الرحيم

الْحَمْدُ لِلَّهِ فَاطِرِ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ جَاعِلِ الْمَلَائِكَةِ رُسُلًا أُولِي أَجْنِحَةٍ مَّثْنَىٰ وَثُلَاثَ وَرُبَاعَ ۚ يَزِيدُ فِي الْخَلْقِ مَا يَشَاءُ ۚ إِنَّ اللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (1)
Nidu kengurukire Imana Umuremyi w’Amajuru n’Isi, kandi ikaba ariyo yagize Abamarayika kuba arizo ntumwa zifise amababa abirabiri n’atatatatu hamwe n’anane, ikaba yongereza mukurema kwayo uko yishakiye, ntankeka Imana niyo nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
مَّا يَفْتَحِ اللَّهُ لِلنَّاسِ مِن رَّحْمَةٍ فَلَا مُمْسِكَ لَهَا ۖ وَمَا يُمْسِكْ فَلَا مُرْسِلَ لَهُ مِن بَعْدِهِ ۚ وَهُوَ الْعَزِيزُ الْحَكِيمُ (2)
Imigisha Imana yugurura kubantu bayo, ntawushobora kuyikingira, kandi ntawu shobora kuyegeza imbere, nayo niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
يَا أَيُّهَا النَّاسُ اذْكُرُوا نِعْمَتَ اللَّهِ عَلَيْكُمْ ۚ هَلْ مِنْ خَالِقٍ غَيْرُ اللَّهِ يَرْزُقُكُم مِّنَ السَّمَاءِ وَالْأَرْضِ ۚ لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ۖ فَأَنَّىٰ تُؤْفَكُونَ (3)
Mwebwe bantu, nimwibuke imigisha y’Imana iri hejuru yanyu mbega hoba hari uwundi muremyi atari Imana yonyene gusa ibaha iyo migisha ivuye mw’Ijuru no kw’Isi, rero ntayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, none ni hehe muhindukizwa
وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدْ كُذِّبَتْ رُسُلٌ مِّن قَبْلِكَ ۚ وَإِلَى اللَّهِ تُرْجَعُ الْأُمُورُ (4)
Niba baguhakana umenye yuko bahakanye intumwa z’Imana imbere yawe n’ibintu vyose bizosubizwa kumana
يَا أَيُّهَا النَّاسُ إِنَّ وَعْدَ اللَّهِ حَقٌّ ۖ فَلَا تَغُرَّنَّكُمُ الْحَيَاةُ الدُّنْيَا ۖ وَلَا يَغُرَّنَّكُم بِاللَّهِ الْغَرُورُ (5)
Mwebwe bantu, ntankeka isango ry’Imana niry’ukuri, rero ntimuhendwe nubu buzima bwo ng’aha kw’Isi canke wamubeshi mukuru yitiriwe Ibilisi ntabahende kubera Imana yanyu
إِنَّ الشَّيْطَانَ لَكُمْ عَدُوٌّ فَاتَّخِذُوهُ عَدُوًّا ۚ إِنَّمَا يَدْعُو حِزْبَهُ لِيَكُونُوا مِنْ أَصْحَابِ السَّعِيرِ (6)
Mu vy’ukuri Shetani n’umwansi wanyu, namwe rero nimu mugire umwansi wanyu, kuko ihamagarira umurwi wayo kugira ngo ube ari uwo murwi wo mumuriro udahera
الَّذِينَ كَفَرُوا لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌ ۖ وَالَّذِينَ آمَنُوا وَعَمِلُوا الصَّالِحَاتِ لَهُم مَّغْفِرَةٌ وَأَجْرٌ كَبِيرٌ (7)
Abahakanye Imana yabo y’ukuri hazoba kuribo ibihano bikaze cane, nayo abemeye Imana yabo y’ukuri nu kugira ibikorwa vyiza, abo bantu nibo bazoronswa ikigongwe hamwe n’impembo itagira uko ingana
