×

سورة آل عمران باللغة الكيروندية

ترجمات القرآنباللغة الكيروندية ⬅ سورة آل عمران

ترجمة معاني سورة آل عمران باللغة الكيروندية - Rundi

القرآن باللغة الكيروندية - سورة آل عمران مترجمة إلى اللغة الكيروندية، Surah Al Imran in Rundi. نوفر ترجمة دقيقة سورة آل عمران باللغة الكيروندية - Rundi, الآيات 200 - رقم السورة 3 - الصفحة 50.

بسم الله الرحمن الرحيم

الم (1)
Alif, Laam, Miiym. (Insiguro yizi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo n’Imana yonyene gusa)
اللَّهُ لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ الْحَيُّ الْقَيُّومُ (2)
Imana ntayindi itegerezwa gusengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, ikaba ariyo iyobora ibintu vyose
نَزَّلَ عَلَيْكَ الْكِتَابَ بِالْحَقِّ مُصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَيْهِ وَأَنزَلَ التَّوْرَاةَ وَالْإِنجِيلَ (3)
Niyo yabamanuriye igitabu bimwe vy’ukuri cemeza ivyabaye imbere yiwe, nayo niyo yamanuye igitabu ca Taurati hamwe n’igitabu c’Injili
مِن قَبْلُ هُدًى لِّلنَّاسِ وَأَنزَلَ الْفُرْقَانَ ۗ إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا بِآيَاتِ اللَّهِ لَهُمْ عَذَابٌ شَدِيدٌ ۗ وَاللَّهُ عَزِيزٌ ذُو انتِقَامٍ (4)
Aho hambere kugira ngo habe uburongozi ku bantu Imana yaciye imanura ibindi bitabu vy’ugutandukanya hagati y’ukuri n’ibinyoma, mu vy’ukuri bamwe bahakanye aya majambo y’Imana matagatifu bazoba bafise ibihano bikaze cane, n’Imana niyo nyene ubushobozi bukwiye hamwe n’ukwihora
إِنَّ اللَّهَ لَا يَخْفَىٰ عَلَيْهِ شَيْءٌ فِي الْأَرْضِ وَلَا فِي السَّمَاءِ (5)
Ntankeka ku Mana ntacinyegeza icarico cose kibaho haba ng’aha kw’isi canke mw’Ijuru
هُوَ الَّذِي يُصَوِّرُكُمْ فِي الْأَرْحَامِ كَيْفَ يَشَاءُ ۚ لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ الْعَزِيزُ الْحَكِيمُ (6)
Niyo ibagirira amashusho mukiri mumbanyi nkuko ibishaka, kandi ntawundi asengwa atari Imana yonyene rudende gusa, kuko niyo yonyene ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
هُوَ الَّذِي أَنزَلَ عَلَيْكَ الْكِتَابَ مِنْهُ آيَاتٌ مُّحْكَمَاتٌ هُنَّ أُمُّ الْكِتَابِ وَأُخَرُ مُتَشَابِهَاتٌ ۖ فَأَمَّا الَّذِينَ فِي قُلُوبِهِمْ زَيْغٌ فَيَتَّبِعُونَ مَا تَشَابَهَ مِنْهُ ابْتِغَاءَ الْفِتْنَةِ وَابْتِغَاءَ تَأْوِيلِهِ ۗ وَمَا يَعْلَمُ تَأْوِيلَهُ إِلَّا اللَّهُ ۗ وَالرَّاسِخُونَ فِي الْعِلْمِ يَقُولُونَ آمَنَّا بِهِ كُلٌّ مِّنْ عِندِ رَبِّنَا ۗ وَمَا يَذَّكَّرُ إِلَّا أُولُو الْأَلْبَابِ (7)
Niyo yabamanuriye igitabu murico harimwo amajambo y’Imana yoroshe mukwumvikana kwayo kandi ukaba ariwo mushingi w’intango w’ico gitabu ceranda, hakaba hariho n’ayandi majambo y’Imana matagatifu agomba gusa n’ayandi, na bamwe mu mitima yabo harimwo ubuzimire bagakurikira bimwe bifise amakenga kugira ngo bonone abantu n’ukumenya ukuri kwavyo ingene kumeze, kandi ntan’umwe azi uko kuri ingene kumeze atari Imana yonyene gusa, na bamwe bagize ubushaka shatsi bw’ubumenyi bama bavuga abati:- twebwe turavyemeye yuko vyose bivuye ku Mana yacu, mugabo ntibibuka atari abafise ubwenge
رَبَّنَا لَا تُزِغْ قُلُوبَنَا بَعْدَ إِذْ هَدَيْتَنَا وَهَبْ لَنَا مِن لَّدُنكَ رَحْمَةً ۚ إِنَّكَ أَنتَ الْوَهَّابُ (8)
Muremyi wacu ntutakaze imitima yacu mugihe wamaze kuturongora, kandi uduhe n’imihezagiro ivuye kuri wewe, mu vy’ukuri ni wewe mutanzi mukuru
رَبَّنَا إِنَّكَ جَامِعُ النَّاسِ لِيَوْمٍ لَّا رَيْبَ فِيهِ ۚ إِنَّ اللَّهَ لَا يُخْلِفُ الْمِيعَادَ (9)
Muremyi wacu, ni wewe uzokoranya abantu bose kuri wa musi udafise amakenga, mu vy’ukuri Imana ntita indagano yayo
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا لَن تُغْنِيَ عَنْهُمْ أَمْوَالُهُمْ وَلَا أَوْلَادُهُم مِّنَ اللَّهِ شَيْئًا ۖ وَأُولَٰئِكَ هُمْ وَقُودُ النَّارِ (10)
Muremyi wacu bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, amatungo yabo ntaco azobamarira canke ibibondo vyabo n’ikintu na gitoyi imbere y’Imana, n’abo bantu nizo nkwi zo mumuriro udahera
كَدَأْبِ آلِ فِرْعَوْنَ وَالَّذِينَ مِن قَبْلِهِمْ ۚ كَذَّبُوا بِآيَاتِنَا فَأَخَذَهُمُ اللَّهُ بِذُنُوبِهِمْ ۗ وَاللَّهُ شَدِيدُ الْعِقَابِ (11)
Ni nk’ingendo z’abantu bo kwa Fir’auni hamwe n’abamyeho imbere yabo bahakanye amajambo y’Imana matagatifu, kuri ivyo Imana yarabahaye ibihano kubera ibicumuro vyabo, n’Imana irakaze cane muguhana
قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُوا سَتُغْلَبُونَ وَتُحْشَرُونَ إِلَىٰ جَهَنَّمَ ۚ وَبِئْسَ الْمِهَادُ (12)
Babwire ba bahakanyi b’Imana yuko ubu vuba muzotsindwa hanyuma muzo kwegeranywa mwese mutabwe mumuriro udahera witiriwe Jahannamu, naho n’ubwicaro bubi cane
قَدْ كَانَ لَكُمْ آيَةٌ فِي فِئَتَيْنِ الْتَقَتَا ۖ فِئَةٌ تُقَاتِلُ فِي سَبِيلِ اللَّهِ وَأُخْرَىٰ كَافِرَةٌ يَرَوْنَهُم مِّثْلَيْهِمْ رَأْيَ الْعَيْنِ ۚ وَاللَّهُ يُؤَيِّدُ بِنَصْرِهِ مَن يَشَاءُ ۗ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبْرَةً لِّأُولِي الْأَبْصَارِ (13)
Mu vy’ukuri harabonetse ikimenyetso kininiya kuri ya mirwi ibiri yatana mumitwe, umurwi umwe wararwanira munzira y’Imana, n’uwundi nawo utemera Imana yawo y’ukuri waciwe ubonwa n’aba Isilamu aribo benshi kubasumba incuro zibiri mukubona kw’amaso yabo, n’Imana niyo iha inguvu n’irokorwa ryayo kuwo yishakiye, mu vy’ukuri muri ibi vyose harimwo ibitekerezo kubantu binca bwenge
زُيِّنَ لِلنَّاسِ حُبُّ الشَّهَوَاتِ مِنَ النِّسَاءِ وَالْبَنِينَ وَالْقَنَاطِيرِ الْمُقَنطَرَةِ مِنَ الذَّهَبِ وَالْفِضَّةِ وَالْخَيْلِ الْمُسَوَّمَةِ وَالْأَنْعَامِ وَالْحَرْثِ ۗ ذَٰلِكَ مَتَاعُ الْحَيَاةِ الدُّنْيَا ۖ وَاللَّهُ عِندَهُ حُسْنُ الْمَآبِ (14)
Abantu barashizwe mwo urukundo rw’ugukunda abakenyezi hamwe n’ibibondo hamwe n’amatu y’inzahabu n’imyakaka hamwe n’ifarasi zorowe neza hamwe n’ibikoko n’imirima, n’ivyo vyose n’ibikoresho vy’ubuzima bwo ngaha kw’isi, no ku Mana niho hari ingaruka nziza
۞ قُلْ أَؤُنَبِّئُكُم بِخَيْرٍ مِّن ذَٰلِكُمْ ۚ لِلَّذِينَ اتَّقَوْا عِندَ رَبِّهِمْ جَنَّاتٌ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ خَالِدِينَ فِيهَا وَأَزْوَاجٌ مُّطَهَّرَةٌ وَرِضْوَانٌ مِّنَ اللَّهِ ۗ وَاللَّهُ بَصِيرٌ بِالْعِبَادِ (15)
Vuga uti:- ndababwire ibintu vyiza gusumba ivyo? Kubera abahayagiza Imana yabo y’ukuri, nuko hari imirima iri kumuremyi wabo haca imbere yawe imyonga, bakazobamwo mu buzima bwabo bwose hamwe n’abakenyezi babo bisukuye neza n’amabi yose, bakaba bafise n’iragi ry’Imana, nayo niyo ibona ibiremwa vyayo vyose
الَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَا إِنَّنَا آمَنَّا فَاغْفِرْ لَنَا ذُنُوبَنَا وَقِنَا عَذَابَ النَّارِ (16)
Abavuga bati:- Muremyi wacu, mu vy’ukuri twebwe turemeye bimwe bivuye kumizirikanyi yacu, ahubwo nuduhanagurire ibicumuro vyacu kandi udukingire n’ibihano vyo mumuriro udahera
الصَّابِرِينَ وَالصَّادِقِينَ وَالْقَانِتِينَ وَالْمُنفِقِينَ وَالْمُسْتَغْفِرِينَ بِالْأَسْحَارِ (17)
Abihangana hamwe n’abavugisha ukuri, hamwe n’abagamburutsi hamwe n’abatanga imperezwa zabo hamwe n’abasaba imbabazi imbere y’igihe co mumutwenzi
شَهِدَ اللَّهُ أَنَّهُ لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ وَالْمَلَائِكَةُ وَأُولُو الْعِلْمِ قَائِمًا بِالْقِسْطِ ۚ لَا إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ الْعَزِيزُ الْحَكِيمُ (18)
Imana niyo yabaye icabona yuko ata yindi Mana ikwiwe gusengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, hamwe n’Abamarayika n’abafise ubumenyi buhagije, kandi niyo ihagarikiye ukuri kwama, rero ntayindi Mana ikwiwe gusengwa atariyo yonyene gusa kuko niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
إِنَّ الدِّينَ عِندَ اللَّهِ الْإِسْلَامُ ۗ وَمَا اخْتَلَفَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ إِلَّا مِن بَعْدِ مَا جَاءَهُمُ الْعِلْمُ بَغْيًا بَيْنَهُمْ ۗ وَمَن يَكْفُرْ بِآيَاتِ اللَّهِ فَإِنَّ اللَّهَ سَرِيعُ الْحِسَابِ (19)
Ntankeka idini ry’ukuri imbere y’Imana n’idini rya Isilamu, nayo abahawe igitabu ntibacanyemwo atari uko munyuma bashikiwe n’ubumenyi kubera inzigo zari hagati yabo, n’uwuhakana amajambo y’Imana matagatifu amenye yuko Imana ifise umwete uhagije w’uguharura
فَإِنْ حَاجُّوكَ فَقُلْ أَسْلَمْتُ وَجْهِيَ لِلَّهِ وَمَنِ اتَّبَعَنِ ۗ وَقُل لِّلَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ وَالْأُمِّيِّينَ أَأَسْلَمْتُمْ ۚ فَإِنْ أَسْلَمُوا فَقَدِ اهْتَدَوا ۖ وَّإِن تَوَلَّوْا فَإِنَّمَا عَلَيْكَ الْبَلَاغُ ۗ وَاللَّهُ بَصِيرٌ بِالْعِبَادِ (20)
Abo bahakanyi b’Imana niba kubaza wewe n’ubishure uvuga uti:- jewe ntumbereje amaso yanje ku Mana hamwe n’abankukurikiye bose, kandi ubabwire bamwe bahawe igitabu hamwe n’abadafise ubumenyi uti:- mbega mwarishikanye ku Mana, niba barishikanye ku Mana bazoba barokotse, mugabo nibahakana nikuri wewe gushikana ubwo butumwa bwawe gusa, n’Imana irababona abantu bayo bose
إِنَّ الَّذِينَ يَكْفُرُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ وَيَقْتُلُونَ النَّبِيِّينَ بِغَيْرِ حَقٍّ وَيَقْتُلُونَ الَّذِينَ يَأْمُرُونَ بِالْقِسْطِ مِنَ النَّاسِ فَبَشِّرْهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ (21)
Bamwe bahakana amajambo y’Imana matagatifu bagatako bakica n’intumwa z’Imana atamvo nyakuri bafise, bagatako bakica abantu bategeka gushikiriza ibintu vy’ukuri nimu bashikirize inkuru z’ibihano bikaze cane
أُولَٰئِكَ الَّذِينَ حَبِطَتْ أَعْمَالُهُمْ فِي الدُّنْيَا وَالْآخِرَةِ وَمَا لَهُم مِّن نَّاصِرِينَ (22)
Abo bantu nibo ibikorwa vyabo vyononekariye ngaha kw’Isi no mw’Ijuru, nabo ntibazo kwigera baronka abafasha
أَلَمْ تَرَ إِلَى الَّذِينَ أُوتُوا نَصِيبًا مِّنَ الْكِتَابِ يُدْعَوْنَ إِلَىٰ كِتَابِ اللَّهِ لِيَحْكُمَ بَيْنَهُمْ ثُمَّ يَتَوَلَّىٰ فَرِيقٌ مِّنْهُمْ وَهُم مُّعْرِضُونَ (23)
Ntubabona bamwe bahawe igice c’igitabu c’Imana gitagatifu bagahamagarirwa kuki genderako ico gitabu c’Imana gitagatifu kugira ngo kibacire urubanza rw’ukuri ruri hagati yabo, hanyuma umurwi umwe muriwo warahakanye, nabo n’abazo guma bari abahakanyi b’Imana gusa
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ قَالُوا لَن تَمَسَّنَا النَّارُ إِلَّا أَيَّامًا مَّعْدُودَاتٍ ۖ وَغَرَّهُمْ فِي دِينِهِم مَّا كَانُوا يَفْتَرُونَ (24)
Ivyo vyose n’ukubera yuko bavuze bati:- twebwe ntituzo korwako n’umuriro atari kumisi mikeyi gusa, hanyuma bahendwa n’ibiri mw’idini ryabo kuvyo bahora badukana navyo
