×

سورة الأحقاف باللغة الكيروندية

ترجمات القرآنباللغة الكيروندية ⬅ سورة الأحقاف

ترجمة معاني سورة الأحقاف باللغة الكيروندية - Rundi

القرآن باللغة الكيروندية - سورة الأحقاف مترجمة إلى اللغة الكيروندية، Surah Ahqaf in Rundi. نوفر ترجمة دقيقة سورة الأحقاف باللغة الكيروندية - Rundi, الآيات 35 - رقم السورة 46 - الصفحة 502.

بسم الله الرحمن الرحيم

حم (1)
Haa, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)
تَنزِيلُ الْكِتَابِ مِنَ اللَّهِ الْعَزِيزِ الْحَكِيمِ (2)
Imanurwa ryiki gitabu gitagatifu ca Qur’aani ryavuye ku Mana, nyene ubushobozi n’ubuhizi buhagije
مَا خَلَقْنَا السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ وَمَا بَيْنَهُمَا إِلَّا بِالْحَقِّ وَأَجَلٍ مُّسَمًّى ۚ وَالَّذِينَ كَفَرُوا عَمَّا أُنذِرُوا مُعْرِضُونَ (3)
Ntitwaremye aya Majuru n’Isi canke ibiri hagati yavyo atari uko vyose ari ivy’ukuri, kandi ku kiringo categekanijwe, n’abahakanye Imana yabo y’ukuri barirengagiza kubutumwa batuzwa
قُلْ أَرَأَيْتُم مَّا تَدْعُونَ مِن دُونِ اللَّهِ أَرُونِي مَاذَا خَلَقُوا مِنَ الْأَرْضِ أَمْ لَهُمْ شِرْكٌ فِي السَّمَاوَاتِ ۖ ائْتُونِي بِكِتَابٍ مِّن قَبْلِ هَٰذَا أَوْ أَثَارَةٍ مِّنْ عِلْمٍ إِن كُنتُمْ صَادِقِينَ (4)
N’uvuge uti:- mbega mubona gute bamwe musenga, n’ukureka Imana y’ukuri, ni munyereke ico baremye ngaha kw’Isi, canke barafise ishirahamwe ry’ibiri mu majuru? Ni munzanire igitabu camyeho imbere yiki, canke ikimenyetso icarico cose c’ubumenyi, ni mwaba muvugisha ukuri
وَمَنْ أَضَلُّ مِمَّن يَدْعُو مِن دُونِ اللَّهِ مَن لَّا يَسْتَجِيبُ لَهُ إِلَىٰ يَوْمِ الْقِيَامَةِ وَهُمْ عَن دُعَائِهِمْ غَافِلُونَ (5)
N’abazimiye bakuru nibande gusumba bamwe basaba abatari Imana y’ukuri, nabo batazo bishura kugeza k’umusi w’imperuka, kandi batazi n’ibisabisho vy’abo
وَإِذَا حُشِرَ النَّاسُ كَانُوا لَهُمْ أَعْدَاءً وَكَانُوا بِعِبَادَتِهِمْ كَافِرِينَ (6)
Mugihe bazokwegeranywa abantu bazoba ari abansi b’abandi, kandi bazohakana amasengesho y’abo
وَإِذَا تُتْلَىٰ عَلَيْهِمْ آيَاتُنَا بَيِّنَاتٍ قَالَ الَّذِينَ كَفَرُوا لِلْحَقِّ لَمَّا جَاءَهُمْ هَٰذَا سِحْرٌ مُّبِينٌ (7)
Mugihe bazosomerwa amajambo yacu matagatifu ari kumugaragaro, bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bazo vuga hejuru y’ukuri kuba shikira bati:- ubu n’uburozi buri k’umugaragaro
أَمْ يَقُولُونَ افْتَرَاهُ ۖ قُلْ إِنِ افْتَرَيْتُهُ فَلَا تَمْلِكُونَ لِي مِنَ اللَّهِ شَيْئًا ۖ هُوَ أَعْلَمُ بِمَا تُفِيضُونَ فِيهِ ۖ كَفَىٰ بِهِ شَهِيدًا بَيْنِي وَبَيْنَكُمْ ۖ وَهُوَ الْغَفُورُ الرَّحِيمُ (8)