أَفَمَن زُيِّنَ لَهُ سُوءُ عَمَلِهِ فَرَآهُ حَسَنًا ۖ فَإِنَّ اللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَاءُ وَيَهْدِي مَن يَشَاءُ ۖ فَلَا تَذْهَبْ نَفْسُكَ عَلَيْهِمْ حَسَرَاتٍ ۚ إِنَّ اللَّهَ عَلِيمٌ بِمَا يَصْنَعُونَ (8)
Mbega umwe basharije ibikorwa vyiwe bibi, nawe akabibona yuko ari vyiza, ntankeka Imana yama ireka umuntu yishakiye akazimira, nukurongora uwo yishakiye, rero umutima wawe ntukuvemwo kubera agahinda kuribo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ivyo bagira vyose
وَاللَّهُ الَّذِي أَرْسَلَ الرِّيَاحَ فَتُثِيرُ سَحَابًا فَسُقْنَاهُ إِلَىٰ بَلَدٍ مَّيِّتٍ فَأَحْيَيْنَا بِهِ الْأَرْضَ بَعْدَ مَوْتِهَا ۚ كَذَٰلِكَ النُّشُورُ (9)
Imana niyo isunika imiyaga, ikana yinyarutsa hamwe n’ibicu ikabi shikana kw’Isi yapfuye, no kuriyo tugaca tunagisha iyosi mugihe yari yarapfuye, nivyaba ari uko niko kuzurwa kwanyu
مَن كَانَ يُرِيدُ الْعِزَّةَ فَلِلَّهِ الْعِزَّةُ جَمِيعًا ۚ إِلَيْهِ يَصْعَدُ الْكَلِمُ الطَّيِّبُ وَالْعَمَلُ الصَّالِحُ يَرْفَعُهُ ۚ وَالَّذِينَ يَمْكُرُونَ السَّيِّئَاتِ لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌ ۖ وَمَكْرُ أُولَٰئِكَ هُوَ يَبُورُ (10)
Uwushaka ubutegetsi, nuko ubwo butegetsi bwose ari ubw’Imana gusa, iwe niho haduga amajambo meza, n’igikorwa ciza nico kiduza amajambo amajambo meza gusa, nabamwe bagira ingeso z’amarorerwa mabi mabi, abo nibo bantu bazoronka ibihano bikaze cane, n’ingeso mbi zabo bantu zizohonywa
وَاللَّهُ خَلَقَكُم مِّن تُرَابٍ ثُمَّ مِن نُّطْفَةٍ ثُمَّ جَعَلَكُمْ أَزْوَاجًا ۚ وَمَا تَحْمِلُ مِنْ أُنثَىٰ وَلَا تَضَعُ إِلَّا بِعِلْمِهِ ۚ وَمَا يُعَمَّرُ مِن مُّعَمَّرٍ وَلَا يُنقَصُ مِنْ عُمُرِهِ إِلَّا فِي كِتَابٍ ۚ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى اللَّهِ يَسِيرٌ (11)
N’Imana niyo yabaremye ibakuye mw’ivu, hanyuma kw’ima ry’intanga, hanyuma ibagirira abagabo n’abagore, n’umugore uwariwe wese ntashobora gusama imbanyi canke ntiyibaruka atari kubumenyi bw’Imana, nuwahawe ubuzima ntahabwa ubwo buzima bw’umurengero canke ntagaba nirizwa kuri ubwo buzima atari uko vyose biri mugitabu c’Imana gitagatifu, ntankeka ibi vyose biroroshe imbere y’Imana
وَمَا يَسْتَوِي الْبَحْرَانِ هَٰذَا عَذْبٌ فُرَاتٌ سَائِغٌ شَرَابُهُ وَهَٰذَا مِلْحٌ أُجَاجٌ ۖ وَمِن كُلٍّ تَأْكُلُونَ لَحْمًا طَرِيًّا وَتَسْتَخْرِجُونَ حِلْيَةً تَلْبَسُونَهَا ۖ وَتَرَى الْفُلْكَ فِيهِ مَوَاخِرَ لِتَبْتَغُوا مِن فَضْلِهِ وَلَعَلَّكُمْ تَشْكُرُونَ (12)
N’ibiyaga bibiri ntibimeze kumwe n’ikindi, kuko kimwe gifise amazi apfuse y’umusarara amanuka neza mumuhogo, n’ayandi nayo nay’umunyu abishe, no muri ivyo biyaga niho mufungura mwo inyama nshasha nugukura mwo ibisharizo mwambara, no muri ivyo biyaga mubonerayo amato asatura amazi kugira ngo muronkere mwo akamaro kayo kandi muteko muyishimire