فَكَيْفَ إِذَا جَمَعْنَاهُمْ لِيَوْمٍ لَّا رَيْبَ فِيهِ وَوُفِّيَتْ كُلُّ نَفْسٍ مَّا كَسَبَتْ وَهُمْ لَا يُظْلَمُونَ (25)
None bizoba gute k’umusi tuzobegeranya ariwo musi udafise amakenga mugushika kwawo, n’umutima wumw’umwe wese uzorihwa bimwe bikwiye kuvyo wakoze, nabo ntibazo hemukirwa namba
قُلِ اللَّهُمَّ مَالِكَ الْمُلْكِ تُؤْتِي الْمُلْكَ مَن تَشَاءُ وَتَنزِعُ الْمُلْكَ مِمَّن تَشَاءُ وَتُعِزُّ مَن تَشَاءُ وَتُذِلُّ مَن تَشَاءُ ۖ بِيَدِكَ الْخَيْرُ ۖ إِنَّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (26)
Vuga uti:- ewe Muremyi wanje, ni wewe ufise inganji y’ubwami bwose, uha ubwo bwami bwawe kuwo wishakiye kandi ugakura ko ubwo bwami kuwo wishakiye, kandi ugaha iteka kuwo wishakiye, kandi ugakengereza uwo wishakiye, imigisha iri mukuboko kwawe, ntankeka ni wewe ufise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
تُولِجُ اللَّيْلَ فِي النَّهَارِ وَتُولِجُ النَّهَارَ فِي اللَّيْلِ ۖ وَتُخْرِجُ الْحَيَّ مِنَ الْمَيِّتِ وَتُخْرِجُ الْمَيِّتَ مِنَ الْحَيِّ ۖ وَتَرْزُقُ مَن تَشَاءُ بِغَيْرِ حِسَابٍ (27)
Niwewe winjiza ijoro mu mutaga, n’ukwinjiza umurango mw’ijoro, hanyuma ugakura uwuri muzima muri wa muntu ata buzima afise, hanyuma ugakura umuntu yasandavye muri wa muntu afise ubuzima, hanyuma ugaha imigisha kuwo wishakiye mutarinze kugiriranira nayo ibiharuro
لَّا يَتَّخِذِ الْمُؤْمِنُونَ الْكَافِرِينَ أَوْلِيَاءَ مِن دُونِ الْمُؤْمِنِينَ ۖ وَمَن يَفْعَلْ ذَٰلِكَ فَلَيْسَ مِنَ اللَّهِ فِي شَيْءٍ إِلَّا أَن تَتَّقُوا مِنْهُمْ تُقَاةً ۗ وَيُحَذِّرُكُمُ اللَّهُ نَفْسَهُ ۗ وَإِلَى اللَّهِ الْمَصِيرُ (28)
Abemeye Imana yabo y’ukuri, ntibabagire abatemera Imana yabo y’ukuri kuba ari abagenzi babo nayo uwuzogira gutyo, uwo muntu ntaco azoba afise imbere y’Imana, mugabo kubera ukwirinda n’ishari ry’abo bantu, n’Imana irabakebura n’ibihano vyayo n’ingaruka ya vyose ni ku Mana
قُلْ إِن تُخْفُوا مَا فِي صُدُورِكُمْ أَوْ تُبْدُوهُ يَعْلَمْهُ اللَّهُ ۗ وَيَعْلَمُ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَمَا فِي الْأَرْضِ ۗ وَاللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (29)
Vuga uti:- nimwa nyegeza ibiri mubikiriza vyanyu canke nimwa biserura, mumenye yuko Imana ibizi kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ibiri mu Majuru yose hamwe no kw’Isi, n’Imana niyo ifise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
يَوْمَ تَجِدُ كُلُّ نَفْسٍ مَّا عَمِلَتْ مِنْ خَيْرٍ مُّحْضَرًا وَمَا عَمِلَتْ مِن سُوءٍ تَوَدُّ لَوْ أَنَّ بَيْنَهَا وَبَيْنَهُ أَمَدًا بَعِيدًا ۗ وَيُحَذِّرُكُمُ اللَّهُ نَفْسَهُ ۗ وَاللَّهُ رَءُوفٌ بِالْعِبَادِ (30)
Umusi waho umutima w’umuntu uzosanga ivyo wakoze biri k’umugaragaro, hamwe n’amabi yose wakoze, uwo mutima uzosaba yuko iyo haba urugendo rurerure ruri hagati yayo mabi yose hamwe nawe, n’Imana irabagabisha n’ibihano vyayo, kandi n’intungane ku bantu bayo bose
قُلْ إِن كُنتُمْ تُحِبُّونَ اللَّهَ فَاتَّبِعُونِي يُحْبِبْكُمُ اللَّهُ وَيَغْفِرْ لَكُمْ ذُنُوبَكُمْ ۗ وَاللَّهُ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (31)
Vuga uti:- ni mwaba mwebwe mukunda Imana yanyu y’ukuri ni munkurikire, Imana izo bakunda kandi izoba hanagurira ibicumuro vyanyu, nayo niyo nyene ikigongwe hamwe n’imigisha ihagije
قُلْ أَطِيعُوا اللَّهَ وَالرَّسُولَ ۖ فَإِن تَوَلَّوْا فَإِنَّ اللَّهَ لَا يُحِبُّ الْكَافِرِينَ (32)
Vuga uti:- nimu gamburukire Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo nimwa hakana naho mumenye yuko Imana idakunda abahakanyi b’Imana
۞ إِنَّ اللَّهَ اصْطَفَىٰ آدَمَ وَنُوحًا وَآلَ إِبْرَاهِيمَ وَآلَ عِمْرَانَ عَلَى الْعَالَمِينَ (33)
Mu vy’ukuri Imana niyo yitoreye intumwa y’Imana Adamu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’uruvyaro rw’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’uruvyaro rw’intumwa y’Imana Imrani (iii) ngo rube hejuru y’ibiremwa vyose
ذُرِّيَّةً بَعْضُهَا مِن بَعْضٍ ۗ وَاللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ (34)
Hamwe n’uruvyaro rwabo nyene kuribo, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
إِذْ قَالَتِ امْرَأَتُ عِمْرَانَ رَبِّ إِنِّي نَذَرْتُ لَكَ مَا فِي بَطْنِي مُحَرَّرًا فَتَقَبَّلْ مِنِّي ۖ إِنَّكَ أَنتَ السَّمِيعُ الْعَلِيمُ (35)
Mugihe yavuga umukenyezi w’intumwa y’Imana Imrani (iii) ati:- Muremyi wanje, jewe nagize icipfuzo kuri wewe n’ikiri munda yanje kuba ari ishikanwa, rero n’unyemerere igisabisho canje, ntankeka ni wewe wumva kandi ni wewe nyene ubumenyi buhagije
فَلَمَّا وَضَعَتْهَا قَالَتْ رَبِّ إِنِّي وَضَعْتُهَا أُنثَىٰ وَاللَّهُ أَعْلَمُ بِمَا وَضَعَتْ وَلَيْسَ الذَّكَرُ كَالْأُنثَىٰ ۖ وَإِنِّي سَمَّيْتُهَا مَرْيَمَ وَإِنِّي أُعِيذُهَا بِكَ وَذُرِّيَّتَهَا مِنَ الشَّيْطَانِ الرَّجِيمِ (36)
Rero mugihe yibaruka yaciye avuga ati:- Muremyi wanje, jewe nibarutse ikibondo c’umwana w’umukobwa, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bw’ukumenya ico kibondo yibarutse, n’umwana w’umuhungu ntameze nk’umwana w’umwigeme nanje ndamuhaye izina rya Mariyamu (iii) kandi nanje ndamukingiye kuri wewe haba we n’uruvyaro rwiwe na Shetani yatawe kure mumigisha yawe
فَتَقَبَّلَهَا رَبُّهَا بِقَبُولٍ حَسَنٍ وَأَنبَتَهَا نَبَاتًا حَسَنًا وَكَفَّلَهَا زَكَرِيَّا ۖ كُلَّمَا دَخَلَ عَلَيْهَا زَكَرِيَّا الْمِحْرَابَ وَجَدَ عِندَهَا رِزْقًا ۖ قَالَ يَا مَرْيَمُ أَنَّىٰ لَكِ هَٰذَا ۖ قَالَتْ هُوَ مِنْ عِندِ اللَّهِ ۖ إِنَّ اللَّهَ يَرْزُقُ مَن يَشَاءُ بِغَيْرِ حِسَابٍ (37)
Rero Umuremyi wiwe yaramwakiriye neza atako aramukuza neza aca agira intumwa y’Imana Zakariya (iii) ngo abe umurezi w’ico kibondo, n’ingene intumwa y’Imana Zakariya (iii) yinjira mucumba c’iwe yahasanga ibifungurwa ari kumwe na Mariyamu (iii) aca avuga ati:- ewe Mariyamu (iii) ibi bintu vyose ubironkeye hehe? Nawe yamwishura ati:- ibi vyose bivuye ku Mana, n’Imana iha uwo yishakiye utarinze kugiriranira ibiharuro
هُنَالِكَ دَعَا زَكَرِيَّا رَبَّهُ ۖ قَالَ رَبِّ هَبْ لِي مِن لَّدُنكَ ذُرِّيَّةً طَيِّبَةً ۖ إِنَّكَ سَمِيعُ الدُّعَاءِ (38)
Aho nyene intumwa y’Imana Zakariya (iii) yaciye isaba Umuremyi wiwe ivuga iti:- Muremyi wanje n’umpe kubivuye iwawe umpe ikibondo c’intungane, kuko arI wewe wumva ibisabisho vy’abagu takambira bose
فَنَادَتْهُ الْمَلَائِكَةُ وَهُوَ قَائِمٌ يُصَلِّي فِي الْمِحْرَابِ أَنَّ اللَّهَ يُبَشِّرُكَ بِيَحْيَىٰ مُصَدِّقًا بِكَلِمَةٍ مِّنَ اللَّهِ وَسَيِّدًا وَحَصُورًا وَنَبِيًّا مِّنَ الصَّالِحِينَ (39)
Mu mwanya aba Marayika baramu shikiriza ubutumwa nawe ahagaze ariko arasengera mucumba yuko Imana igushikirije inkuru nziza y’intumwa y’Imana Yahya (iii) yuko azoba ariwe azokwemeza kw’ijambo rizoba rivuye Kumana, n’uwuzoba ari umugabo abukwiye atarigera yubaka urwiwe n’ukuba intumwa y’Imana ivuye mubantu beranda
قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَامٌ وَقَدْ بَلَغَنِيَ الْكِبَرُ وَامْرَأَتِي عَاقِرٌ ۖ قَالَ كَذَٰلِكَ اللَّهُ يَفْعَلُ مَا يَشَاءُ (40)
Intumwa y’Imana Zakariya (iii) yavuze iti:- Muremyi wanje, mbega nzoronka gute ikibondo mugihe ubusaza bwanshikiye, n’umukenyezi wanje nawe ari ingumba, nayo ica imwishura iti:- uko niko bimeze kuko Imana igira uko yishakiye
قَالَ رَبِّ اجْعَل لِّي آيَةً ۖ قَالَ آيَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ النَّاسَ ثَلَاثَةَ أَيَّامٍ إِلَّا رَمْزًا ۗ وَاذْكُر رَّبَّكَ كَثِيرًا وَسَبِّحْ بِالْعَشِيِّ وَالْإِبْكَارِ (41)
Yavuze iti:- ewe Muremyi wanje, nshirirako ikimenyetso, nayo imwishura iti:- ikimenyetso cawe nuko utazo shobora kuvugana n’abantu kukiringo c’imisi itatu ikurikirana atari uko uzokoresha ibimenyetso gusa, kandi uhayagiza Umuremyi wawe cane kandi mugihe co k’umugoroba no mu gitondo
وَإِذْ قَالَتِ الْمَلَائِكَةُ يَا مَرْيَمُ إِنَّ اللَّهَ اصْطَفَاكِ وَطَهَّرَكِ وَاصْطَفَاكِ عَلَىٰ نِسَاءِ الْعَالَمِينَ (42)
N’Abamarayika mugihe bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) mu vy’ukuri Imana yagutoye nuku gusukura kandi n’ukugutera iteka gusumba abakenyezi bo kw’isi yose
يَا مَرْيَمُ اقْنُتِي لِرَبِّكِ وَاسْجُدِي وَارْكَعِي مَعَ الرَّاكِعِينَ (43)
Ewe Mariyamu (iii) n’ugamburukire Umuremyi wawe kandi ushire umutwe wawe hasi ube hamwe n’abunama
ذَٰلِكَ مِنْ أَنبَاءِ الْغَيْبِ نُوحِيهِ إِلَيْكَ ۚ وَمَا كُنتَ لَدَيْهِمْ إِذْ يُلْقُونَ أَقْلَامَهُمْ أَيُّهُمْ يَكْفُلُ مَرْيَمَ وَمَا كُنتَ لَدَيْهِمْ إِذْ يَخْتَصِمُونَ (44)
Izi n’inkuru zitazwi tugushikiriza nawe aho wari uri ntiwari kumwe nabo mugihe bajugunya amakaramu yabo mumazi, none ni nde muribo azorera Mariyamu (iii) na wewe siho wari uri mugihe bahiganwa
إِذْ قَالَتِ الْمَلَائِكَةُ يَا مَرْيَمُ إِنَّ اللَّهَ يُبَشِّرُكِ بِكَلِمَةٍ مِّنْهُ اسْمُهُ الْمَسِيحُ عِيسَى ابْنُ مَرْيَمَ وَجِيهًا فِي الدُّنْيَا وَالْآخِرَةِ وَمِنَ الْمُقَرَّبِينَ (45)
Mugihe Abamarayika bavuga bati:- ewe Mariyamu (iii) Imana irakumenyesheje inkuru nziza ry’ijambo rivuye kuriyo, n’izina ryiwe n’umuhanaguzi ariwe Issa umwana wa Mariyamu (iii) afise urupfasoni ntangere ngaha kw’isi no k’umusi w’imperuka kandi ni muri bamwe bari hafi cane y’Imana
وَيُكَلِّمُ النَّاسَ فِي الْمَهْدِ وَكَهْلًا وَمِنَ الصَّالِحِينَ (46)
Nawe azoganira n’abantu kuva mubuto bwiwe no mugihe c’ukuba umushingantahe kandi no mubagira ineza
قَالَتْ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي وَلَدٌ وَلَمْ يَمْسَسْنِي بَشَرٌ ۖ قَالَ كَذَٰلِكِ اللَّهُ يَخْلُقُ مَا يَشَاءُ ۚ إِذَا قَضَىٰ أَمْرًا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُ كُن فَيَكُونُ (47)
Yishura avuga ati:- Muremyi wanje jewe nzoronka gute ikibondo mugihe ata n’umuntu n’umwe arankora ko? Nayo imbowishura iti:- uku niko bimeze, Imana irema uko yishakiye, kandi imaze guca urubanza rw’ikintu ngo kibe, ica ikibwira ico kintu kuba kigaca kiba
وَيُعَلِّمُهُ الْكِتَابَ وَالْحِكْمَةَ وَالتَّوْرَاةَ وَالْإِنجِيلَ (48)
Izomwigisha kwandika n’ubumenyi n’ukumenya igitabu ca Taurati hamwe n’igitabu c’Injili
وَرَسُولًا إِلَىٰ بَنِي إِسْرَائِيلَ أَنِّي قَدْ جِئْتُكُم بِآيَةٍ مِّن رَّبِّكُمْ ۖ أَنِّي أَخْلُقُ لَكُم مِّنَ الطِّينِ كَهَيْئَةِ الطَّيْرِ فَأَنفُخُ فِيهِ فَيَكُونُ طَيْرًا بِإِذْنِ اللَّهِ ۖ وَأُبْرِئُ الْأَكْمَهَ وَالْأَبْرَصَ وَأُحْيِي الْمَوْتَىٰ بِإِذْنِ اللَّهِ ۖ وَأُنَبِّئُكُم بِمَا تَأْكُلُونَ وَمَا تَدَّخِرُونَ فِي بُيُوتِكُمْ ۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَآيَةً لَّكُمْ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ (49)