Canke baka vuga bati:- niwe yavyi teguriye wenyene, vuga uti:- ni naba naravyi teguriye jewe, ntaco muzo mfasha imbere y’Imana, kuko niyo ifise ubumenyi bwivyo muriko muragira, kuko niyo ihagije kuba ariyo cabona hagati yanje na mwebwe, nayo niyo ifise ikigongwe n’impuhwe nyinshi zihagije
قُلْ مَا كُنتُ بِدْعًا مِّنَ الرُّسُلِ وَمَا أَدْرِي مَا يُفْعَلُ بِي وَلَا بِكُمْ ۖ إِنْ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰ إِلَيَّ وَمَا أَنَا إِلَّا نَذِيرٌ مُّبِينٌ (9)
Vuga uti:- jewe sindi igitangaro mu ntumwa z’Imana kandi nta bumenyi mfise bw’ingene nzogirwa, canke ingene muzogirwa mwebwe, ntakindi nkurikira atari ivyo neretswe kuri jewe, kandi nta nico narimwo atari ukuba ndi uwutuza gusa, kandi mbonekana k’umugaragaro
قُلْ أَرَأَيْتُمْ إِن كَانَ مِنْ عِندِ اللَّهِ وَكَفَرْتُم بِهِ وَشَهِدَ شَاهِدٌ مِّن بَنِي إِسْرَائِيلَ عَلَىٰ مِثْلِهِ فَآمَنَ وَاسْتَكْبَرْتُمْ ۖ إِنَّ اللَّهَ لَا يَهْدِي الْقَوْمَ الظَّالِمِينَ (10)
Vuga uti:- mbega mubona gute iki gitabu nicaba kivuye ku Mana namwe mwagi hakanye n’ivyabona muri bene Israeri bari ivyabona k’uburorero bwibi, batako baremera ibi vyose, namwe mukagira amanyama, mu vy’ukuri Imana ntirongora abantu bahemukiye imitima yabo
وَقَالَ الَّذِينَ كَفَرُوا لِلَّذِينَ آمَنُوا لَوْ كَانَ خَيْرًا مَّا سَبَقُونَا إِلَيْهِ ۚ وَإِذْ لَمْ يَهْتَدُوا بِهِ فَسَيَقُولُونَ هَٰذَا إِفْكٌ قَدِيمٌ (11)
N’abahakanye Imana yabo y’ukuri barababwiye aba Isilamu bati:- iyo iba ari inzira y’amahoro, ntibari kudutanga mugihe batashoboye kurongoka kuri ibi, niho bavuze bati:- ubu n’ububeshi bw’abantu bakera
وَمِن قَبْلِهِ كِتَابُ مُوسَىٰ إِمَامًا وَرَحْمَةً ۚ وَهَٰذَا كِتَابٌ مُّصَدِّقٌ لِّسَانًا عَرَبِيًّا لِّيُنذِرَ الَّذِينَ ظَلَمُوا وَبُشْرَىٰ لِلْمُحْسِنِينَ (12)
N’imbere yiwe hari igitabu c’intumwa y’Imana Mussa (iii) kirongora kandi gifise impuhwe, niki n’igitabu cemeza kiri mururimi rw’icarabu, kugira ngo gituze bamwe bahemukiye imitima yabo, kandi kibe ikimenyetso c’abagira ineza
إِنَّ الَّذِينَ قَالُوا رَبُّنَا اللَّهُ ثُمَّ اسْتَقَامُوا فَلَا خَوْفٌ عَلَيْهِمْ وَلَا هُمْ يَحْزَنُونَ (13)
Mu vy’ukuri bamwe bavuga bati:- Umuremyi wacu ni Mana, hanyuma bagatumbera inzira y’ukuri, abo ntabwoba bazoba bafise, kandi ntibazoteterwa
أُولَٰئِكَ أَصْحَابُ الْجَنَّةِ خَالِدِينَ فِيهَا جَزَاءً بِمَا كَانُوا يَعْمَلُونَ (14)
Abo nibo bantu bo mw’Ijuru, bazobayo mu buzima bwabo bwose n’impembo yivyo bahora bagira