يُولِجُ اللَّيْلَ فِي النَّهَارِ وَيُولِجُ النَّهَارَ فِي اللَّيْلِ وَسَخَّرَ الشَّمْسَ وَالْقَمَرَ كُلٌّ يَجْرِي لِأَجَلٍ مُّسَمًّى ۚ ذَٰلِكُمُ اللَّهُ رَبُّكُمْ لَهُ الْمُلْكُ ۚ وَالَّذِينَ تَدْعُونَ مِن دُونِهِ مَا يَمْلِكُونَ مِن قِطْمِيرٍ (13)
Niyo yinjiza ijoro mumutaga, nukwinjiza umutaga mw’Ijoro hanyuma igira Izuba n’Ukwezi, ivyo vyose bigenda ijoro n’umutaga kugeza k’umwanya wagenewe ushike, iyo niyo Mana, Umuremyi wanyu nyene ubwami, nabarya bayisenga ukutariko abo ntanico batunze nigishishwa c’urutete rw’umutende
إِن تَدْعُوهُمْ لَا يَسْمَعُوا دُعَاءَكُمْ وَلَوْ سَمِعُوا مَا اسْتَجَابُوا لَكُمْ ۖ وَيَوْمَ الْقِيَامَةِ يَكْفُرُونَ بِشِرْكِكُمْ ۚ وَلَا يُنَبِّئُكَ مِثْلُ خَبِيرٍ (14)
Nimwabasaba ntibumva akamo kanyu naho bokwumva ntiba shobora kubishura, no k’umusi w’imperuka bazohakana ubwo bugereranyi bwanyu bw’Imana y’ukuri, kandi ntibazo kubwira yuko bari hafi y’uwufise ubumenyi bw’ukuri
۞ يَا أَيُّهَا النَّاسُ أَنتُمُ الْفُقَرَاءُ إِلَى اللَّهِ ۖ وَاللَّهُ هُوَ الْغَنِيُّ الْحَمِيدُ (15)
Mwebwe bantu, ni mwebwe muri abakene kumana, nayo Imana niyo nyene ubutunzi kandi niyo ininahazwa hose
إِن يَشَأْ يُذْهِبْكُمْ وَيَأْتِ بِخَلْقٍ جَدِيدٍ (16)
Ibishatse yoba kuraho mwese nukuzana ibindi biremwa bishasha
وَمَا ذَٰلِكَ عَلَى اللَّهِ بِعَزِيزٍ (17)
Ibi vyose ntibigoye ku Mana
وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٌ وِزْرَ أُخْرَىٰ ۚ وَإِن تَدْعُ مُثْقَلَةٌ إِلَىٰ حِمْلِهَا لَا يُحْمَلْ مِنْهُ شَيْءٌ وَلَوْ كَانَ ذَا قُرْبَىٰ ۗ إِنَّمَا تُنذِرُ الَّذِينَ يَخْشَوْنَ رَبَّهُم بِالْغَيْبِ وَأَقَامُوا الصَّلَاةَ ۚ وَمَن تَزَكَّىٰ فَإِنَّمَا يَتَزَكَّىٰ لِنَفْسِهِ ۚ وَإِلَى اللَّهِ الْمَصِيرُ (18)
Ntawuzo kwikorera itu ry’uwundi muntu nuwoba yatakariwe n’iryo tu ryiwe, ahamagaye mugenziwe kubera iryo tu ryiwe, ntawuzo ryakira na gatoyi naho yoba ari mugenzi wiwe, mu vy’ukuri urabatuza kuri barya batinya Umuremyi wabo mugihe batamubona nugu hagarika amasengesho yabo, nuwisukuye yisukura kubera umutima wiwe n’ingaruka y’ibiremwa vyose ni ku Mana yonyene gusa
وَمَا يَسْتَوِي الْأَعْمَىٰ وَالْبَصِيرُ (19)
Ntibangana impumyi hamwe n’umuntu abona
وَلَا الظُّلُمَاتُ وَلَا النُّورُ (20)
Canke umwijima hamwe n’umuco
وَلَا الظِّلُّ وَلَا الْحَرُورُ (21)
Canke igitutu n’ubushuhe
وَمَا يَسْتَوِي الْأَحْيَاءُ وَلَا الْأَمْوَاتُ ۚ إِنَّ اللَّهَ يُسْمِعُ مَن يَشَاءُ ۖ وَمَا أَنتَ بِمُسْمِعٍ مَّن فِي الْقُبُورِ (22)