Izomugira intumwa y’Imana kuri bene Israeri, nukuba bwira iti:-ndaje ndabafitiye ivyemezo bivuye ku Muremyi wanyu, yuko ndabaremeye ndabakuye mw’ivu nk’ishusho ry’inyoni, hanyuma ngaca mpuhera ko mumwanya igaca iba inyoni kw’itegeko ry’Imana, kandi ngakiza impumyi n’abafise imibembe, kandi nkazura n’abitavye Umuremyi wabo kw’itegeko ry’Imana, kandi nzobabwira ivyo muzo fungura hamwe n’ivyo muzo ziganya mumazu yanyu, ntankeka muri ibi vyose harimwo ivyemezo kuri mwebwe ni mwaba muri mu bantu bemera Imana yabo y’ukuri
وَمُصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَيَّ مِنَ التَّوْرَاةِ وَلِأُحِلَّ لَكُم بَعْضَ الَّذِي حُرِّمَ عَلَيْكُمْ ۚ وَجِئْتُكُم بِآيَةٍ مِّن رَّبِّكُمْ فَاتَّقُوا اللَّهَ وَأَطِيعُونِ (50)
Nzoba nd’umwemezi w’ivyabaye imbere yanje biri mugitabu c’Imana ca Taurati, kandi kugira ngo ndabahe uburenganzira buri muri bimwe mubintu mwari mwabujijwe, kandi nkaba nabazaniye n’ivyemezo bivuye ku Muremyi wanyu, kuri ivyo rero ni mutinye Imana yanyu, kandi muteko mungamburukire
إِنَّ اللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمْ فَاعْبُدُوهُ ۗ هَٰذَا صِرَاطٌ مُّسْتَقِيمٌ (51)
Mu vy’ukuri Imana niyo Muremyi wanje, kandi niyo Muremyi wanyu, rero ni muyisenge kuko ariyo nzira igororotse
۞ فَلَمَّا أَحَسَّ عِيسَىٰ مِنْهُمُ الْكُفْرَ قَالَ مَنْ أَنصَارِي إِلَى اللَّهِ ۖ قَالَ الْحَوَارِيُّونَ نَحْنُ أَنصَارُ اللَّهِ آمَنَّا بِاللَّهِ وَاشْهَدْ بِأَنَّا مُسْلِمُونَ (52)
Mugabo intumwa y’Imana Issa (iii) mugihe yabona amanyama yabo, yaciye avuga ati:- ni bande bazoba abafasha banje bazoshikiriza ubutumwa bw’Imana? Abanyeshuri biwe bavuze bati:- twebwe turi mubafasha b’Imana, kandi twaremeye Imana yacu y’ukuri kandi nube uri icabona yuko twebwe twitanze ku Mana
رَبَّنَا آمَنَّا بِمَا أَنزَلْتَ وَاتَّبَعْنَا الرَّسُولَ فَاكْتُبْنَا مَعَ الشَّاهِدِينَ (53)
Muremyi wacu, turemeye ivyo wamanuye vyose, kandi twakurikiye intumwa yawe, rero n’utwandike tube hamwe n’ivyabona
وَمَكَرُوا وَمَكَرَ اللَّهُ ۖ وَاللَّهُ خَيْرُ الْمَاكِرِينَ (54)
Baragize amarorerwa Imana nayo ica irahirika ayo marorerwa yabo n’Imana niyo nziza muguhirika ayo marorerwa yabo
إِذْ قَالَ اللَّهُ يَا عِيسَىٰ إِنِّي مُتَوَفِّيكَ وَرَافِعُكَ إِلَيَّ وَمُطَهِّرُكَ مِنَ الَّذِينَ كَفَرُوا وَجَاعِلُ الَّذِينَ اتَّبَعُوكَ فَوْقَ الَّذِينَ كَفَرُوا إِلَىٰ يَوْمِ الْقِيَامَةِ ۖ ثُمَّ إِلَيَّ مَرْجِعُكُمْ فَأَحْكُمُ بَيْنَكُمْ فِيمَا كُنتُمْ فِيهِ تَخْتَلِفُونَ (55)
Mugihe Imana yavuga iti :- ewe Issa mwene Mariyamu (iii) :- jewe nzowukwiza umwanya wawe w’ukubaho, hanyuma nze ndakugarure iwanje nce ndagusukura hamwe na bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, hanyuma nze nshireho bamwe bagukurikiye hejuru ya bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri kugeza k’umusi w’imperuka, hanyuma ingaruka yanyu izoba iwanje nce ndabacira urubanza kuvyo mwahora mutumvikana ko
فَأَمَّا الَّذِينَ كَفَرُوا فَأُعَذِّبُهُمْ عَذَابًا شَدِيدًا فِي الدُّنْيَا وَالْآخِرَةِ وَمَا لَهُم مِّن نَّاصِرِينَ (56)
Nayo bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, nzobahana ibihano bikaze cane ngaha kw’Isi no k’umusi w’imperuka, kandi ntibazoronka abazo bafasha
وَأَمَّا الَّذِينَ آمَنُوا وَعَمِلُوا الصَّالِحَاتِ فَيُوَفِّيهِمْ أُجُورَهُمْ ۗ وَاللَّهُ لَا يُحِبُّ الظَّالِمِينَ (57)
Nayo abemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo Imana izoriha impembo yabo ikwiye kandi Imana ntikunda abahemukiye imitima yabo
ذَٰلِكَ نَتْلُوهُ عَلَيْكَ مِنَ الْآيَاتِ وَالذِّكْرِ الْحَكِيمِ (58)
Aya majambo tugusomera, nimuri y’amajambo y’Imana matagatifu hamwe n’ubutumwa burimwo ubuhizi bukomeye cane
إِنَّ مَثَلَ عِيسَىٰ عِندَ اللَّهِ كَمَثَلِ آدَمَ ۖ خَلَقَهُ مِن تُرَابٍ ثُمَّ قَالَ لَهُ كُن فَيَكُونُ (59)
Ntankeka uko ameze intumwa y’Imana Issa (iii) imbere y’Imana ni nkakumwe kw’intumwa y’Imana Adamu (iii) kuko yamuremye imukuye mw’ivu hanyuma imubwira iti:- nube ho nawe aca araba ho
الْحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُن مِّنَ الْمُمْتَرِينَ (60)
N’ukuri kuvuye ku Muremyi wawe, rero nawe ntube uri mubantu bafise amakenga
فَمَنْ حَاجَّكَ فِيهِ مِن بَعْدِ مَا جَاءَكَ مِنَ الْعِلْمِ فَقُلْ تَعَالَوْا نَدْعُ أَبْنَاءَنَا وَأَبْنَاءَكُمْ وَنِسَاءَنَا وَنِسَاءَكُمْ وَأَنفُسَنَا وَأَنفُسَكُمْ ثُمَّ نَبْتَهِلْ فَنَجْعَل لَّعْنَتَ اللَّهِ عَلَى الْكَاذِبِينَ (61)
Mubazo kubaza kuri ibi bintu vyose munyuma yaho umaze gushikirwa n’ubumenyi wewe n’ubabwire uti:- nimuze duhamagare ibibondo vyacu hamwe n’ibibondo vyanyu hamwe n’abakenyezi b’iwacu hamwe n’abakenyezi b’iwanyu hamwe natwebwe namwe, hanyuma duce dusaba n’ubwitonzi ntangere dusabe umuvumo ku Mana hanyuma ubamanukire abo babeshi bose
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ الْقَصَصُ الْحَقُّ ۚ وَمَا مِنْ إِلَٰهٍ إِلَّا اللَّهُ ۚ وَإِنَّ اللَّهَ لَهُوَ الْعَزِيزُ الْحَكِيمُ (62)
Mu vy’ukuri ibi nivyo biganiro vy’ukuri, kandi atayindi Mana ikwiwe gusengwa atari Imana yonyene gusa, kandi mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
فَإِن تَوَلَّوْا فَإِنَّ اللَّهَ عَلِيمٌ بِالْمُفْسِدِينَ (63)
Nibatemera Imana yabo y’ukuri, mbega Imana yo ntizi abononyi
قُلْ يَا أَهْلَ الْكِتَابِ تَعَالَوْا إِلَىٰ كَلِمَةٍ سَوَاءٍ بَيْنَنَا وَبَيْنَكُمْ أَلَّا نَعْبُدَ إِلَّا اللَّهَ وَلَا نُشْرِكَ بِهِ شَيْئًا وَلَا يَتَّخِذَ بَعْضُنَا بَعْضًا أَرْبَابًا مِّن دُونِ اللَّهِ ۚ فَإِن تَوَلَّوْا فَقُولُوا اشْهَدُوا بِأَنَّا مُسْلِمُونَ (64)
Vuga uti:- mwebwe bantu mwahawe igitabu, nimuze kw’ijambo rigororotse riri hagati yacu hamwe namwe yuko tutazo senga icarico cose atari Imana yonyene gusa, kandi ntituyigereranye n’ikindi kintu, kandi no muri twebwe ntitugire abandi kuba arizo Mana aho kuba ari Imana yonyene rudende gusa, niba hakana muce muvuga muti:- ni mube ivyabona yuko twebwe turi aba Isilamu b’ukuri
يَا أَهْلَ الْكِتَابِ لِمَ تُحَاجُّونَ فِي إِبْرَاهِيمَ وَمَا أُنزِلَتِ التَّوْرَاةُ وَالْإِنجِيلُ إِلَّا مِن بَعْدِهِ ۚ أَفَلَا تَعْقِلُونَ (65)
Mwebwe bantu mwahawe igitabu ni kuki muharira kubera intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) mugihe igitabu c’Imana ca Taurati hamwe n’igitabu c’Imana c’Injili bitamanuwe atari uko vyaje munyuma yiwe! Mbega ivyo vyose mwebwe ntimubizi
هَا أَنتُمْ هَٰؤُلَاءِ حَاجَجْتُمْ فِيمَا لَكُم بِهِ عِلْمٌ فَلِمَ تُحَاجُّونَ فِيمَا لَيْسَ لَكُم بِهِ عِلْمٌ ۚ وَاللَّهُ يَعْلَمُ وَأَنتُمْ لَا تَعْلَمُونَ (66)
Nimurabe kuri mwebwe mwagize ibihari kubintu mufitiyeko ubumenyi buhagije, none ko muharira kubintu ata bumenyi mubifitiyeko, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije, mugabo mwebwe ntanakimwe muzi namba
مَا كَانَ إِبْرَاهِيمُ يَهُودِيًّا وَلَا نَصْرَانِيًّا وَلَٰكِن كَانَ حَنِيفًا مُّسْلِمًا وَمَا كَانَ مِنَ الْمُشْرِكِينَ (67)
Intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) ntiyari mubwoko bw’Abayahudi canke mubwoko bw’abakirisu, mugabo yari mu bantu barongotse kandi bagamburuka, kandi ntiyari mu bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
إِنَّ أَوْلَى النَّاسِ بِإِبْرَاهِيمَ لَلَّذِينَ اتَّبَعُوهُ وَهَٰذَا النَّبِيُّ وَالَّذِينَ آمَنُوا ۗ وَاللَّهُ وَلِيُّ الْمُؤْمِنِينَ (68)
Mu bantu begereye cane intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) nibarya bamukurikiye hamwe n’iyi ntumwa y’Imana Muhammadi (aui) hamwe n’abamwemeye bose, n’Imana niyo ikingira abayemeye bimwe vy’ukuri
وَدَّت طَّائِفَةٌ مِّنْ أَهْلِ الْكِتَابِ لَوْ يُضِلُّونَكُمْ وَمَا يُضِلُّونَ إِلَّا أَنفُسَهُمْ وَمَا يَشْعُرُونَ (69)
Mu bahawe igitabu c’Imana gitagatifu, bipfuza yuko bobazimiza, mugabo ntibazimiza atari imitima yabo gusa, mugabo ntavyo bazi
يَا أَهْلَ الْكِتَابِ لِمَ تَكْفُرُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ وَأَنتُمْ تَشْهَدُونَ (70)
Mwebwe mwahawe igitabu c’Imana gitagatifu, ni kuki muhakana amajambo y’Imana matagatifu mugihe mubifitiye ko ubumenyi
يَا أَهْلَ الْكِتَابِ لِمَ تَلْبِسُونَ الْحَقَّ بِالْبَاطِلِ وَتَكْتُمُونَ الْحَقَّ وَأَنتُمْ تَعْلَمُونَ (71)
Mwebwe mwahawe igitabu c’Imana gitagatifu, ni kuki muvanga ukuri kwama hamwe n’ibinyoma bigaritse, hanyuma mukanyegeza ukuri kwama namwe mukuzi
وَقَالَت طَّائِفَةٌ مِّنْ أَهْلِ الْكِتَابِ آمِنُوا بِالَّذِي أُنزِلَ عَلَى الَّذِينَ آمَنُوا وَجْهَ النَّهَارِ وَاكْفُرُوا آخِرَهُ لَعَلَّهُمْ يَرْجِعُونَ (72)
Na bamwe bahawe igitabu c’Imana gitagatifu bavuze bati :- ni mwemere ivya manuriwe aba Isilamu kuva muntango z’umurango hanyuma muyahakane bisanzure ugorovye, nkumbure bo garuka
وَلَا تُؤْمِنُوا إِلَّا لِمَن تَبِعَ دِينَكُمْ قُلْ إِنَّ الْهُدَىٰ هُدَى اللَّهِ أَن يُؤْتَىٰ أَحَدٌ مِّثْلَ مَا أُوتِيتُمْ أَوْ يُحَاجُّوكُمْ عِندَ رَبِّكُمْ ۗ قُلْ إِنَّ الْفَضْلَ بِيَدِ اللَّهِ يُؤْتِيهِ مَن يَشَاءُ ۗ وَاللَّهُ وَاسِعٌ عَلِيمٌ (73)
Kandi ntimu mwemere umuntu uwariwe wese atari uwukurikira idini ryanyu, rero vuga uti :- ntankeka uburongozi nyakuri n’uburongozi bw’Imana, y’uko azohabwa umwe muribo nk’ivyo mwahawe mwebwe canke muze mubazwe imbere y’Umuremyi wanyu, nawe vuga uti :- mu vy’ukuri imigisha yose iri muminwe y’Imana kuko niyo iha uwo yishakiye, n’Imana niyo yagutse kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
يَخْتَصُّ بِرَحْمَتِهِ مَن يَشَاءُ ۗ وَاللَّهُ ذُو الْفَضْلِ الْعَظِيمِ (74)
Itora ku migisha yayo uwo n’Imana niyo nyene imigisha mininiya
۞ وَمِنْ أَهْلِ الْكِتَابِ مَنْ إِن تَأْمَنْهُ بِقِنطَارٍ يُؤَدِّهِ إِلَيْكَ وَمِنْهُم مَّنْ إِن تَأْمَنْهُ بِدِينَارٍ لَّا يُؤَدِّهِ إِلَيْكَ إِلَّا مَا دُمْتَ عَلَيْهِ قَائِمًا ۗ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ قَالُوا لَيْسَ عَلَيْنَا فِي الْأُمِّيِّينَ سَبِيلٌ وَيَقُولُونَ عَلَى اللَّهِ الْكَذِبَ وَهُمْ يَعْلَمُونَ (75)
No mubahawe igitabu c’Imana gitagatifu harimwo abo wobabitsa ikintu c’amatungo bakagi subiza, no muribo harimwo abo wobabitsa ikintu kingana n’Idinari imwe batigera bayi gusubiza kiretse ubandanije ubahaze ko, ivyo vyose n’uko bavuze bati :- ntayindi nzira iri hejuru yacu kubera aba bantu badafise ubwenge nabo n’ababesha ku Mana mugihe bafise ubumenyi y’uko atari vyo