وَوَصَّيْنَا الْإِنسَانَ بِوَالِدَيْهِ إِحْسَانًا ۖ حَمَلَتْهُ أُمُّهُ كُرْهًا وَوَضَعَتْهُ كُرْهًا ۖ وَحَمْلُهُ وَفِصَالُهُ ثَلَاثُونَ شَهْرًا ۚ حَتَّىٰ إِذَا بَلَغَ أَشُدَّهُ وَبَلَغَ أَرْبَعِينَ سَنَةً قَالَ رَبِّ أَوْزِعْنِي أَنْ أَشْكُرَ نِعْمَتَكَ الَّتِي أَنْعَمْتَ عَلَيَّ وَعَلَىٰ وَالِدَيَّ وَأَنْ أَعْمَلَ صَالِحًا تَرْضَاهُ وَأَصْلِحْ لِي فِي ذُرِّيَّتِي ۖ إِنِّي تُبْتُ إِلَيْكَ وَإِنِّي مِنَ الْمُسْلِمِينَ (15)
Twarahanuye umuntu ngo agire ineza kubavyeyi biwe, kuko nyina wiwe yasamye imbanyi yiwe n’ingorane, n’ukumwibaruka muri izo ngorane nyene, n’ugusama kwiwe kugeza naho acuka kwafashe amezi mirongo itatu, kugeza naho ashika mubigero vyiwe n’ugushikana imyaka mirongo ine y’amavuko n’ukuvuga ati:- ewe Muremyi wanje, n’umfashe nshimire imigisha yawe wampaye hamwe n’abavyeyi banje, kandi umfashe kugira ibikorwa vyiza ukunda kandi ungarukire kubibondo vyanje, mu vy’ukuri jewe ndasavye ikigongwe kuri wewe, kandi mu vy’ukuri jewe ndi mubantu bemeye
أُولَٰئِكَ الَّذِينَ نَتَقَبَّلُ عَنْهُمْ أَحْسَنَ مَا عَمِلُوا وَنَتَجَاوَزُ عَن سَيِّئَاتِهِمْ فِي أَصْحَابِ الْجَنَّةِ ۖ وَعْدَ الصِّدْقِ الَّذِي كَانُوا يُوعَدُونَ (16)
Abo nibo bantu twemerera ibikorwa vyabo vyiza bagize, hanyuma dugaca turengana iruhande y’ibikorwa vyabo bibi bakoze mubantu bo mw’ijuru kundagano z’ukuri bemerewe
وَالَّذِي قَالَ لِوَالِدَيْهِ أُفٍّ لَّكُمَا أَتَعِدَانِنِي أَنْ أُخْرَجَ وَقَدْ خَلَتِ الْقُرُونُ مِن قَبْلِي وَهُمَا يَسْتَغِيثَانِ اللَّهَ وَيْلَكَ آمِنْ إِنَّ وَعْدَ اللَّهِ حَقٌّ فَيَقُولُ مَا هَٰذَا إِلَّا أَسَاطِيرُ الْأَوَّلِينَ (17)
N’uwubwira abavyeyi biwe ijambo ry’akagayo, mukubatyoza n’ukubabwira yuko we azozurwa haciye ibinjana vyinshi imbere yabo, nabo bavyeyi babiri baguma basaba imfashanyo ku Mana, ahubwo ni wemere mu vy’ukuri indagano y’Imana ni y’ukuri, mugabo we yama yivugira ati:- ntivyari kuba ibi vyose mugabo n’ibigeragezo vyakorwa n’abantu baho hambere
أُولَٰئِكَ الَّذِينَ حَقَّ عَلَيْهِمُ الْقَوْلُ فِي أُمَمٍ قَدْ خَلَتْ مِن قَبْلِهِم مِّنَ الْجِنِّ وَالْإِنسِ ۖ إِنَّهُمْ كَانُوا خَاسِرِينَ (18)
Abo nibo bantu intahe yategerezwa kuba kuribo hamwe n’ibihugu vyamyeho imbere yabo harimwo ibisigo n’abantu, mu vy’ukuri abo nibo bantu bitaye mu ruhombo
وَلِكُلٍّ دَرَجَاتٌ مِّمَّا عَمِلُوا ۖ وَلِيُوَفِّيَهُمْ أَعْمَالَهُمْ وَهُمْ لَا يُظْلَمُونَ (19)
Bose bazoba bafise urugero rumwe kuvyo bakoze kugira ngo Imana ize ibarihe kubikorwa vyabo nabone ntibazo hemukirwa
وَيَوْمَ يُعْرَضُ الَّذِينَ كَفَرُوا عَلَى النَّارِ أَذْهَبْتُمْ طَيِّبَاتِكُمْ فِي حَيَاتِكُمُ الدُّنْيَا وَاسْتَمْتَعْتُم بِهَا فَالْيَوْمَ تُجْزَوْنَ عَذَابَ الْهُونِ بِمَا كُنتُمْ تَسْتَكْبِرُونَ فِي الْأَرْضِ بِغَيْرِ الْحَقِّ وَبِمَا كُنتُمْ تَفْسُقُونَ (20)