Kandi ntibangana abahema n’abapfuye, mu vy’ukuri Imana irumvisha uwo yishakiye, mugabo wewe ntushobora kwumvisha abari muntatemwa zabo
إِنْ أَنتَ إِلَّا نَذِيرٌ (23)
Ntiyari kuba wewe atari uko uri umutuza gusa
إِنَّا أَرْسَلْنَاكَ بِالْحَقِّ بَشِيرًا وَنَذِيرًا ۚ وَإِن مِّنْ أُمَّةٍ إِلَّا خَلَا فِيهَا نَذِيرٌ (24)
Ntankeka twebwe twakurungitse kubera ukuri kwama kugira ngo ubashikirize ubutumwa bw’Imana uteko ubatuze, kandi nt’abantu kw’Isi abaribo bose bataciyeko n’uwuba tuza
وَإِن يُكَذِّبُوكَ فَقَدْ كَذَّبَ الَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ جَاءَتْهُمْ رُسُلُهُم بِالْبَيِّنَاتِ وَبِالزُّبُرِ وَبِالْكِتَابِ الْمُنِيرِ (25)
Nibaguhakana naho, umenye yuko bahakanywe n’abari imbere yabo kuko bashikiwe n’intumwa zabo z’Imana bakaba nabo baje bafise ivyemezo biri k’umugaragaro hamwe n’ibitabu vyukwandikira ko hamwe n’ibitabu birimwo umuco
ثُمَّ أَخَذْتُ الَّذِينَ كَفَرُوا ۖ فَكَيْفَ كَانَ نَكِيرِ (26)
Hanyuma narabafashe bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri, rero ibihano vyanje vyari bimeze gute
أَلَمْ تَرَ أَنَّ اللَّهَ أَنزَلَ مِنَ السَّمَاءِ مَاءً فَأَخْرَجْنَا بِهِ ثَمَرَاتٍ مُّخْتَلِفًا أَلْوَانُهَا ۚ وَمِنَ الْجِبَالِ جُدَدٌ بِيضٌ وَحُمْرٌ مُّخْتَلِفٌ أَلْوَانُهَا وَغَرَابِيبُ سُودٌ (27)
Mbega ntubona yuko Imana yamanuye amazi avuye mubicu, no kuriyo twakuyemwo ivyamwa bifise amabara atandukanye n’ayandi, no kumisozi harimwo n’imirongo yera niy’itukura ifise amabara atandukanye n’iyindi yirabura cane
وَمِنَ النَّاسِ وَالدَّوَابِّ وَالْأَنْعَامِ مُخْتَلِفٌ أَلْوَانُهُ كَذَٰلِكَ ۗ إِنَّمَا يَخْشَى اللَّهَ مِنْ عِبَادِهِ الْعُلَمَاءُ ۗ إِنَّ اللَّهَ عَزِيزٌ غَفُورٌ (28)
No mubantu hamwe no mubikoko harimwo murivyo vyamvura, n’ibindi bikoko bifise amabara atandukanye, mu vy’ukuri mubatinya Imana yabo bimwe vy’ukuri mu bantu biwe nibarya bafise ubumenyi, ntankeka rero Imana niyo nyene ubushobozi n’imbabazi zihagije
إِنَّ الَّذِينَ يَتْلُونَ كِتَابَ اللَّهِ وَأَقَامُوا الصَّلَاةَ وَأَنفَقُوا مِمَّا رَزَقْنَاهُمْ سِرًّا وَعَلَانِيَةً يَرْجُونَ تِجَارَةً لَّن تَبُورَ (29)
Mu vy’ukuri bamwe basoma igitabu c’Imana gitagatifu ca Qur’aani nugu hagarika amasengesho yose no muvyo twabahaye bagatanga mumwiherero no k’umugaragaro abo nibo bizeye ibidandazwa bidahomba
لِيُوَفِّيَهُمْ أُجُورَهُمْ وَيَزِيدَهُم مِّن فَضْلِهِ ۚ إِنَّهُ غَفُورٌ شَكُورٌ (30)
Kugira ngo ibahe impembo yabo ikwiye nukubongereza inyungu zayo, mu vy’ukuri niyo nyene ikigongwe nugu shimirwa
وَالَّذِي أَوْحَيْنَا إِلَيْكَ مِنَ الْكِتَابِ هُوَ الْحَقُّ مُصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَيْهِ ۗ إِنَّ اللَّهَ بِعِبَادِهِ لَخَبِيرٌ بَصِيرٌ (31)