بَلَىٰ مَنْ أَوْفَىٰ بِعَهْدِهِ وَاتَّقَىٰ فَإِنَّ اللَّهَ يُحِبُّ الْمُتَّقِينَ (76)
Siko k’uko, uwemeza indagano yiwe n’ugutinya Imana, mu vy’ukuri Imana niyo ikunda abikinga
إِنَّ الَّذِينَ يَشْتَرُونَ بِعَهْدِ اللَّهِ وَأَيْمَانِهِمْ ثَمَنًا قَلِيلًا أُولَٰئِكَ لَا خَلَاقَ لَهُمْ فِي الْآخِرَةِ وَلَا يُكَلِّمُهُمُ اللَّهُ وَلَا يَنظُرُ إِلَيْهِمْ يَوْمَ الْقِيَامَةِ وَلَا يُزَكِّيهِمْ وَلَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ (77)
Mu vy’ukuri bamwe bagurisha amasezerano y’Imana hamwe n’indahiro zabo kubera amaronko makeyi y’aha kw’Isi, abo bantu nibo ataco bazoba bafise na gitoyi c’imigisha yo mw’Ijuru, kandi Imana ntizovugana nabo canke ibarabe k’umusi w’imperuka kandi ntizoba sukura nabo bazoronka ibihano bibabaza cane
وَإِنَّ مِنْهُمْ لَفَرِيقًا يَلْوُونَ أَلْسِنَتَهُم بِالْكِتَابِ لِتَحْسَبُوهُ مِنَ الْكِتَابِ وَمَا هُوَ مِنَ الْكِتَابِ وَيَقُولُونَ هُوَ مِنْ عِندِ اللَّهِ وَمَا هُوَ مِنْ عِندِ اللَّهِ وَيَقُولُونَ عَلَى اللَّهِ الْكَذِبَ وَهُمْ يَعْلَمُونَ (78)
No muribo harimwo bamwe indimi zabo zihengamye mugusoma igitabu kugira ngo mushobore kwihweza ayo majambo yabo yuko ari ayo mugitabu c’Imana canke atariyo, kandi bakavuga bati:- aya majambo avuye ku Mana mugihe atavuye ku Mana n’ukubeshera Imana nabo bazi yuko ari ububeshi gusa
مَا كَانَ لِبَشَرٍ أَن يُؤْتِيَهُ اللَّهُ الْكِتَابَ وَالْحُكْمَ وَالنُّبُوَّةَ ثُمَّ يَقُولَ لِلنَّاسِ كُونُوا عِبَادًا لِّي مِن دُونِ اللَّهِ وَلَٰكِن كُونُوا رَبَّانِيِّينَ بِمَا كُنتُمْ تُعَلِّمُونَ الْكِتَابَ وَبِمَا كُنتُمْ تَدْرُسُونَ (79)
Ntibibaho k’umuntu Imana yahaye igitabu hamwe n’ubutegetsi hamwe n’ukuba intumwa y’Imana ace abwira abantu ati:- ni mube mubansenga jewe aho gusenga Imana yonyene rudende, ahubwo nimube abasenga Imana kuko muriko murigisha igitabu c’Imana kandi nuko mwamye mugisoma
وَلَا يَأْمُرَكُمْ أَن تَتَّخِذُوا الْمَلَائِكَةَ وَالنَّبِيِّينَ أَرْبَابًا ۗ أَيَأْمُرُكُم بِالْكُفْرِ بَعْدَ إِذْ أَنتُم مُّسْلِمُونَ (80)
Kandi ntitubategeka ngo mugire Abamarayika hamwe n’intumwa z’Imana ngo zibe arizo Mana, mbega zizo tegeka ubuhakanyi namwe mwamaze kuba aba Isilamu
وَإِذْ أَخَذَ اللَّهُ مِيثَاقَ النَّبِيِّينَ لَمَا آتَيْتُكُم مِّن كِتَابٍ وَحِكْمَةٍ ثُمَّ جَاءَكُمْ رَسُولٌ مُّصَدِّقٌ لِّمَا مَعَكُمْ لَتُؤْمِنُنَّ بِهِ وَلَتَنصُرُنَّهُ ۚ قَالَ أَأَقْرَرْتُمْ وَأَخَذْتُمْ عَلَىٰ ذَٰلِكُمْ إِصْرِي ۖ قَالُوا أَقْرَرْنَا ۚ قَالَ فَاشْهَدُوا وَأَنَا مَعَكُم مِّنَ الشَّاهِدِينَ (81)
N’igihe Imana yagiranira amasezerano kuntumwa z’Imana azibwira ati:- ninaheza kubaha igitabu hamwe n’ubuhizi, munyuma yaho hakaza intumwa yemeza ibiri kumwe namwe, ni hejuru yanyu guca mumwemera n’ukumufasha, Imana ica ivuga iti:- mbega muremeye gufata ubutumwa bwanje kuri ivyo, nabo bishura bati:- turemeye, nayo ica isubira kuvuga iti:- rero nimube ivyabona, nanje ndikumwe namwe muvyabona
فَمَن تَوَلَّىٰ بَعْدَ ذَٰلِكَ فَأُولَٰئِكَ هُمُ الْفَاسِقُونَ (82)
Rero abazo hakana munyuma yaya majambo, abo nibo basenyuzi b’amateheko y’Imana
أَفَغَيْرَ دِينِ اللَّهِ يَبْغُونَ وَلَهُ أَسْلَمَ مَن فِي السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ طَوْعًا وَكَرْهًا وَإِلَيْهِ يُرْجَعُونَ (83)
Mbega bashaka idini atari idini ry’Imana, mugihe ibiri mu Majuru yose no kw’Isi bigamburukira Imana bishaka canke bidashaka, niwe niho bazosubizwa abantu bose
قُلْ آمَنَّا بِاللَّهِ وَمَا أُنزِلَ عَلَيْنَا وَمَا أُنزِلَ عَلَىٰ إِبْرَاهِيمَ وَإِسْمَاعِيلَ وَإِسْحَاقَ وَيَعْقُوبَ وَالْأَسْبَاطِ وَمَا أُوتِيَ مُوسَىٰ وَعِيسَىٰ وَالنَّبِيُّونَ مِن رَّبِّهِمْ لَا نُفَرِّقُ بَيْنَ أَحَدٍ مِّنْهُمْ وَنَحْنُ لَهُ مُسْلِمُونَ (84)
Vuga uti:- twaremeye Imana y’ukuri hamwe nivyo twamanuriwe nivyo yamanuriwe intumwa y'Imana Ibrahimu (iii) na Ismaili (iii) hamwe na Is’haka (iii) na Ya’akubu (iii) hamwe n’ibibondo vyiwe, hamwe n’ivyo yahawe intumwa y’Imana Mussa (iii) na Issa mwene Mariyamu (iii) hamwe n’izindi ntumwa zivuye ku Muremyi wabo, natwe ntituvangura hagati yabo n’umuntu n’umwe, natwe tugamburukiye kuri yo
وَمَن يَبْتَغِ غَيْرَ الْإِسْلَامِ دِينًا فَلَن يُقْبَلَ مِنْهُ وَهُوَ فِي الْآخِرَةِ مِنَ الْخَاسِرِينَ (85)
N’uwushaka idini atari idini rya Isilamu, ntirizo kwemererwa kuriwe nayo k’umusi w’imperuka azoba ari muruhombo runiniya cane
كَيْفَ يَهْدِي اللَّهُ قَوْمًا كَفَرُوا بَعْدَ إِيمَانِهِمْ وَشَهِدُوا أَنَّ الرَّسُولَ حَقٌّ وَجَاءَهُمُ الْبَيِّنَاتُ ۚ وَاللَّهُ لَا يَهْدِي الْقَوْمَ الظَّالِمِينَ (86)
Mbega Imana izorongora gute abantu bayihakanye munyuma yaho bamaze kwemera kwabo n’ukuba ivyabona y’uko intumwa y’Imana ari iy’ukuri n’ugushikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, rero Imana ntirongora abantu bahemukira imitima yabo
أُولَٰئِكَ جَزَاؤُهُمْ أَنَّ عَلَيْهِمْ لَعْنَةَ اللَّهِ وَالْمَلَائِكَةِ وَالنَّاسِ أَجْمَعِينَ (87)
Abo bantu impembo yabo nuko hejuru yabo hari umuvumo w’Imana hamwe nuw’Abamarayika hamwe nuw’abantu bose
خَالِدِينَ فِيهَا لَا يُخَفَّفُ عَنْهُمُ الْعَذَابُ وَلَا هُمْ يُنظَرُونَ (88)
Muri uwo muriro udahera bazowuba mwo mubuzima bwabo bwose, kandi ntibazo gabanirizwa ibihano canke ngo baronswe n’akanya k’ukuruhuka
إِلَّا الَّذِينَ تَابُوا مِن بَعْدِ ذَٰلِكَ وَأَصْلَحُوا فَإِنَّ اللَّهَ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (89)
Dukuye mwo abasavye ikigongwe munyuma y’ivyo n’ukugira ibikorwa vyabo, mu vy’ukuri Imana niyo ifise imbabazi nyinshi n’impuhwe zihagije
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا بَعْدَ إِيمَانِهِمْ ثُمَّ ازْدَادُوا كُفْرًا لَّن تُقْبَلَ تَوْبَتُهُمْ وَأُولَٰئِكَ هُمُ الضَّالُّونَ (90)
Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri bamaze kuyemera hanyuma bakabandanya bahakana, ikigongwe cabo ntikizo kwemererwa na gatoyi, n’abo nibo bazimiye bimwe vy’ukuri
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا وَمَاتُوا وَهُمْ كُفَّارٌ فَلَن يُقْبَلَ مِنْ أَحَدِهِم مِّلْءُ الْأَرْضِ ذَهَبًا وَلَوِ افْتَدَىٰ بِهِ ۗ أُولَٰئِكَ لَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ وَمَا لَهُم مِّن نَّاصِرِينَ (91)
Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri hanyuma bakitaba Imana yabo nabo ari abahakanyi b’Imana, rero ntihazo kwemererwa umuntu uwariwe wese naho yoba yatanze ingwati y’inzahabu y’ukwuzuza iy’Isi yose, abo bantu nibo bazoronka ibihano bibabaza kandi ntibazoronka abafasha
لَن تَنَالُوا الْبِرَّ حَتَّىٰ تُنفِقُوا مِمَّا تُحِبُّونَ ۚ وَمَا تُنفِقُوا مِن شَيْءٍ فَإِنَّ اللَّهَ بِهِ عَلِيمٌ (92)
Ntimuzo shobora gushikira ineza iyariyo yose kugeza aho muzotanga kuvyo mukunda, nivyo mutanga mu vy’ukuri Imana irabizi
۞ كُلُّ الطَّعَامِ كَانَ حِلًّا لِّبَنِي إِسْرَائِيلَ إِلَّا مَا حَرَّمَ إِسْرَائِيلُ عَلَىٰ نَفْسِهِ مِن قَبْلِ أَن تُنَزَّلَ التَّوْرَاةُ ۗ قُلْ فَأْتُوا بِالتَّوْرَاةِ فَاتْلُوهَا إِن كُنتُمْ صَادِقِينَ (93)
Mubi fungurwa vyose vyari birekuriwe n’amategeko y’Imana k’uruvyaro rwa bene Israeri, dukuyemwo muvya bujijwe na bene Israeri kubwabo imbere yuko hamanurwa igitabu c’Imana c’ukuri ca Taurati, wewe n’uvuge uti:- nimuzane ico gitabu ca Taurati nimwaba muvugisha ukuri kwama
فَمَنِ افْتَرَىٰ عَلَى اللَّهِ الْكَذِبَ مِن بَعْدِ ذَٰلِكَ فَأُولَٰئِكَ هُمُ الظَّالِمُونَ (94)
Nuwuzo kwiyadukiza uwariwe wese mukubeshera Imana munyuma yibi vyose, abo bantu nibo bazoba bahemukiye imitima yabo
قُلْ صَدَقَ اللَّهُ ۗ فَاتَّبِعُوا مِلَّةَ إِبْرَاهِيمَ حَنِيفًا وَمَا كَانَ مِنَ الْمُشْرِكِينَ (95)
Vuga uti:- Imana yavuze ukuri kwama, rero nimukurikire imigenzo kama y’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yabaye umuntu mweranda kandi ntiyari mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu
إِنَّ أَوَّلَ بَيْتٍ وُضِعَ لِلنَّاسِ لَلَّذِي بِبَكَّةَ مُبَارَكًا وَهُدًى لِّلْعَالَمِينَ (96)
Mu vy’ukuri inyubakwa ya mbere yashinzweho kubera abantu nirya iri Makkat ifise imigisha n’uburongozi kebera abantu bose
فِيهِ آيَاتٌ بَيِّنَاتٌ مَّقَامُ إِبْرَاهِيمَ ۖ وَمَن دَخَلَهُ كَانَ آمِنًا ۗ وَلِلَّهِ عَلَى النَّاسِ حِجُّ الْبَيْتِ مَنِ اسْتَطَاعَ إِلَيْهِ سَبِيلًا ۚ وَمَن كَفَرَ فَإِنَّ اللَّهَ غَنِيٌّ عَنِ الْعَالَمِينَ (97)
Muri iyo nyubakwa harimwo ibimenyetso biri k‘umugaragaro vyerekana ahantu yahora ahagarara intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) n’uwinjiye muri iyo nyubakwa azoba yinjiye ahantu h’amahoro, n’Imana yarabategetse abantu ngo bagire urwo rugendo rutagatifu muri iyo ngoro yayo k’umuntu yishoboye kugira urwo rugendo rutagatifu aho nyene, mugabo uwuzo hakana kujayo, Imana ntikeneye icarico cose kubiremwa vyiwe vyose
قُلْ يَا أَهْلَ الْكِتَابِ لِمَ تَكْفُرُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ وَاللَّهُ شَهِيدٌ عَلَىٰ مَا تَعْمَلُونَ (98)
Vuga uti:- mwebwe bantu mwahawe igitabu c’Imana c’ukuri, ni kuki muhakana ivyemezo vy’Imana mugihe Imana ariyo cabona iri hejuru y’ibintu vyose mugira
قُلْ يَا أَهْلَ الْكِتَابِ لِمَ تَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ اللَّهِ مَنْ آمَنَ تَبْغُونَهَا عِوَجًا وَأَنتُمْ شُهَدَاءُ ۗ وَمَا اللَّهُ بِغَافِلٍ عَمَّا تَعْمَلُونَ (99)
Vuga uti:- mwebwe mwahawe igitabu c’Imana c’ukuri, ni kuki muzitira abantu munzira y’idini ry’Imana ku bantu bemeye Imana yabo y’ukuri, hanyuma mukarondera ikosa namwe muri ivyabona, n’Imana ntiyibagira kuvyo mugira
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِن تُطِيعُوا فَرِيقًا مِّنَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ يَرُدُّوكُم بَعْدَ إِيمَانِكُمْ كَافِرِينَ (100)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa gamburukira bamwe bahawe igitabu c’Imana, bazoba subiza kuba mubahakanyi b’Imana mugihe mwari mumaze kuba aba Isilamu
وَكَيْفَ تَكْفُرُونَ وَأَنتُمْ تُتْلَىٰ عَلَيْكُمْ آيَاتُ اللَّهِ وَفِيكُمْ رَسُولُهُ ۗ وَمَن يَعْتَصِم بِاللَّهِ فَقَدْ هُدِيَ إِلَىٰ صِرَاطٍ مُّسْتَقِيمٍ (101)
None mwanka iki mugihe musomerwa amajambo y’Imana matagatifu hamwe na y’intumwa y’Imana yuko iri kumwe namwe, n’uwufata Imana yiwe nka nkama, uyo muntu azoba yararongowe munzira igororotse
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا اتَّقُوا اللَّهَ حَقَّ تُقَاتِهِ وَلَا تَمُوتُنَّ إِلَّا وَأَنتُم مُّسْلِمُونَ (102)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimutinye Imana yanyu bimwe biboneka, kandi ntimuze musandabe atari uko mwabaye aba Isilamu b’ukuri