N’umusi bazoshirwa abahakanye Imana yabo y’ukuri imbere y’umuriro udahera babwirwe bati:- mwara takaje ibintu vyanyu vyiza vyo mu buzima bwanyu bwo kw’Isi, mwebwe mwari nezereje kuri ivyo bintu, rero uno musi mura ronswa ibihano vy’ibimaramare kubera kurya kwishima kwanyu gusa ngaha kw’Isi, kandi kubera ukwiyonkora kwanyu
۞ وَاذْكُرْ أَخَا عَادٍ إِذْ أَنذَرَ قَوْمَهُ بِالْأَحْقَافِ وَقَدْ خَلَتِ النُّذُرُ مِن بَيْنِ يَدَيْهِ وَمِنْ خَلْفِهِ أَلَّا تَعْبُدُوا إِلَّا اللَّهَ إِنِّي أَخَافُ عَلَيْكُمْ عَذَابَ يَوْمٍ عَظِيمٍ (21)
N’ubibutse kuri mwene wabo Aadi mugihe yatuza abantu biwe bo mumigina y’imisenyi, mu vy’ukuri abatuza benshi muribo bavuye imbere yiwe n’inyuma yiwe ababwira ati:- ntimusenge uwariwe wese atari Imana yonyene gusa, mu vy’ukuri jewe ntinya kuri mwebwe ibihano vyuwo musi mukuru
قَالُوا أَجِئْتَنَا لِتَأْفِكَنَا عَنْ آلِهَتِنَا فَأْتِنَا بِمَا تَعِدُنَا إِن كُنتَ مِنَ الصَّادِقِينَ (22)
Nabo bishura bati:- uzanywe iwacu kugira ngo udutandukanishe n’Imana z’acu? Rero n’utuzanire ivyo watwemereye niwaba uri mubantu bavugisha ukuri
قَالَ إِنَّمَا الْعِلْمُ عِندَ اللَّهِ وَأُبَلِّغُكُم مَّا أُرْسِلْتُ بِهِ وَلَٰكِنِّي أَرَاكُمْ قَوْمًا تَجْهَلُونَ (23)
Nawe abishura ati:- ubumenyi nyakuri buri ku Mana gusa, nanje ndabashikiriza kuvyo narungikanywe kurivyo, mugabo jewe ndababona y’uko mwebwe muri bantu bagira ibintu vy’ubujuju
فَلَمَّا رَأَوْهُ عَارِضًا مُّسْتَقْبِلَ أَوْدِيَتِهِمْ قَالُوا هَٰذَا عَارِضٌ مُّمْطِرُنَا ۚ بَلْ هُوَ مَا اسْتَعْجَلْتُم بِهِ ۖ رِيحٌ فِيهَا عَذَابٌ أَلِيمٌ (24)
Rero mugihe babona igicu gitumbereye kumyaba yabo baciye bavuga bati:- iki n’igicu kituzaniye imvura, ahubwo nivyo mwahora mwipfuza yuko vyobashikira vuba na vuba, nawo n’umuyaga muriwo harimwo ibihano bibabaza cane
تُدَمِّرُ كُلَّ شَيْءٍ بِأَمْرِ رَبِّهَا فَأَصْبَحُوا لَا يُرَىٰ إِلَّا مَسَاكِنُهُمْ ۚ كَذَٰلِكَ نَجْزِي الْقَوْمَ الْمُجْرِمِينَ (25)
Uwo muyaga n’uwuhonya ibintu vyose kw’itegeko ry’Umuremyi wayo, rero baba abata kiboneka burundu atari inzu zabo gusa, uku rero niko duhemba abantu babi
وَلَقَدْ مَكَّنَّاهُمْ فِيمَا إِن مَّكَّنَّاكُمْ فِيهِ وَجَعَلْنَا لَهُمْ سَمْعًا وَأَبْصَارًا وَأَفْئِدَةً فَمَا أَغْنَىٰ عَنْهُمْ سَمْعُهُمْ وَلَا أَبْصَارُهُمْ وَلَا أَفْئِدَتُهُم مِّن شَيْءٍ إِذْ كَانُوا يَجْحَدُونَ بِآيَاتِ اللَّهِ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُوا بِهِ يَسْتَهْزِئُونَ (26)