N’igitabu twagu shikirije dukoresheje ubutumwa bw’Imana, nico gitabu c’ukuri cemeza ivyabaye imbere yiwe, ntankeka. Imana kubiremwa vyayo niyo ibazi kandi niyo ibabona
ثُمَّ أَوْرَثْنَا الْكِتَابَ الَّذِينَ اصْطَفَيْنَا مِنْ عِبَادِنَا ۖ فَمِنْهُمْ ظَالِمٌ لِّنَفْسِهِ وَمِنْهُم مُّقْتَصِدٌ وَمِنْهُمْ سَابِقٌ بِالْخَيْرَاتِ بِإِذْنِ اللَّهِ ۚ ذَٰلِكَ هُوَ الْفَضْلُ الْكَبِيرُ (32)
Hanyuma twabasigiye ibisigi vy’iki gitabu gitagatifu ca Qur’aani mu bantu twatoye mu bantu bacu beranda rero muribo harimwo abahemukiye imitima yabo, n’abandi babayabaye, hakaba n’abandi bagenda imbere mukugira ibikorwa vyiza kw’itegeko ry’Imana, iyo rero niyo migisha mininiya
جَنَّاتُ عَدْنٍ يَدْخُلُونَهَا يُحَلَّوْنَ فِيهَا مِنْ أَسَاوِرَ مِن ذَهَبٍ وَلُؤْلُؤًا ۖ وَلِبَاسُهُمْ فِيهَا حَرِيرٌ (33)
Imirima y’ubudahera bazo kwinjira mwo, muriyo bazo sharizwa n’imigufu vy’inzahabu hamwe n’ibisharizo vyo mumazi bitiriye (ilulu), n’impuzu zabo zizoba zihwahutse cane
وَقَالُوا الْحَمْدُ لِلَّهِ الَّذِي أَذْهَبَ عَنَّا الْحَزَنَ ۖ إِنَّ رَبَّنَا لَغَفُورٌ شَكُورٌ (34)
Bazovuga bati:- ama ninahazwa yose meza na y’Imana yadukuyeko agahinda, mu vy’ukuri Umuremyi wacu niwe nyene ikigongwe cinshi na nyene gushimirwa
الَّذِي أَحَلَّنَا دَارَ الْمُقَامَةِ مِن فَضْلِهِ لَا يَمَسُّنَا فِيهَا نَصَبٌ وَلَا يَمَسُّنَا فِيهَا لُغُوبٌ (35)
Niyo yaturekuriye inyubakwa yukubamwo mubuzima bwacu bwose, muri iyo nzu ntavyago birimwo canke uburuhe
وَالَّذِينَ كَفَرُوا لَهُمْ نَارُ جَهَنَّمَ لَا يُقْضَىٰ عَلَيْهِمْ فَيَمُوتُوا وَلَا يُخَفَّفُ عَنْهُم مِّنْ عَذَابِهَا ۚ كَذَٰلِكَ نَجْزِي كُلَّ كَفُورٍ (36)
Nayo abahakanye Imana yabo y’ukuri, bazoba bafise umuriro udahera witiriwe Jahannamu, ntibazo ciribwa urubanza rw’ugupfa, kandi ntibazo gabanirizwa ivyo bihano, uku rero niko duhemba abadashima
وَهُمْ يَصْطَرِخُونَ فِيهَا رَبَّنَا أَخْرِجْنَا نَعْمَلْ صَالِحًا غَيْرَ الَّذِي كُنَّا نَعْمَلُ ۚ أَوَلَمْ نُعَمِّرْكُم مَّا يَتَذَكَّرُ فِيهِ مَن تَذَكَّرَ وَجَاءَكُمُ النَّذِيرُ ۖ فَذُوقُوا فَمَا لِلظَّالِمِينَ مِن نَّصِيرٍ (37)
No muri uyo muriro udahera bazokoma yo induru muri uyo muriro udahera bavuga bati:- Muremyi wacu, dukure muri uyu muriro udahera tugire ibikorwa vyiza bitameze nk’ivyo twahora tugira tukiri kw’Isi, mbega ntitwabahaye ubuzima bw’ukwibuka uwibuka, nugushikirwa nuwutuza, rero nimuhonje ibihano mwebwe mwahemukiye imitima yanyu kuko mudafise uwuzoba rokora
إِنَّ اللَّهَ عَالِمُ غَيْبِ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ ۚ إِنَّهُ عَلِيمٌ بِذَاتِ الصُّدُورِ (38)
Mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubumemyi bw’amabanga y’ibiri mu Majuru no kw’Isi ntankeka rero Imana niyo nyene ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyacu vyose
هُوَ الَّذِي جَعَلَكُمْ خَلَائِفَ فِي الْأَرْضِ ۚ فَمَن كَفَرَ فَعَلَيْهِ كُفْرُهُ ۖ وَلَا يَزِيدُ الْكَافِرِينَ كُفْرُهُمْ عِندَ رَبِّهِمْ إِلَّا مَقْتًا ۖ وَلَا يَزِيدُ الْكَافِرِينَ كُفْرُهُمْ إِلَّا خَسَارًا (39)
Imana niyo yabagize ngo mube ivyegera vy’abandi kuri iy’Isi, rero uko guhakana kwiwe kuri kugatwe kiwe n’ubuhakanyi bwabatemera Imana y’ukuri ntaco zibongereza imbere y’Umuremyi wabo atari ugushavurirwa gusa n’ubwo buhakanyi bw’abatemera Imana ntaco bubongereza atari uruhombo gusa
قُلْ أَرَأَيْتُمْ شُرَكَاءَكُمُ الَّذِينَ تَدْعُونَ مِن دُونِ اللَّهِ أَرُونِي مَاذَا خَلَقُوا مِنَ الْأَرْضِ أَمْ لَهُمْ شِرْكٌ فِي السَّمَاوَاتِ أَمْ آتَيْنَاهُمْ كِتَابًا فَهُمْ عَلَىٰ بَيِّنَتٍ مِّنْهُ ۚ بَلْ إِن يَعِدُ الظَّالِمُونَ بَعْضُهُم بَعْضًا إِلَّا غُرُورًا (40)
Vuga uti:- mbega murabona abo mucuditse nabo aribo musenga aho gusenga Imana y’ukuri, rero nimu nyereke n’ahantu hatoyi h’Isi baremye canke boba bafise ishirahamwe mu Majuru canke twarabahaye igitabu no kurico bakaba bagifitiye ko ivyemezo biri k’umugaragaro, mugabo abahemukiye imitima yabo ntibapfundika amasezerano yabo atari uko arimwo ibinyoma gusa
۞ إِنَّ اللَّهَ يُمْسِكُ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ أَن تَزُولَا ۚ وَلَئِن زَالَتَا إِنْ أَمْسَكَهُمَا مِنْ أَحَدٍ مِّن بَعْدِهِ ۚ إِنَّهُ كَانَ حَلِيمًا غَفُورًا (41)
Mu vy’ukuri Imana niyo ikingiye Amajuru n’Isi kugira ngo ntaveho, kuko avuyeho ntanumwe yoya kingira atariyo yonyene gusa, ntankeka rero Imana niyo ntungane n’ikigongwe cinshi gihagije
وَأَقْسَمُوا بِاللَّهِ جَهْدَ أَيْمَانِهِمْ لَئِن جَاءَهُمْ نَذِيرٌ لَّيَكُونُنَّ أَهْدَىٰ مِنْ إِحْدَى الْأُمَمِ ۖ فَلَمَّا جَاءَهُمْ نَذِيرٌ مَّا زَادَهُمْ إِلَّا نُفُورًا (42)
Bararahiye ku Mana indahiro yabo niniya bavuga bati:- niba shikirwa n’uwubatuza ntankeka bazoba mubazo rongoka gusumba abandi bantu, mugabo mugihe bazoshikirwa n’uwuba tuza ntaco yobongereje atari uguhakana uko kuri gusa
اسْتِكْبَارًا فِي الْأَرْضِ وَمَكْرَ السَّيِّئِ ۚ وَلَا يَحِيقُ الْمَكْرُ السَّيِّئُ إِلَّا بِأَهْلِهِ ۚ فَهَلْ يَنظُرُونَ إِلَّا سُنَّتَ الْأَوَّلِينَ ۚ فَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ اللَّهِ تَبْدِيلًا ۖ وَلَن تَجِدَ لِسُنَّتِ اللَّهِ تَحْوِيلًا (43)