وَاعْتَصِمُوا بِحَبْلِ اللَّهِ جَمِيعًا وَلَا تَفَرَّقُوا ۚ وَاذْكُرُوا نِعْمَتَ اللَّهِ عَلَيْكُمْ إِذْ كُنتُمْ أَعْدَاءً فَأَلَّفَ بَيْنَ قُلُوبِكُمْ فَأَصْبَحْتُم بِنِعْمَتِهِ إِخْوَانًا وَكُنتُمْ عَلَىٰ شَفَا حُفْرَةٍ مِّنَ النَّارِ فَأَنقَذَكُم مِّنْهَا ۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ اللَّهُ لَكُمْ آيَاتِهِ لَعَلَّكُمْ تَهْتَدُونَ (103)
Nimufatane k’umugozi w’Imana mwese uko muri kandi ntimusanzarane, kandi mwibuke imigisha y’Imana iri hejuru yanyu, mugihe mwari abansi kubandi nayo ica irahuza imitima yanyu kumigisha yayo nukuba mwese abavandimwe, kandi mwari kunkengera y’ikinogo c’umuriro wa Jahannamu nayo ica irabarokora nuwo muriro, uko rero niko Imana ibabenyesha amajambo yayo matagatifu kugira ngo mushobore kurongoka
وَلْتَكُن مِّنكُمْ أُمَّةٌ يَدْعُونَ إِلَى الْخَيْرِ وَيَأْمُرُونَ بِالْمَعْرُوفِ وَيَنْهَوْنَ عَنِ الْمُنكَرِ ۚ وَأُولَٰئِكَ هُمُ الْمُفْلِحُونَ (104)
Nihabe muri mwebwe abantu bashikiriza ubutumwa bw’amahoro hamwe n’abategeka abantu kugira ineza, hamwe n’ugutuza abantu kugira amabi, abo nabo nibo bantu bazoba batekaniwe
وَلَا تَكُونُوا كَالَّذِينَ تَفَرَّقُوا وَاخْتَلَفُوا مِن بَعْدِ مَا جَاءَهُمُ الْبَيِّنَاتُ ۚ وَأُولَٰئِكَ لَهُمْ عَذَابٌ عَظِيمٌ (105)
Kandi ntimube nkabamwe bacanamwo n’ukutumvikana mugihe bashikirwa n’ivyemezo biri k’umugaragaro, nabo rero nibo bantu bazoba bafise ibihano biniya cane
يَوْمَ تَبْيَضُّ وُجُوهٌ وَتَسْوَدُّ وُجُوهٌ ۚ فَأَمَّا الَّذِينَ اسْوَدَّتْ وُجُوهُهُمْ أَكَفَرْتُم بَعْدَ إِيمَانِكُمْ فَذُوقُوا الْعَذَابَ بِمَا كُنتُمْ تَكْفُرُونَ (106)
K’umusi waho amaso y’abantu azoba yera derere, n’ayandi maso azoba yirabura:- mbega mwoba mwarahakanye munyuma y’ukwemera kwanyu? rero nimuhonje ibihano kubera ubuhakanyi bwanyu
وَأَمَّا الَّذِينَ ابْيَضَّتْ وُجُوهُهُمْ فَفِي رَحْمَةِ اللَّهِ هُمْ فِيهَا خَالِدُونَ (107)
Nayo abazoba amaso yabo yera derere, ngaho mw’ijuru bazobayo mumigisha y’Imana abo bazobayo mubuzima bwabo bwose
تِلْكَ آيَاتُ اللَّهِ نَتْلُوهَا عَلَيْكَ بِالْحَقِّ ۗ وَمَا اللَّهُ يُرِيدُ ظُلْمًا لِّلْعَالَمِينَ (108)
Aya niyo majambo y’Imana matagatifu tugusomera bimwe vy’ukuri, n’Imana ntikunda guhemukira ibiremwa vyiwe
وَلِلَّهِ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَمَا فِي الْأَرْضِ ۚ وَإِلَى اللَّهِ تُرْجَعُ الْأُمُورُ (109)
N’ikiri mw’ijuru cose hamwe n’ikiri kw’Isi ni c’Imana, n’ibintu vyose bizosubizwa ku Mana
كُنتُمْ خَيْرَ أُمَّةٍ أُخْرِجَتْ لِلنَّاسِ تَأْمُرُونَ بِالْمَعْرُوفِ وَتَنْهَوْنَ عَنِ الْمُنكَرِ وَتُؤْمِنُونَ بِاللَّهِ ۗ وَلَوْ آمَنَ أَهْلُ الْكِتَابِ لَكَانَ خَيْرًا لَّهُم ۚ مِّنْهُمُ الْمُؤْمِنُونَ وَأَكْثَرُهُمُ الْفَاسِقُونَ (110)
Ni mwebwe bantu beza gusumba abandi bantu berekanywe, kuko mutegeka ibintu vyiza hamwe n’ugutuza amabi ayariyo yose, kandi mukemera Imana yanyu bimwe bivuye kumizirikanyi yanyu, nabamwe bahawe igitabu c’Imana iyo bemera Imana yabo y’ukuri, vyari kuba vyiza kuribo, n’abandi muribo harimwo abemera Imana yabo y’ukuri, n’abandi benshi muribo n’abiyonkora bava mumuco w’Imana
لَن يَضُرُّوكُمْ إِلَّا أَذًى ۖ وَإِن يُقَاتِلُوكُمْ يُوَلُّوكُمُ الْأَدْبَارَ ثُمَّ لَا يُنصَرُونَ (111)
Ntanabi bazoba girira atari amabi mato mato, nimwatana mumitwe nabo bansi bazobaha ibitugu vyabo biruka hanyuma ntibazo rokorwa
ضُرِبَتْ عَلَيْهِمُ الذِّلَّةُ أَيْنَ مَا ثُقِفُوا إِلَّا بِحَبْلٍ مِّنَ اللَّهِ وَحَبْلٍ مِّنَ النَّاسِ وَبَاءُوا بِغَضَبٍ مِّنَ اللَّهِ وَضُرِبَتْ عَلَيْهِمُ الْمَسْكَنَةُ ۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمْ كَانُوا يَكْفُرُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ وَيَقْتُلُونَ الْأَنبِيَاءَ بِغَيْرِ حَقٍّ ۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَوا وَّكَانُوا يَعْتَدُونَ (112)
Baratewe ishusho ry’ibimaramare aho bari hose, dukuyemwo umugozi w’Imana canke umugozi w’abantu bategerezwa guhabwa ibihano vy’Imana hamwe n’ishusho y’ibimaramare ryatewe kuribo, ivyo vyose n’ukubera ukutemera amajambo y’Imana n’ukugandagura intumwa z’Imana ata kuri babifitiye mwo, kandi ivyo vyose n’ukubera yuko biyonkoye n’ugusimba imbibe zashinzwe n’Imana
۞ لَيْسُوا سَوَاءً ۗ مِّنْ أَهْلِ الْكِتَابِ أُمَّةٌ قَائِمَةٌ يَتْلُونَ آيَاتِ اللَّهِ آنَاءَ اللَّيْلِ وَهُمْ يَسْجُدُونَ (113)
Nabo sibose uko bangana mubahawe igitabu c’Imana, kuko harimwo abantu batumbereye basoma amajambo y’Imana mumyanya y’ijoro, kandi bagapfukama bashize imitwe yabo hasi
يُؤْمِنُونَ بِاللَّهِ وَالْيَوْمِ الْآخِرِ وَيَأْمُرُونَ بِالْمَعْرُوفِ وَيَنْهَوْنَ عَنِ الْمُنكَرِ وَيُسَارِعُونَ فِي الْخَيْرَاتِ وَأُولَٰئِكَ مِنَ الصَّالِحِينَ (114)
Bemera Imana yabo y’ukuri hamwe n’umusi w’imperuka, kandi bategeka abantu kugira ineza hamwe n’ugutuza amabi, kandi bakayagirako kubintu vyihutirwa vyiza, nabo nibo bantu bari mubagira ineza
وَمَا يَفْعَلُوا مِنْ خَيْرٍ فَلَن يُكْفَرُوهُ ۗ وَاللَّهُ عَلِيمٌ بِالْمُتَّقِينَ (115)
N’ineza iyariyo yose bagira ntibazo yihakanirwa namba, n’Imana kuko niyo ifise ubumenyi bw’abayitinya
إِنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا لَن تُغْنِيَ عَنْهُمْ أَمْوَالُهُمْ وَلَا أَوْلَادُهُم مِّنَ اللَّهِ شَيْئًا ۖ وَأُولَٰئِكَ أَصْحَابُ النَّارِ ۚ هُمْ فِيهَا خَالِدُونَ (116)
Mu vy’ukuri bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri, amatungo yabo ntaco azoba marira na gatoyi hamwe n’ibibondo vyabo imbere y’Imana, nabo nibo bantu bo mumuriro udahera bazobayo mubuzima bwabo bwose
مَثَلُ مَا يُنفِقُونَ فِي هَٰذِهِ الْحَيَاةِ الدُّنْيَا كَمَثَلِ رِيحٍ فِيهَا صِرٌّ أَصَابَتْ حَرْثَ قَوْمٍ ظَلَمُوا أَنفُسَهُمْ فَأَهْلَكَتْهُ ۚ وَمَا ظَلَمَهُمُ اللَّهُ وَلَٰكِنْ أَنفُسَهُمْ يَظْلِمُونَ (117)
Akarorero kivyo batanga mubuzima bwabo ngaha kw’Isi nink’umuyaga urimwo imbeho ikaze cane waciye wonona umurima w’abahemukiye imitima yabo n’ukuwuhonya uwo murima burundu, n’Imana ntiyabahemukiye mugabo nibo bonyene bahemukiye imitima yabo
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا لَا تَتَّخِذُوا بِطَانَةً مِّن دُونِكُمْ لَا يَأْلُونَكُمْ خَبَالًا وَدُّوا مَا عَنِتُّمْ قَدْ بَدَتِ الْبَغْضَاءُ مِنْ أَفْوَاهِهِمْ وَمَا تُخْفِي صُدُورُهُمْ أَكْبَرُ ۚ قَدْ بَيَّنَّا لَكُمُ الْآيَاتِ ۖ إِن كُنتُمْ تَعْقِلُونَ (118)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimubagire ababafitiye amabanga yanyu kuba mubantu batari muri mwebwe, kuko abo bantu ntibazoreka kubagirira inabi iyariyo yose bayishaka kuri mwebwe, kuko bakunda ibibagirira inabi z’indyane zibonekera muminwa yabo hamwe n’ibinyegezwa mubikiriza vyabo nivyo bininiya cane, rero ivyo nivyo tuba menyesheje mubimenyetso vyose nimwaba mwebwe muri mu bantu bategera neza
هَا أَنتُمْ أُولَاءِ تُحِبُّونَهُمْ وَلَا يُحِبُّونَكُمْ وَتُؤْمِنُونَ بِالْكِتَابِ كُلِّهِ وَإِذَا لَقُوكُمْ قَالُوا آمَنَّا وَإِذَا خَلَوْا عَضُّوا عَلَيْكُمُ الْأَنَامِلَ مِنَ الْغَيْظِ ۚ قُلْ مُوتُوا بِغَيْظِكُمْ ۗ إِنَّ اللَّهَ عَلِيمٌ بِذَاتِ الصُّدُورِ (119)
Oh! mwebwe muraba kunda mugihe nabo bataba kunda na gatoyi, namwe muremera ibitabu vyose, mugihe bahuye namwe baca bavuga bati:- twebwe turemeye mugabo mugihe biherereye bonyene baca baba hekenyera ibijigo n’ububabare bw’inshi cane, wewe n’uvuge uti:- ni mupfane n’ubwo bubabare bwanyu mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mubikiriza vyanyu
إِن تَمْسَسْكُمْ حَسَنَةٌ تَسُؤْهُمْ وَإِن تُصِبْكُمْ سَيِّئَةٌ يَفْرَحُوا بِهَا ۖ وَإِن تَصْبِرُوا وَتَتَّقُوا لَا يَضُرُّكُمْ كَيْدُهُمْ شَيْئًا ۗ إِنَّ اللَّهَ بِمَا يَعْمَلُونَ مُحِيطٌ (120)
Mushikiwe n’amahoro, bica bibatera agahinda hanyuma mushikiwe n’ivyago baca banezerwa kuri ivyo vyabashikiye, rero nimwihangana n’ugutinya Imana yanyu y’ukuri, ingeso zabo nta n’ikintu na kimwe kizoba marira, mu vy’ukuri Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bw’ivyo mugira vyose
وَإِذْ غَدَوْتَ مِنْ أَهْلِكَ تُبَوِّئُ الْمُؤْمِنِينَ مَقَاعِدَ لِلْقِتَالِ ۗ وَاللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ (121)
Kandi wibuke mugihe wasohoka mugitondo usize umuryango wawe kugira ngo ubategurire aba Isilamu ikibanza c’ukurwanira mwo, n’Imana niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
إِذْ هَمَّت طَّائِفَتَانِ مِنكُمْ أَن تَفْشَلَا وَاللَّهُ وَلِيُّهُمَا ۗ وَعَلَى اللَّهِ فَلْيَتَوَكَّلِ الْمُؤْمِنُونَ (122)
Imirwi ibiri yo muri mwebwe mugihe yitegurira kugira ubwoba n’Imana ica iba umuhagarikizi wiyo mirwi yose uko ari ibiri, naba Isilamu aho bari nibizere Imana yabo gusa
وَلَقَدْ نَصَرَكُمُ اللَّهُ بِبَدْرٍ وَأَنتُمْ أَذِلَّةٌ ۖ فَاتَّقُوا اللَّهَ لَعَلَّكُمْ تَشْكُرُونَ (123)
N’Imana niyo yabarokoye mungwano ya Badru, mugihe ata bushobozi mwari mufise, rero nimutinye Imana yanyu kugira ngo mushobore kuyikengurukira
إِذْ تَقُولُ لِلْمُؤْمِنِينَ أَلَن يَكْفِيَكُمْ أَن يُمِدَّكُمْ رَبُّكُم بِثَلَاثَةِ آلَافٍ مِّنَ الْمَلَائِكَةِ مُنزَلِينَ (124)
Mugihe yabwira aba Isilamu ati:- mbega mwebwe ntimuhagijwe n’Imana yanyu, mugihe yobafashisha Abamarayika ibihumbi bitatu bazoba bamanuwe nayo
بَلَىٰ ۚ إِن تَصْبِرُوا وَتَتَّقُوا وَيَأْتُوكُم مِّن فَوْرِهِمْ هَٰذَا يُمْدِدْكُمْ رَبُّكُم بِخَمْسَةِ آلَافٍ مِّنَ الْمَلَائِكَةِ مُسَوِّمِينَ (125)
Egome, nimwigumya n’ukwirinda n’ivyabujijwe nayo n’ukubashikira n’ingoga na n’ingoga, aho niho Imana yanyu izo bafasha kubamarayika ibihumbi bitanu basatira n’inguvu nyinshi cane
وَمَا جَعَلَهُ اللَّهُ إِلَّا بُشْرَىٰ لَكُمْ وَلِتَطْمَئِنَّ قُلُوبُكُم بِهِ ۗ وَمَا النَّصْرُ إِلَّا مِنْ عِندِ اللَّهِ الْعَزِيزِ الْحَكِيمِ (126)
N’Imana ntiyagize ibi vyose atari uko ari ibimenyetso kuri mwebwe kugira ngo imitima yanyu ishobore guhumura kuriyo, n’imfashanyo ntisohoka atari kububasha bw’Imana kuko niyo ifise ubushobozi n’ubuhizi buhagije
لِيَقْطَعَ طَرَفًا مِّنَ الَّذِينَ كَفَرُوا أَوْ يَكْبِتَهُمْ فَيَنقَلِبُوا خَائِبِينَ (127)
Kugira ngo ice kimwe mu bihimba vyo muri bamwe bahemukiye Imana yabo y’ukuri, canke ibatetereze kugira ngo bashobore kugaruka bamaze gutsindwa
لَيْسَ لَكَ مِنَ الْأَمْرِ شَيْءٌ أَوْ يَتُوبَ عَلَيْهِمْ أَوْ يُعَذِّبَهُمْ فَإِنَّهُمْ ظَالِمُونَ (128)