Ntankeka twebwe twaraba tsimbataje muvyo twaba tsimbataje ko mwebwe, kuko twabahaye amatwi n’amaso n’imitima, mugabo amatwi yabo n’amaso yabo n’imitima yabo ntaco vyabamariye n’ikintu na kimwe mugihe bahakanye amajambo y’Imana matagatifu n’ugukikuzwa kuvyo bahora bafata minenerwe
وَلَقَدْ أَهْلَكْنَا مَا حَوْلَكُم مِّنَ الْقُرَىٰ وَصَرَّفْنَا الْآيَاتِ لَعَلَّهُمْ يَرْجِعُونَ (27)
Mu vy’ukuri twebwe twarahoneje ibisagara vyaba kikuza kandi twaraba siguriye amajambo yacu matagatifu kugira ngo bikebuke ngo basubire muruhongore
فَلَوْلَا نَصَرَهُمُ الَّذِينَ اتَّخَذُوا مِن دُونِ اللَّهِ قُرْبَانًا آلِهَةً ۖ بَلْ ضَلُّوا عَنْهُمْ ۚ وَذَٰلِكَ إِفْكُهُمْ وَمَا كَانُوا يَفْتَرُونَ (28)
None ko batafashijwe nizo Mana zabo bafashe n’ukureka Imana y’ukuri kugira ngo ibegereze kuriyo ahubwo yarabahubije, n’ubwo n’ububeshi bwabo bamye bategura
وَإِذْ صَرَفْنَا إِلَيْكَ نَفَرًا مِّنَ الْجِنِّ يَسْتَمِعُونَ الْقُرْآنَ فَلَمَّا حَضَرُوهُ قَالُوا أَنصِتُوا ۖ فَلَمَّا قُضِيَ وَلَّوْا إِلَىٰ قَوْمِهِم مُّنذِرِينَ (29)
Mugihe twakuzanira umurwi w’ibisigo vyaje kwumviriza amajambo y’Imana matagatifu ya Qur’ani, rero mugihe bashika baciye bongorerana bavuga bati:- ni muceceke, n’igihe hahezwa gusomwa ayo majambo baciye basubira kuncuti z’abo kubatuza
قَالُوا يَا قَوْمَنَا إِنَّا سَمِعْنَا كِتَابًا أُنزِلَ مِن بَعْدِ مُوسَىٰ مُصَدِّقًا لِّمَا بَيْنَ يَدَيْهِ يَهْدِي إِلَى الْحَقِّ وَإِلَىٰ طَرِيقٍ مُّسْتَقِيمٍ (30)
Bavuze bati:- mwabantu bacu, mu vy’ukuri twebwe twumvise igitabu camanuwe munyuma y’intumwa y’Imana Mussa (iii) cemeza ivyabayeho imbere yiwe, kandi kikarongora abantu munzira y’ukuri, kandi kikarongora abantu munzira igororotse
يَا قَوْمَنَا أَجِيبُوا دَاعِيَ اللَّهِ وَآمِنُوا بِهِ يَغْفِرْ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمْ وَيُجِرْكُم مِّنْ عَذَابٍ أَلِيمٍ (31)
Mwa bantu bacu, ni mwitabire umushikiriza butumwa bw’Imana kandi mumwemere, namwe azobagirira ikigongwe ku bicumuro vyanyu, kandi azoba kingira n’ibihano bibabaza cane
وَمَن لَّا يُجِبْ دَاعِيَ اللَّهِ فَلَيْسَ بِمُعْجِزٍ فِي الْأَرْضِ وَلَيْسَ لَهُ مِن دُونِهِ أَوْلِيَاءُ ۚ أُولَٰئِكَ فِي ضَلَالٍ مُّبِينٍ (32)
N’abatazo mwitaba uyo mushikiriza butumwa bw’Imana, abo bantu ntibazo nanira Imana kuri iy’Isi, kandi ntababa cungereye bafise imbere y’Imana, abo n’abantu bari mu buzimire bumwe buri k’umugaragaro
أَوَلَمْ يَرَوْا أَنَّ اللَّهَ الَّذِي خَلَقَ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ وَلَمْ يَعْيَ بِخَلْقِهِنَّ بِقَادِرٍ عَلَىٰ أَن يُحْيِيَ الْمَوْتَىٰ ۚ بَلَىٰ إِنَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيْءٍ قَدِيرٌ (33)