Kubera amanyama yabo kuri iy’Isi nukugira akajagari kabi kabi, nako kajagari kabi kabi ntikamanuka atari kuri beneko bakagize, none hari ikindi barorereye atari urutonde rwamyeho no ku bantu baho hambere, kandi ntuzoronka ihindagurika ry’urwo rutonde rusanzwe rw’Imana yagenye, canke ntuzosanga ihindagurika riri mubintu bisanzwe vy’Imana
أَوَلَمْ يَسِيرُوا فِي الْأَرْضِ فَيَنظُرُوا كَيْفَ كَانَ عَاقِبَةُ الَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ وَكَانُوا أَشَدَّ مِنْهُمْ قُوَّةً ۚ وَمَا كَانَ اللَّهُ لِيُعْجِزَهُ مِن شَيْءٍ فِي السَّمَاوَاتِ وَلَا فِي الْأَرْضِ ۚ إِنَّهُ كَانَ عَلِيمًا قَدِيرًا (44)
Mbega ntibagize urugendo kuri iy’Isi bakibonera impera n’imperuka yaba bayeho imbere yabo, kandi bakaba bari abantu bafise ubushobozi kubasumba, kandi ntakindi kintu gishobora kunanira Imana haba mw’Ijuru canke ng’aha kw’Isi, ntankeka rero Imana niyo ifise uburemyi n’ubushobozi bukwiye
وَلَوْ يُؤَاخِذُ اللَّهُ النَّاسَ بِمَا كَسَبُوا مَا تَرَكَ عَلَىٰ ظَهْرِهَا مِن دَابَّةٍ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمْ إِلَىٰ أَجَلٍ مُّسَمًّى ۖ فَإِذَا جَاءَ أَجَلُهُمْ فَإِنَّ اللَّهَ كَانَ بِعِبَادِهِ بَصِيرًا (45)
Iyo Imana ihana abantu kubera ivyo bakoze ntiyari gusiga n’umuntu numwe ngaha kuri iy’Isi canke n’igikoko na kimwe, mugabo Imana niyo iba rorereza kugeza k’umusi wagenywe, rero igihe c’umusi wabo kizoshika mu vy’ukuri Imana ku bantu bayo niyo ibabona
❮ السورة السابقة السورة التـالية ❯

قراءة المزيد من سور القرآن الكريم :

1- الفاتحة2- البقرة3- آل عمران
4- النساء5- المائدة6- الأنعام
7- الأعراف8- الأنفال9- التوبة
10- يونس11- هود12- يوسف
13- الرعد14- إبراهيم15- الحجر
16- النحل17- الإسراء18- الكهف
19- مريم20- طه21- الأنبياء
22- الحج23- المؤمنون24- النور
25- الفرقان26- الشعراء27- النمل
28- القصص29- العنكبوت30- الروم
31- لقمان32- السجدة33- الأحزاب
34- سبأ35- فاطر36- يس
37- الصافات38- ص39- الزمر
40- غافر41- فصلت42- الشورى
43- الزخرف44- الدخان45- الجاثية
46- الأحقاف47- محمد48- الفتح
49- الحجرات50- ق51- الذاريات
52- الطور53- النجم54- القمر
55- الرحمن56- الواقعة57- الحديد
58- المجادلة59- الحشر60- الممتحنة
61- الصف62- الجمعة63- المنافقون
64- التغابن65- الطلاق66- التحريم
67- الملك68- القلم69- الحاقة
70- المعارج71- نوح72- الجن
73- المزمل74- المدثر75- القيامة
76- الإنسان77- المرسلات78- النبأ
79- النازعات80- عبس81- التكوير
82- الإنفطار83- المطففين84- الانشقاق
85- البروج86- الطارق87- الأعلى
88- الغاشية89- الفجر90- البلد
91- الشمس92- الليل93- الضحى
94- الشرح95- التين96- العلق
97- القدر98- البينة99- الزلزلة
100- العاديات101- القارعة102- التكاثر
103- العصر104- الهمزة105- الفيل
106- قريش107- الماعون108- الكوثر
109- الكافرون110- النصر111- المسد
112- الإخلاص113- الفلق114- الناس