Wewe ntanakimwe ufise muri izi mpanuro, canke ngo ubagirire ikigongwe canke ngo ubahane, kuko n’abantu bahemukiye imitima yabo
وَلِلَّهِ مَا فِي السَّمَاوَاتِ وَمَا فِي الْأَرْضِ ۚ يَغْفِرُ لِمَن يَشَاءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَاءُ ۚ وَاللَّهُ غَفُورٌ رَّحِيمٌ (129)
Vyose nivy’Imana gusa ibiri mu Majuru n’ibiri kw’Isi, rero igirira ikigongwe kuwo yishakiye n’uguhana uwo yishakiye, n’Imana niyo nyene imbabazi n’impuhwe zihagije
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا لَا تَأْكُلُوا الرِّبَا أَضْعَافًا مُّضَاعَفَةً ۖ وَاتَّقُوا اللَّهَ لَعَلَّكُمْ تُفْلِحُونَ (130)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ntimurye amatungo y’umurengero, mukaguma mwongereza ayo matungo kuyandi, kandi mutinye Imana yanyu kugira ngo mushobore gutunganirwa
وَاتَّقُوا النَّارَ الَّتِي أُعِدَّتْ لِلْكَافِرِينَ (131)
Kandi mutinye umucanwa wabikiwe abahakanyi bahakanye amategeko y’Imana
وَأَطِيعُوا اللَّهَ وَالرَّسُولَ لَعَلَّكُمْ تُرْحَمُونَ (132)
Kandi mutinye Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa yayo kugira ngo muronke impuhwe zayo
۞ وَسَارِعُوا إِلَىٰ مَغْفِرَةٍ مِّن رَّبِّكُمْ وَجَنَّةٍ عَرْضُهَا السَّمَاوَاتُ وَالْأَرْضُ أُعِدَّتْ لِلْمُتَّقِينَ (133)
Ni mwihute n’ingoga na n’ingoga mugusaba ikigongwe c’Umuremyi wanyu hamwe n’Ijuru ryayo, ubwaguke bw’aryo ni nk’Ijuru n’Isi, ryabikiwe abatinya Imana yabo y’ukuri gusa
الَّذِينَ يُنفِقُونَ فِي السَّرَّاءِ وَالضَّرَّاءِ وَالْكَاظِمِينَ الْغَيْظَ وَالْعَافِينَ عَنِ النَّاسِ ۗ وَاللَّهُ يُحِبُّ الْمُحْسِنِينَ (134)
Nabamwe batanga amatungo yabo biboroheye no munzira zitoroshe, n’abihangana mugihe c’ishavu hamwe nukugirira imbabazi ku bantu, n’Imana ikunda abagira ineza
وَالَّذِينَ إِذَا فَعَلُوا فَاحِشَةً أَوْ ظَلَمُوا أَنفُسَهُمْ ذَكَرُوا اللَّهَ فَاسْتَغْفَرُوا لِذُنُوبِهِمْ وَمَن يَغْفِرُ الذُّنُوبَ إِلَّا اللَّهُ وَلَمْ يُصِرُّوا عَلَىٰ مَا فَعَلُوا وَهُمْ يَعْلَمُونَ (135)
N’abagira ibintu vy’umwanda n’uguhemukira imitima yabo bama bibuka Imana yabo, nugusaba imbabazi kubera ibicumuro vyabo bagize, none ni nde agirira ikigongwe c’ibicumuro atari Imana yonyene? Kandi ntibabandanya nivyo bagize mugihe bafise ubumenyi buhagije
أُولَٰئِكَ جَزَاؤُهُم مَّغْفِرَةٌ مِّن رَّبِّهِمْ وَجَنَّاتٌ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ خَالِدِينَ فِيهَا ۚ وَنِعْمَ أَجْرُ الْعَامِلِينَ (136)
Abo nibo impembo zabo zizoba ari ikigongwe k’Umuremyi wabo hamwe n’imirima iri imbere yabo n’inzuzi zica imbere yabo, muriyo bazobayo mubuzima bwabo bwose, nayo n’ineza imeze gute y’impembo y’abagira ineza
قَدْ خَلَتْ مِن قَبْلِكُمْ سُنَنٌ فَسِيرُوا فِي الْأَرْضِ فَانظُرُوا كَيْفَ كَانَ عَاقِبَةُ الْمُكَذِّبِينَ (137)
Haraciye ibihano vy’ubwoko butandukanye bwahawe abamyeho imbere yanyu, nimugire ingendo kuri iy’Isi hanyuma murabe amaherezo yabamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri
هَٰذَا بَيَانٌ لِّلنَّاسِ وَهُدًى وَمَوْعِظَةٌ لِّلْمُتَّقِينَ (138)
Ibi n’ibiganiro biri k’umugaragaro ku bantu bose, hamwe n’indongozi zishikiriza ubutumwa ku bantu batinya Imana yabo y’ukuri
وَلَا تَهِنُوا وَلَا تَحْزَنُوا وَأَنتُمُ الْأَعْلَوْنَ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ (139)
Ntimudebukirwe kandi ntimufatwe n’agahinda kuko ni mwebwe muzoba muri hejuru, nimwaba mwemera neza bimwe vy’ukuri
إِن يَمْسَسْكُمْ قَرْحٌ فَقَدْ مَسَّ الْقَوْمَ قَرْحٌ مِّثْلُهُ ۚ وَتِلْكَ الْأَيَّامُ نُدَاوِلُهَا بَيْنَ النَّاسِ وَلِيَعْلَمَ اللَّهُ الَّذِينَ آمَنُوا وَيَتَّخِذَ مِنكُمْ شُهَدَاءَ ۗ وَاللَّهُ لَا يُحِبُّ الظَّالِمِينَ (140)
Nimwaba mwararonse ibikomere, rero nabo bantu barahuye n’ivyo bikomere n’imisi imeze nk’iyi tubazanira abantu kw’izamu, kugira ngo Imana itandukanye abayemeye bimwe vy’ukuri, kandi igire muri mwebwe ivyabona vyayo, n’Imana ntikunda abantu bahemukiye imitima yabo
وَلِيُمَحِّصَ اللَّهُ الَّذِينَ آمَنُوا وَيَمْحَقَ الْكَافِرِينَ (141)
Kugira ngo Imana ibasukure abayemeye bimwe vy’ukuri n’ukuba hanagura abayikahanye bimwe vy’ukuri
أَمْ حَسِبْتُمْ أَن تَدْخُلُوا الْجَنَّةَ وَلَمَّا يَعْلَمِ اللَّهُ الَّذِينَ جَاهَدُوا مِنكُمْ وَيَعْلَمَ الصَّابِرِينَ (142)
Mbega mwiyumvira yuko muzo kwinjira mw’Ijuru mugihe Imana itara tandukanya muri bamwe barwanira idini ry’Imana muri mwebwe hamwe n’ukuba tandukanya abihanganye
وَلَقَدْ كُنتُمْ تَمَنَّوْنَ الْمَوْتَ مِن قَبْلِ أَن تَلْقَوْهُ فَقَدْ رَأَيْتُمُوهُ وَأَنتُمْ تَنظُرُونَ (143)
Namwe mwamye mwipfuza urupfu imbere yuko muhura narwo, none mwarubonye kandi murwitegereza
وَمَا مُحَمَّدٌ إِلَّا رَسُولٌ قَدْ خَلَتْ مِن قَبْلِهِ الرُّسُلُ ۚ أَفَإِن مَّاتَ أَوْ قُتِلَ انقَلَبْتُمْ عَلَىٰ أَعْقَابِكُمْ ۚ وَمَن يَنقَلِبْ عَلَىٰ عَقِبَيْهِ فَلَن يَضُرَّ اللَّهَ شَيْئًا ۗ وَسَيَجْزِي اللَّهُ الشَّاكِرِينَ (144)
Ntiyari kuba Muhammadi (aui) atari uko ari intumwa y’Imana gusa, hakaba haraciye imbere yiwe izindi ntumwa z’Imana, none asandavye canke yishwe, niho muzoca musubiza ibirenge vyanyu inyuma n’uguca muba abahakanyi b’Imana nkuko mwamye aho hambere? Rero uwuzo subiza ibitsintsiri vyiwe inyuma ntaco azogira Imana kukintu icarico cose, nayo izoba hemba abayikengurukira
وَمَا كَانَ لِنَفْسٍ أَن تَمُوتَ إِلَّا بِإِذْنِ اللَّهِ كِتَابًا مُّؤَجَّلًا ۗ وَمَن يُرِدْ ثَوَابَ الدُّنْيَا نُؤْتِهِ مِنْهَا وَمَن يُرِدْ ثَوَابَ الْآخِرَةِ نُؤْتِهِ مِنْهَا ۚ وَسَنَجْزِي الشَّاكِرِينَ (145)
N’umutima uwariwo wose ntuzoshobora kw’itaba Umuremyi wayo atari kw’itegeko ry’Imana, kandi biturutse kw’isanganya ryagenewe ko, n’uwushaka impembo yaha kw’Isi tuzoyimuha, nayo uwushaka impembo yo mw’ijuru tuzoyimuhera iyo nyene, mu vy’ukuri tuzohemba abashima
وَكَأَيِّن مِّن نَّبِيٍّ قَاتَلَ مَعَهُ رِبِّيُّونَ كَثِيرٌ فَمَا وَهَنُوا لِمَا أَصَابَهُمْ فِي سَبِيلِ اللَّهِ وَمَا ضَعُفُوا وَمَا اسْتَكَانُوا ۗ وَاللَّهُ يُحِبُّ الصَّابِرِينَ (146)
N’intumwa z’Imana zingahe zatanye mumitwe n’abansi babo hamwe nabo hakaba muribo abatagatifu benshi cane mugabo ntibacitse imvutu kuvyabashikiye munzira y’Imana kandi ntibacitse imvutu kandi ntibateterewe, n’Imana ikunda abantu batenyenya
وَمَا كَانَ قَوْلَهُمْ إِلَّا أَن قَالُوا رَبَّنَا اغْفِرْ لَنَا ذُنُوبَنَا وَإِسْرَافَنَا فِي أَمْرِنَا وَثَبِّتْ أَقْدَامَنَا وَانصُرْنَا عَلَى الْقَوْمِ الْكَافِرِينَ (147)
Kandi ntiyabaye imvugo yabo atari uko bavuga bati:- Muremyi wacu, n’uduhanagurire ibicumuro vyacu vyarenze urugero mu bintu vyacu vyose, kandi udutere intege kumaguru yacu kandi udukingire n’abahakanyi b’Imana
فَآتَاهُمُ اللَّهُ ثَوَابَ الدُّنْيَا وَحُسْنَ ثَوَابِ الْآخِرَةِ ۗ وَاللَّهُ يُحِبُّ الْمُحْسِنِينَ (148)
Imana ibahemba impembo yo ngaha kw’Isi, hamwe n’impembo nziza yo mw’ijuru, n’Imana ikunda abagira ineza
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا إِن تُطِيعُوا الَّذِينَ كَفَرُوا يَرُدُّوكُمْ عَلَىٰ أَعْقَابِكُمْ فَتَنقَلِبُوا خَاسِرِينَ (149)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimwa gamburukira abahakanye Imana yabo y’ukuri, bazoba subiza inyuma kandi muzoba muri m’uruhombo runiniya cane
بَلِ اللَّهُ مَوْلَاكُمْ ۖ وَهُوَ خَيْرُ النَّاصِرِينَ (150)
Ahubwo Imana niyo Muremyi wanyu, kandi niyo nziza mubafasha bayo
سَنُلْقِي فِي قُلُوبِ الَّذِينَ كَفَرُوا الرُّعْبَ بِمَا أَشْرَكُوا بِاللَّهِ مَا لَمْ يُنَزِّلْ بِهِ سُلْطَانًا ۖ وَمَأْوَاهُمُ النَّارُ ۚ وَبِئْسَ مَثْوَى الظَّالِمِينَ (151)
Tuzoshira ubwoba mumitima yabarya bahakanye Imana yabo y’ukuri, kubera ubugereranyi bwabo bw’Imana y’ukuri, hamwe n’abata manuriwe ivyemezo vyemeza iyo Mana, n’ubwicaro bwabo buzoba ari ubwo mu muriro udahera, nabwo n’ubwicaro bubi bumeze gute! kandi n’ubwicaro bw’abahemukiye imitima yabo
وَلَقَدْ صَدَقَكُمُ اللَّهُ وَعْدَهُ إِذْ تَحُسُّونَهُم بِإِذْنِهِ ۖ حَتَّىٰ إِذَا فَشِلْتُمْ وَتَنَازَعْتُمْ فِي الْأَمْرِ وَعَصَيْتُم مِّن بَعْدِ مَا أَرَاكُم مَّا تُحِبُّونَ ۚ مِنكُم مَّن يُرِيدُ الدُّنْيَا وَمِنكُم مَّن يُرِيدُ الْآخِرَةَ ۚ ثُمَّ صَرَفَكُمْ عَنْهُمْ لِيَبْتَلِيَكُمْ ۖ وَلَقَدْ عَفَا عَنكُمْ ۗ وَاللَّهُ ذُو فَضْلٍ عَلَى الْمُؤْمِنِينَ (152)
N’Imana yarabakwirije amasezerano yayo, namwe muca muraba gandagura kw’itegeko ryayo kugeza naho mwadebukirwa n’ugucanamwo muri urwo rubanza n’ukwiyonkora munyuma yaho yamara kubereka muvyo mwakunda, hakaba muri mwebwe abakunda ivy’Isi, hakaba n’abandi muri mwebwe bakunda Ijuru, hanyuma Imana ica ibashira kure nabo kugira ngo ibahe indero ikwiye, nayo ubu yarakibagiriye ico kigongwe, n’Imana niyo nyene imbabazi nyinshi ku bantu bayemera bimwe vy’ukuri
۞ إِذْ تُصْعِدُونَ وَلَا تَلْوُونَ عَلَىٰ أَحَدٍ وَالرَّسُولُ يَدْعُوكُمْ فِي أُخْرَاكُمْ فَأَثَابَكُمْ غَمًّا بِغَمٍّ لِّكَيْلَا تَحْزَنُوا عَلَىٰ مَا فَاتَكُمْ وَلَا مَا أَصَابَكُمْ ۗ وَاللَّهُ خَبِيرٌ بِمَا تَعْمَلُونَ (153)
Mugihe mwahora mwirukanga n’ingoga na n’ingoga namwe ata n’umwe mwumviriza, no mugihe intumwa y’Imana yaba hamagara nawe ari inyuma yanyu, bica biramu maramaza hejuru y’ibimaramare kugira ngo namwe ntimumaramare, kubintu vy’abatakaranye canke kuvyabashikiye, n’Imana niyo ifise inkuru y’ibintu vyose mugira
ثُمَّ أَنزَلَ عَلَيْكُم مِّن بَعْدِ الْغَمِّ أَمَنَةً نُّعَاسًا يَغْشَىٰ طَائِفَةً مِّنكُمْ ۖ وَطَائِفَةٌ قَدْ أَهَمَّتْهُمْ أَنفُسُهُمْ يَظُنُّونَ بِاللَّهِ غَيْرَ الْحَقِّ ظَنَّ الْجَاهِلِيَّةِ ۖ يَقُولُونَ هَل لَّنَا مِنَ الْأَمْرِ مِن شَيْءٍ ۗ قُلْ إِنَّ الْأَمْرَ كُلَّهُ لِلَّهِ ۗ يُخْفُونَ فِي أَنفُسِهِم مَّا لَا يُبْدُونَ لَكَ ۖ يَقُولُونَ لَوْ كَانَ لَنَا مِنَ الْأَمْرِ شَيْءٌ مَّا قُتِلْنَا هَاهُنَا ۗ قُل لَّوْ كُنتُمْ فِي بُيُوتِكُمْ لَبَرَزَ الَّذِينَ كُتِبَ عَلَيْهِمُ الْقَتْلُ إِلَىٰ مَضَاجِعِهِمْ ۖ وَلِيَبْتَلِيَ اللَّهُ مَا فِي صُدُورِكُمْ وَلِيُمَحِّصَ مَا فِي قُلُوبِكُمْ ۗ وَاللَّهُ عَلِيمٌ بِذَاتِ الصُّدُورِ (154)
Hanyuma mu nyuma yivyo bimaramare vyose Imana yaraba manuriye ihumure n’itiro ryaciye ripfuka umurwi umwe muri mwebwe, hakaba hari uwundi murwi imitima yabo yabatera impungenge bikeka ku Mana ivyikeko atarivyo, bikaba ari ivyikeko vy’ubujuju kuuko bavuga bati:- mbega turafise itegeko muri ibi bintu? vuga uti :- ibintu vyose ni vy’Imana mugabo banyegeza ibiri mumitima yabo muvyo badashobora kukwereka n’ukuvuga bati:- iyo tuba dufise icarico cose muri ibi bintu ntitwari kugandagurirwa ngaha, vuga uti:- naho mwari kuba mumazu yanyu, bari gusohoka bamwe bandikiwe urupfu rwabo bakaja k’uruhande rw’abo rw’ukurwayo bagapfa n’ukwerekana ibiri mumishaha yanyu, n’Imana niyo ifise ubumenyi bw’ibiri mumishaha yanyu