Mbega ntibabona yuko Imana yaremye Amajuru n’Isi, kandi itarushe mu kuyarema, rero irafise ububasha bw’ukuzura aba shengeye? Egome mu vy’ukuri niyo nyene ububasha bw’ibintu vyose
وَيَوْمَ يُعْرَضُ الَّذِينَ كَفَرُوا عَلَى النَّارِ أَلَيْسَ هَٰذَا بِالْحَقِّ ۖ قَالُوا بَلَىٰ وَرَبِّنَا ۚ قَالَ فَذُوقُوا الْعَذَابَ بِمَا كُنتُمْ تَكْفُرُونَ (34)
N’umusi bazojanwa aba bahakanyi b’Imana mu muriro udahera babwirwe bati:- none ibi vyose si ivy’ukuri? Nabo bazokwishura bati:- Egome! Kw’izina ry’Imana ni vy’ukuri, nayo ice ivuga iti:- ni muhonje ivyo bihano kubera ubuhakanyi bwanyu
فَاصْبِرْ كَمَا صَبَرَ أُولُو الْعَزْمِ مِنَ الرُّسُلِ وَلَا تَسْتَعْجِل لَّهُمْ ۚ كَأَنَّهُمْ يَوْمَ يَرَوْنَ مَا يُوعَدُونَ لَمْ يَلْبَثُوا إِلَّا سَاعَةً مِّن نَّهَارٍ ۚ بَلَاغٌ ۚ فَهَلْ يُهْلَكُ إِلَّا الْقَوْمُ الْفَاسِقُونَ (35)
Rero niwigumye nk’uko bigumije za ntumwa z’Imana, zari zifise ubwihangane buniniya, kandi ntuba himirize kugahato, kuko k’umusi bazo kwibonera ivyo bemerewe bizoba nk’uko batabayeho ng’aha kw’Isi kubwabo ivyo bihano atari mumwanya w’isaha imwe gusa y’umurango, rero ubwo nibwo butumwa bukwiye, kuko hahonywa abatari abantu b’inkozi z’ibibi gusa
❮ السورة السابقة السورة التـالية ❯

قراءة المزيد من سور القرآن الكريم :

1- الفاتحة2- البقرة3- آل عمران
4- النساء5- المائدة6- الأنعام
7- الأعراف8- الأنفال9- التوبة
10- يونس11- هود12- يوسف
13- الرعد14- إبراهيم15- الحجر
16- النحل17- الإسراء18- الكهف
19- مريم20- طه21- الأنبياء
22- الحج23- المؤمنون24- النور
25- الفرقان26- الشعراء27- النمل
28- القصص29- العنكبوت30- الروم
31- لقمان32- السجدة33- الأحزاب
34- سبأ35- فاطر36- يس
37- الصافات38- ص39- الزمر
40- غافر41- فصلت42- الشورى
43- الزخرف44- الدخان45- الجاثية
46- الأحقاف47- محمد48- الفتح
49- الحجرات50- ق51- الذاريات
52- الطور53- النجم54- القمر
55- الرحمن56- الواقعة57- الحديد
58- المجادلة59- الحشر60- الممتحنة
61- الصف62- الجمعة63- المنافقون
64- التغابن65- الطلاق66- التحريم
67- الملك68- القلم69- الحاقة
70- المعارج71- نوح72- الجن
73- المزمل74- المدثر75- القيامة
76- الإنسان77- المرسلات78- النبأ
79- النازعات80- عبس81- التكوير
82- الإنفطار83- المطففين84- الانشقاق
85- البروج86- الطارق87- الأعلى
88- الغاشية89- الفجر90- البلد
91- الشمس92- الليل93- الضحى
94- الشرح95- التين96- العلق
97- القدر98- البينة99- الزلزلة
100- العاديات101- القارعة102- التكاثر
103- العصر104- الهمزة105- الفيل
106- قريش107- الماعون108- الكوثر
109- الكافرون110- النصر111- المسد
112- الإخلاص113- الفلق114- الناس