إِنَّ الَّذِينَ تَوَلَّوْا مِنكُمْ يَوْمَ الْتَقَى الْجَمْعَانِ إِنَّمَا اسْتَزَلَّهُمُ الشَّيْطَانُ بِبَعْضِ مَا كَسَبُوا ۖ وَلَقَدْ عَفَا اللَّهُ عَنْهُمْ ۗ إِنَّ اللَّهَ غَفُورٌ حَلِيمٌ (155)
Bamwe basubira inyuma k’umusi waho ingabo zose uko ari zibiri zatana mumitwe Shetani niyo yabanyereje kuvyo bagize n’Imana yarabagiriye ikigongwe mu vy’ukuri Imana niyo nyene Impuhwe nyinshi kandi niyo ntore
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا لَا تَكُونُوا كَالَّذِينَ كَفَرُوا وَقَالُوا لِإِخْوَانِهِمْ إِذَا ضَرَبُوا فِي الْأَرْضِ أَوْ كَانُوا غُزًّى لَّوْ كَانُوا عِندَنَا مَا مَاتُوا وَمَا قُتِلُوا لِيَجْعَلَ اللَّهُ ذَٰلِكَ حَسْرَةً فِي قُلُوبِهِمْ ۗ وَاللَّهُ يُحْيِي وَيُمِيتُ ۗ وَاللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ بَصِيرٌ (156)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri ntimube nkaba hakanye Imana yabo y’ukuri, n’ukuvugira hejuru ya bene wabo mugihe bagira urugendo rwo ngaha kw’isi canke mugihe batana mumitwe bagapfa, iyo bobaye iwacu ntibari gupfa canke ngo bacikane, kugira ngo Imana ibigire gutyo ngo bibabereko agahinda k’umitima yabo, n’Imana niyo irema n’ukwica, n’Imana niyo ibona ibintu vyose mugira
وَلَئِن قُتِلْتُمْ فِي سَبِيلِ اللَّهِ أَوْ مُتُّمْ لَمَغْفِرَةٌ مِّنَ اللَّهِ وَرَحْمَةٌ خَيْرٌ مِّمَّا يَجْمَعُونَ (157)
Nimwapfira munzira y’Imana canke mugapfa, none ikigongwe n’Impuhwe nibiba bivuye ku Mana kandi nivyo vyiza gusumba ivyo begeranya
وَلَئِن مُّتُّمْ أَوْ قُتِلْتُمْ لَإِلَى اللَّهِ تُحْشَرُونَ (158)
Nimwa sandaba canke mukicwa, muzo kwegeranywa imbere y’Imana
فَبِمَا رَحْمَةٍ مِّنَ اللَّهِ لِنتَ لَهُمْ ۖ وَلَوْ كُنتَ فَظًّا غَلِيظَ الْقَلْبِ لَانفَضُّوا مِنْ حَوْلِكَ ۖ فَاعْفُ عَنْهُمْ وَاسْتَغْفِرْ لَهُمْ وَشَاوِرْهُمْ فِي الْأَمْرِ ۖ فَإِذَا عَزَمْتَ فَتَوَكَّلْ عَلَى اللَّهِ ۚ إِنَّ اللَّهَ يُحِبُّ الْمُتَوَكِّلِينَ (159)
Rero kubera impamvu z’Impuhwe zizoba zivuye ku Mana yawe ubaye umuntu woroshe kuribo, mugabo iyo uba umuntu ufise umukazo n’umutima ukomeye abantu bose bari kuguhunga, rero n’ubagirire ikigongwe, kandi ubasabire ikigongwe, kandi mwumvikane nabo mu bintu vyose, kandi niwagira icipfuzo icarico cose niwizere Imana yawe gusa, mu vy’ukuri Imana ikunda cane abayizera
إِن يَنصُرْكُمُ اللَّهُ فَلَا غَالِبَ لَكُمْ ۖ وَإِن يَخْذُلْكُمْ فَمَن ذَا الَّذِي يَنصُرُكُم مِّن بَعْدِهِ ۗ وَعَلَى اللَّهِ فَلْيَتَوَكَّلِ الْمُؤْمِنُونَ (160)
Niyaba Imana yarabakingiye bimwe vy’ukuri, rero ntayindi ishobora kubatsinda, nahone niyabareka gutyo ni nde azoba kingira inyuma yayo? Rero aba Isilamu nibizere Imana yabo y’ukuri
وَمَا كَانَ لِنَبِيٍّ أَن يَغُلَّ ۚ وَمَن يَغْلُلْ يَأْتِ بِمَا غَلَّ يَوْمَ الْقِيَامَةِ ۚ ثُمَّ تُوَفَّىٰ كُلُّ نَفْسٍ مَّا كَسَبَتْ وَهُمْ لَا يُظْلَمُونَ (161)
Kandi ntibishoboka kuntumwa y’Imana kugira inzigo, n’uwuzogira inzigo azobizana ivyo yagiriye ko iyo nzigo hanyuma umuntu uwariwe wese azorihwa kuvyo yakoreye kandi ntibazo hemukirwa
أَفَمَنِ اتَّبَعَ رِضْوَانَ اللَّهِ كَمَن بَاءَ بِسَخَطٍ مِّنَ اللَّهِ وَمَأْوَاهُ جَهَنَّمُ ۚ وَبِئْسَ الْمَصِيرُ (162)
Mbega uwakurikiye ivyanejereje Imana ni nk’umwe yari akwiriye ishavu ry’Imana, n’ubw’icaro bwiwe bukaba ari ubwo mu muriro udahera, naho n’ahantu habi cane haho umuntu atokwipfuza gusubira yo
هُمْ دَرَجَاتٌ عِندَ اللَّهِ ۗ وَاللَّهُ بَصِيرٌ بِمَا يَعْمَلُونَ (163)
Abo bantu bari n’iteka imbere y’Imana, nayo niyo ibona ibintu vyose bagira
لَقَدْ مَنَّ اللَّهُ عَلَى الْمُؤْمِنِينَ إِذْ بَعَثَ فِيهِمْ رَسُولًا مِّنْ أَنفُسِهِمْ يَتْلُو عَلَيْهِمْ آيَاتِهِ وَيُزَكِّيهِمْ وَيُعَلِّمُهُمُ الْكِتَابَ وَالْحِكْمَةَ وَإِن كَانُوا مِن قَبْلُ لَفِي ضَلَالٍ مُّبِينٍ (164)
Mu vy’ukuri Imana yarabagiriye Impuhwe zitagira uko zingana cane cane aba Isilamu, mu kubazanira intumwa y’Imana yo muribo iba somera amajambo yayo n’ukubasukura hamwe n’ukubigisha igitabu hamwe n’ubuhizi, kandi ntankeka imbere yivyo vyose bari mu buzimire buri k’umugaragaro
أَوَلَمَّا أَصَابَتْكُم مُّصِيبَةٌ قَدْ أَصَبْتُم مِّثْلَيْهَا قُلْتُمْ أَنَّىٰ هَٰذَا ۖ قُلْ هُوَ مِنْ عِندِ أَنفُسِكُمْ ۗ إِنَّ اللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (165)
Mwebwe mugihe mwashikirwa n’ivyago kuri mwebwe mwamaze kugira abansi banyu incuro zibiri z’ubwo bubisha muvuga muti:- ubwo bwansi bwavuye hehe? Vuga uti:- ubwo bwansi bwavuye iwanyu mu vy’ukuri Imana niyo nyene ububasha buri hejuru y’ibintu vyose
وَمَا أَصَابَكُمْ يَوْمَ الْتَقَى الْجَمْعَانِ فَبِإِذْنِ اللَّهِ وَلِيَعْلَمَ الْمُؤْمِنِينَ (166)
N’ivyago vyabashikiye kuri wa musi wihwaniro z’ingabo zose uko ari zibiri vyose vyari kw’itegeko ry’Imana, nukuba tandukanya abemeye Imana yabo y’ukuri
وَلِيَعْلَمَ الَّذِينَ نَافَقُوا ۚ وَقِيلَ لَهُمْ تَعَالَوْا قَاتِلُوا فِي سَبِيلِ اللَّهِ أَوِ ادْفَعُوا ۖ قَالُوا لَوْ نَعْلَمُ قِتَالًا لَّاتَّبَعْنَاكُمْ ۗ هُمْ لِلْكُفْرِ يَوْمَئِذٍ أَقْرَبُ مِنْهُمْ لِلْإِيمَانِ ۚ يَقُولُونَ بِأَفْوَاهِهِم مَّا لَيْسَ فِي قُلُوبِهِمْ ۗ وَاللَّهُ أَعْلَمُ بِمَا يَكْتُمُونَ (167)
Nukuba tandukanya abamye ari ababeshi nabo babwiwe bati:- nimuze murwane munzira y’Imana canke muzitire, nabo baciye bavuga bati:- iyo tubimenya yuko hariho ingwano, ntankeka twari kuba kurikira kuko wamusi bari hafi y’ubuhakanyi gusumba ubu Isilamu, bavugisha iminwa yabo gusa kubitari mumishaha yabo, n’Imana niyo ifise ubumenyi buhagije bwivyo bagira vyose
الَّذِينَ قَالُوا لِإِخْوَانِهِمْ وَقَعَدُوا لَوْ أَطَاعُونَا مَا قُتِلُوا ۗ قُلْ فَادْرَءُوا عَنْ أَنفُسِكُمُ الْمَوْتَ إِن كُنتُمْ صَادِقِينَ (168)
Abavuze kuri bene wabo n’ukutagenda k’urugamba iyo batu gamburukira ntibari kwicwa, nawe vuga uti:- nimwikureko urwo rupfu nimwaba muvugisha ukuri kwama
وَلَا تَحْسَبَنَّ الَّذِينَ قُتِلُوا فِي سَبِيلِ اللَّهِ أَمْوَاتًا ۚ بَلْ أَحْيَاءٌ عِندَ رَبِّهِمْ يُرْزَقُونَ (169)
Kandi ntimwiyumvire yuko bamwe bitavye Umuremyi wabo bari munzira y’Imana ngo n’abapfuye, ahubwo ni bazima bahabwa imihezagiro ivuye k’Umuremyi wabo
فَرِحِينَ بِمَا آتَاهُمُ اللَّهُ مِن فَضْلِهِ وَيَسْتَبْشِرُونَ بِالَّذِينَ لَمْ يَلْحَقُوا بِهِم مِّنْ خَلْفِهِمْ أَلَّا خَوْفٌ عَلَيْهِمْ وَلَا هُمْ يَحْزَنُونَ (170)
Banezerezwa nivyo Imana yabahaye kumigisha yayo nugusamarira kuri bamwe batiyunze nabo bari inyuma yabo yuko ata bwoba buzoba buri kuribo canke batazo teterezwa
۞ يَسْتَبْشِرُونَ بِنِعْمَةٍ مِّنَ اللَّهِ وَفَضْلٍ وَأَنَّ اللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجْرَ الْمُؤْمِنِينَ (171)
Basamarira imigisha hamwe n’imihezagiro y’Imana yuko Imana idatakaza impembo z’abayemera bimwe vy’ukuri
الَّذِينَ اسْتَجَابُوا لِلَّهِ وَالرَّسُولِ مِن بَعْدِ مَا أَصَابَهُمُ الْقَرْحُ ۚ لِلَّذِينَ أَحْسَنُوا مِنْهُمْ وَاتَّقَوْا أَجْرٌ عَظِيمٌ (172)
Abitavye akamo batewe n’Imana hamwe n’intumwa y’Imana munyuma y’ibikomere baronse kubagize ibikorwa vyiza, nabo nibo batinye Imana yabo y’ukuri, abo nibo impembo yabo izoba ari niniya
الَّذِينَ قَالَ لَهُمُ النَّاسُ إِنَّ النَّاسَ قَدْ جَمَعُوا لَكُمْ فَاخْشَوْهُمْ فَزَادَهُمْ إِيمَانًا وَقَالُوا حَسْبُنَا اللَّهُ وَنِعْمَ الْوَكِيلُ (173)
Ababwiwe n’abantu yuko abantu babakoraniyeko, kuri ivyo nimubatinye mugabo ayo majambo yaciye abaha intege y’ukwemera n’ukuvuga bati:- Imana niyo iduhagije kandi niyo idukingiye neza cane
فَانقَلَبُوا بِنِعْمَةٍ مِّنَ اللَّهِ وَفَضْلٍ لَّمْ يَمْسَسْهُمْ سُوءٌ وَاتَّبَعُوا رِضْوَانَ اللَّهِ ۗ وَاللَّهُ ذُو فَضْلٍ عَظِيمٍ (174)
Baciye basubira mungwano n’imigisha y’Imana hamwe n’imihezagiro yayo, kandi nta nabi n’imwe yabakozeko nuguca bakurikiza ivyanezereje Imana, nayo niyo nyene imigisha mininiya cane
إِنَّمَا ذَٰلِكُمُ الشَّيْطَانُ يُخَوِّفُ أَوْلِيَاءَهُ فَلَا تَخَافُوهُمْ وَخَافُونِ إِن كُنتُم مُّؤْمِنِينَ (175)
Mu vy’ukuri urya yateye ubwoba bagenzi babo ni Shetani, namwe ntimubatinye ahubwo nimutinye jewe Mana yanyu ni mwaba muri aba Isilamu b’ukuri
وَلَا يَحْزُنكَ الَّذِينَ يُسَارِعُونَ فِي الْكُفْرِ ۚ إِنَّهُمْ لَن يَضُرُّوا اللَّهَ شَيْئًا ۗ يُرِيدُ اللَّهُ أَلَّا يَجْعَلَ لَهُمْ حَظًّا فِي الْآخِرَةِ ۖ وَلَهُمْ عَذَابٌ عَظِيمٌ (176)
Kandi ntibabatere agahinda bamwe birukira m’ubuhahakanyi bw’Imana y’ukuri mu vy’ukuri nta nakimwe bazogira kw’idini ry’Imana, kuko Imana igomba ntibabikire n’ahantu na hatoyi mw’Ijuru kandi hazoba kuribo ibihano bibabaza cane
إِنَّ الَّذِينَ اشْتَرَوُا الْكُفْرَ بِالْإِيمَانِ لَن يَضُرُّوا اللَّهَ شَيْئًا وَلَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ (177)
Mu vy’ukuri bamwe batoye inzira y’ubuhakanyi bw’Imana y’ukuri gusumba ubu Isilamu, abo bantu ntibazo shobora kugirira inabi iyariyo yose idini ry’Imana, ahubwo kuribo hazoba hariho ibihano bibabaza cane
وَلَا يَحْسَبَنَّ الَّذِينَ كَفَرُوا أَنَّمَا نُمْلِي لَهُمْ خَيْرٌ لِّأَنفُسِهِمْ ۚ إِنَّمَا نُمْلِي لَهُمْ لِيَزْدَادُوا إِثْمًا ۚ وَلَهُمْ عَذَابٌ مُّهِينٌ (178)
Kandi ntibiyumvire bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri yuko iki kiringo cose twabahaye arico ciza kuribo, mu vy’ukuri tubaha uwo mwanya w’ukwongereza ibicumuro muri ico kiringo kandi bikazoba kuribo ari ibihano bizoba tetereza
مَّا كَانَ اللَّهُ لِيَذَرَ الْمُؤْمِنِينَ عَلَىٰ مَا أَنتُمْ عَلَيْهِ حَتَّىٰ يَمِيزَ الْخَبِيثَ مِنَ الطَّيِّبِ ۗ وَمَا كَانَ اللَّهُ لِيُطْلِعَكُمْ عَلَى الْغَيْبِ وَلَٰكِنَّ اللَّهَ يَجْتَبِي مِن رُّسُلِهِ مَن يَشَاءُ ۖ فَآمِنُوا بِاللَّهِ وَرُسُلِهِ ۚ وَإِن تُؤْمِنُوا وَتَتَّقُوا فَلَكُمْ أَجْرٌ عَظِيمٌ (179)
Nti bibaho ku Mana guta aba Isilamu mubuzima barimwo kugeza aho izo tandukanya abantu babi gusumba abantu beza, kandi ntibibaho ku Mana kubamenyesha ibintu bitarabaho, ahubwo Imana itora mu ntumwa zayo uwo yishakiye, rero ni mwemere Imana yanyu y’ukuri hamwe n’intumwa zayo, kandi nimwemera bimwe biboneka n’ukuyitinya bizoba kuri mwebwe hari impembo niniya cane
وَلَا يَحْسَبَنَّ الَّذِينَ يَبْخَلُونَ بِمَا آتَاهُمُ اللَّهُ مِن فَضْلِهِ هُوَ خَيْرًا لَّهُم ۖ بَلْ هُوَ شَرٌّ لَّهُمْ ۖ سَيُطَوَّقُونَ مَا بَخِلُوا بِهِ يَوْمَ الْقِيَامَةِ ۗ وَلِلَّهِ مِيرَاثُ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ ۗ وَاللَّهُ بِمَا تَعْمَلُونَ خَبِيرٌ (180)
Kandi ntibarabe bamwe bigira ingumyi muvyo Imana yabahaye mumigisha yayo yuko ariyo myiza kuri bo, oya! Ivyo bintu bagira ni bibi kuribo, ahubwo bazobohwa n’ivyuma kumazosi yabo kuvyo bagize kubera ukuba kwabo kw’ingumyi kuri uwo musi w’imperuka, rero ibisigi vyo mw’Ijuru no kw’Isi ni vy’Imana, nayo niyo ifise inkuru zivyo mugira vyose
لَّقَدْ سَمِعَ اللَّهُ قَوْلَ الَّذِينَ قَالُوا إِنَّ اللَّهَ فَقِيرٌ وَنَحْنُ أَغْنِيَاءُ ۘ سَنَكْتُبُ مَا قَالُوا وَقَتْلَهُمُ الْأَنبِيَاءَ بِغَيْرِ حَقٍّ وَنَقُولُ ذُوقُوا عَذَابَ الْحَرِيقِ (181)
Imana n’umukene n’ubwicanyi iramaze kwumva amajambo natwe n’abatunzi, tukaba bwabo bw’ukwica intumwa ya bamwe bavuga bati:- Imana tuvyanditse ibi vyose bavuze z’Imana atamvo n’imwe z’ukuri bafise, kandi tuzobabwira k’umusi w’imperuka duti:- nimuhonje ibihano bibaturira
ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتْ أَيْدِيكُمْ وَأَنَّ اللَّهَ لَيْسَ بِظَلَّامٍ لِّلْعَبِيدِ (182)
Ibi vyose n’ukubera ivyo amaboko yanyu yatanguje kugira, kandi n’Imana si umuhemu kubashumvyi biwe
الَّذِينَ قَالُوا إِنَّ اللَّهَ عَهِدَ إِلَيْنَا أَلَّا نُؤْمِنَ لِرَسُولٍ حَتَّىٰ يَأْتِيَنَا بِقُرْبَانٍ تَأْكُلُهُ النَّارُ ۗ قُلْ قَدْ جَاءَكُمْ رُسُلٌ مِّن قَبْلِي بِالْبَيِّنَاتِ وَبِالَّذِي قُلْتُمْ فَلِمَ قَتَلْتُمُوهُمْ إِن كُنتُمْ صَادِقِينَ (183)
Bamwe bavuga bati:- Imana yara twemereye yuko tutemera intumwa y’Imana iyariyo yose kugeza aho izotuzanira itambikiro rizoribwa n’umuriro, vuga uti:- mwarashikiwe n’intumwa z’Imana imbere yanje zifise n’ivyemezo biri k’umugaragaro hamwe nibi vyose muriko muravuga, none ko mwaba gandaguye nimwaba mwari mu bantu bavugisha ukuri
فَإِن كَذَّبُوكَ فَقَدْ كُذِّبَ رُسُلٌ مِّن قَبْلِكَ جَاءُوا بِالْبَيِّنَاتِ وَالزُّبُرِ وَالْكِتَابِ الْمُنِيرِ (184)
Niba guhakana wewe ntumwa y’Imana umenye yuko bahakanye intumwa nyinshi z’Imana imbere yawe, baje bafise ivyemezo biri k’umugaragaro hamwe n’ibitabu birimwo ubuhizi hamwe n’ibitabu birimwo umuco mwiza
كُلُّ نَفْسٍ ذَائِقَةُ الْمَوْتِ ۗ وَإِنَّمَا تُوَفَّوْنَ أُجُورَكُمْ يَوْمَ الْقِيَامَةِ ۖ فَمَن زُحْزِحَ عَنِ النَّارِ وَأُدْخِلَ الْجَنَّةَ فَقَدْ فَازَ ۗ وَمَا الْحَيَاةُ الدُّنْيَا إِلَّا مَتَاعُ الْغُرُورِ (185)
Umutima uwariwo wose uzohonja urupfu, kandi ntankeka muzoronswa impembo yanyu ikwiye k’umusi w’imperuka, nayo uwuzoba yashizwe kure y’umuriro udahera n’ukwinjizwa mw’Ijuru, uyo muntu azoba afise intsinzi nyakuri, n’ubuzima bwo ngaha kw’Isi ntakirimwo namba atari amahirwe ahenda abantu gusa
۞ لَتُبْلَوُنَّ فِي أَمْوَالِكُمْ وَأَنفُسِكُمْ وَلَتَسْمَعُنَّ مِنَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ مِن قَبْلِكُمْ وَمِنَ الَّذِينَ أَشْرَكُوا أَذًى كَثِيرًا ۚ وَإِن تَصْبِرُوا وَتَتَّقُوا فَإِنَّ ذَٰلِكَ مِنْ عَزْمِ الْأُمُورِ (186)
Muzo ronka ingorane kumatungo yanyu hamwe no kumitima yanyu, kandi muzo kwumva ibintu biba shavuza vyinshi ku bantu bahawe igitabu imbere yanyu, hamwe na bamwe bafadikanije namwe, rero nimwigumya n’ukwirinda kuvyabujijwe n’Imana kubera yuko ibi bintu ni mubintu bininiya cane vyaho umuntu uwariwe wese yo kwitanga mukugira
وَإِذْ أَخَذَ اللَّهُ مِيثَاقَ الَّذِينَ أُوتُوا الْكِتَابَ لَتُبَيِّنُنَّهُ لِلنَّاسِ وَلَا تَكْتُمُونَهُ فَنَبَذُوهُ وَرَاءَ ظُهُورِهِمْ وَاشْتَرَوْا بِهِ ثَمَنًا قَلِيلًا ۖ فَبِئْسَ مَا يَشْتَرُونَ (187)
Ubibutse igihe Imana yapfundika amasezerano na bamwe bahawe igitabu c’Imana gitagatifu ibabwira iti:- ni ngombwa iki gitabu mugisigurire abantu kandi ntimukinyegeze, mugabo bagitaye inyuma y’imigongo yabo baca bitorera amatungo makeyi gusa, rero n’ububisha bumeze gute bw’uko gutora
لَا تَحْسَبَنَّ الَّذِينَ يَفْرَحُونَ بِمَا أَتَوا وَّيُحِبُّونَ أَن يُحْمَدُوا بِمَا لَمْ يَفْعَلُوا فَلَا تَحْسَبَنَّهُم بِمَفَازَةٍ مِّنَ الْعَذَابِ ۖ وَلَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ (188)
Ntiwikeke yuko bamwe banezerejwe n’ibintu bibi bagize bagakunda yuko bahayagizwa kuvyo batagize, ntiwipfuze yuko bazokizwa n’ibihano bizoba biri kuribo kandi bibabaza cane
وَلِلَّهِ مُلْكُ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ ۗ وَاللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (189)
N’ubwami bw’Amajuru n’Isi nubw’Imana, n’Imana niyo nyene ububasha buri hejuru y’ibintu vyose
إِنَّ فِي خَلْقِ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ وَاخْتِلَافِ اللَّيْلِ وَالنَّهَارِ لَآيَاتٍ لِّأُولِي الْأَلْبَابِ (190)
Mukuremwa kw’Amajuru n’Isi, n’ikurikiranwa kw’Ijoro n’Umutaga, hariho ivyemezo ku bantu bafise ubwenge
الَّذِينَ يَذْكُرُونَ اللَّهَ قِيَامًا وَقُعُودًا وَعَلَىٰ جُنُوبِهِمْ وَيَتَفَكَّرُونَ فِي خَلْقِ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ رَبَّنَا مَا خَلَقْتَ هَٰذَا بَاطِلًا سُبْحَانَكَ فَقِنَا عَذَابَ النَّارِ (191)
Abibuka Imana yabo y’ukuri nabo bahagaze canke bicaye canke baryamye n’ukwibuka iremwa ry’Amajuru hamwe n’Isi, bavuga bati:- Muremyi wacu ntiwabiremye ibi vyose ngo bibe ivy’impfagusa, ahubwo iteka nirwawe, rero n’udukingire n’ibihano vyo mu muriro udahera
رَبَّنَا إِنَّكَ مَن تُدْخِلِ النَّارَ فَقَدْ أَخْزَيْتَهُ ۖ وَمَا لِلظَّالِمِينَ مِنْ أَنصَارٍ (192)
Muremyi wacu, bamwe uzokwinjiza mumuriro udahera ntakundi uzoba waba kengereye kandi ntihazoba abafasha kubera ubwo buhemu bw’imitima yabo
رَّبَّنَا إِنَّنَا سَمِعْنَا مُنَادِيًا يُنَادِي لِلْإِيمَانِ أَنْ آمِنُوا بِرَبِّكُمْ فَآمَنَّا ۚ رَبَّنَا فَاغْفِرْ لَنَا ذُنُوبَنَا وَكَفِّرْ عَنَّا سَيِّئَاتِنَا وَتَوَفَّنَا مَعَ الْأَبْرَارِ (193)
Muremyi wacu, twebwe twumvise umuhamagazi ahamagara yuko twogendera ubu Isilamu n’ukwemera Umuremyi wanyu natwe turemera, Muremyi wacu n’utugirire ikigongwe kubicumuro vyacu nukuduha nagurira amakosa yacu, kandi tuze dusandabe turi kumwe n’abantu beranda
رَبَّنَا وَآتِنَا مَا وَعَدتَّنَا عَلَىٰ رُسُلِكَ وَلَا تُخْزِنَا يَوْمَ الْقِيَامَةِ ۗ إِنَّكَ لَا تُخْلِفُ الْمِيعَادَ (194)
Muremyi wacu, n’uduhe ivyo watwemereye bivuye kuntumwa zawe zose, kandi ntudutetereze kuri uwo musi w’imperuka, ntankeka kuri wewe ntuta indagano zawe
فَاسْتَجَابَ لَهُمْ رَبُّهُمْ أَنِّي لَا أُضِيعُ عَمَلَ عَامِلٍ مِّنكُم مِّن ذَكَرٍ أَوْ أُنثَىٰ ۖ بَعْضُكُم مِّن بَعْضٍ ۖ فَالَّذِينَ هَاجَرُوا وَأُخْرِجُوا مِن دِيَارِهِمْ وَأُوذُوا فِي سَبِيلِي وَقَاتَلُوا وَقُتِلُوا لَأُكَفِّرَنَّ عَنْهُمْ سَيِّئَاتِهِمْ وَلَأُدْخِلَنَّهُمْ جَنَّاتٍ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ ثَوَابًا مِّنْ عِندِ اللَّهِ ۗ وَاللَّهُ عِندَهُ حُسْنُ الثَّوَابِ (195)
Yarabemereye Umuremyi wabo, yuko mu vy’ukuri ntazotakaza ingoga z’uwugira ingoga muri mwebwe yaba umugabo canke umugore, mwebwe kuri mwebwe, rero abimutse canke abirukanywe mu bisagara vyabo n’ukubabazwa munzira yanje n’ukurwana bagatako n’ukwicwa bakicwa, mu vyukuri nzoba hanagurira amakosa yabo kandi nzobinjiza mumirima icamwo inzuzi imbere yabo, iyo niyo mpembo izoba ivuye ku Mana, nayo iwe niho hari impembo nziza
لَا يَغُرَّنَّكَ تَقَلُّبُ الَّذِينَ كَفَرُوا فِي الْبِلَادِ (196)
Ntugahendwe n’ukugenda n’ukugaruka kwabo bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri bari muri ivyo bisagara
مَتَاعٌ قَلِيلٌ ثُمَّ مَأْوَاهُمْ جَهَنَّمُ ۚ وَبِئْسَ الْمِهَادُ (197)
N’amahirwe makeyi cane hanyuma ubwicaro bw’abo bahakanyi b’Imana y’ukuri buzoba ari ubwo mumuriro udahera, naho n’ahantu habi cane hameze gute hukuruhukira mwo
لَٰكِنِ الَّذِينَ اتَّقَوْا رَبَّهُمْ لَهُمْ جَنَّاتٌ تَجْرِي مِن تَحْتِهَا الْأَنْهَارُ خَالِدِينَ فِيهَا نُزُلًا مِّنْ عِندِ اللَّهِ ۗ وَمَا عِندَ اللَّهِ خَيْرٌ لِّلْأَبْرَارِ (198)
Mugabo abatinye Umuremyi wabo bimwe bivuye kumizirikanyi yabo bazoronswa imiririma icamwo inzuzi imbere yabo, bakazobayo mu buzima bwabo bwose, iryo niryo kaze ryabo rivuye ku Mana, n’ibiri kuriyo nivyo vyiza cane ku bantu beranda
وَإِنَّ مِنْ أَهْلِ الْكِتَابِ لَمَن يُؤْمِنُ بِاللَّهِ وَمَا أُنزِلَ إِلَيْكُمْ وَمَا أُنزِلَ إِلَيْهِمْ خَاشِعِينَ لِلَّهِ لَا يَشْتَرُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ ثَمَنًا قَلِيلًا ۗ أُولَٰئِكَ لَهُمْ أَجْرُهُمْ عِندَ رَبِّهِمْ ۗ إِنَّ اللَّهَ سَرِيعُ الْحِسَابِ (199)
Mu bantu bahawe igitabu c’Imana gitagatifu, harimwo abemera Imana yabo bimwe vy’ukuri hamwe n’ivyamanuwe kuri mwebwe hamwe n’ivyamanuwe kuribo nuku gamburukira Imana, kandi ntibagurisha amajambo y’Imana matagatifu ku kiguzi gitoyi, abo nibo bafise impembo yabo ku Muremyi wabo, mu vy’ukuri Imana irahwahutse mu guharura
يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا اصْبِرُوا وَصَابِرُوا وَرَابِطُوا وَاتَّقُوا اللَّهَ لَعَلَّكُمْ تُفْلِحُونَ (200)
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni mwihangane, kandi mu batsinde abagereranya Imana y’ukuri n’ibindi bintu, kandi mube urunani rutamenwa, n’ugut inya Imana yanyu y’ukuri kugira ngo muronke intsinzi nyakuri
❮ السورة السابقة السورة التـالية ❯

قراءة المزيد من سور القرآن الكريم :

1- الفاتحة2- البقرة3- آل عمران
4- النساء5- المائدة6- الأنعام
7- الأعراف8- الأنفال9- التوبة
10- يونس11- هود12- يوسف
13- الرعد14- إبراهيم15- الحجر
16- النحل17- الإسراء18- الكهف
19- مريم20- طه21- الأنبياء
22- الحج23- المؤمنون24- النور
25- الفرقان26- الشعراء27- النمل
28- القصص29- العنكبوت30- الروم
31- لقمان32- السجدة33- الأحزاب
34- سبأ35- فاطر36- يس
37- الصافات38- ص39- الزمر
40- غافر41- فصلت42- الشورى
43- الزخرف44- الدخان45- الجاثية
46- الأحقاف47- محمد48- الفتح
49- الحجرات50- ق51- الذاريات
52- الطور53- النجم54- القمر
55- الرحمن56- الواقعة57- الحديد
58- المجادلة59- الحشر60- الممتحنة
61- الصف62- الجمعة63- المنافقون
64- التغابن65- الطلاق66- التحريم
67- الملك68- القلم69- الحاقة
70- المعارج71- نوح72- الجن
73- المزمل74- المدثر75- القيامة
76- الإنسان77- المرسلات78- النبأ
79- النازعات80- عبس81- التكوير
82- الإنفطار83- المطففين84- الانشقاق
85- البروج86- الطارق87- الأعلى
88- الغاشية89- الفجر90- البلد
91- الشمس92- الليل93- الضحى
94- الشرح95- التين96- العلق
97- القدر98- البينة99- الزلزلة
100- العاديات101- القارعة102- التكاثر
103- العصر104- الهمزة105- الفيل
106- قريش107- الماعون108- الكوثر
109- الكافرون110- النصر111- المسد
112- الإخلاص113- الفلق114- الناس